IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Makamba :Umuntu umwe n’ibikoresho vya gisirikare nivyo vyafashwe (...)

Makamba :Umuntu umwe n’ibikoresho vya gisirikare nivyo vyafashwe n’igipolisi

mardi 28 Mukakaro 2015, par Paterne

Umuntu umwe bivugwa ko ari umurwanyi yarafashwe,ibirwanisho hamwe n’impuzu za gisirikare navyo birafatwa mu ntara ya Makamba,komine Nyanza-Lac.

Umukuru w’igipolisi mu karere k’ubumanuko Eustache Ntagahoraho yavuze ko hafashwe inkoho 28 zo mu bwoko bwa kalashinkov,ibisadugu 60 vy’amasasu,amasasu 1215 hamwe n’imyambaro 23 y’impuzu za gisirikare.

Eustache Ntagahoraho amenyesha ko ico gikorwa cashobotse kubera ugukorana neza hagati y’inzego zirongoye intara hamwe n’abanyagihugu,akabeshuza kandi amakuru avuga ko hari abari mu nzego z’umutekano bitavye Imana.

Buramatari w’intara ya Makamba Gilbert Nduwayo,avuga ko abanyagihugu bari basanzwe bafatanye munda,arabahumuriza kandi akabasaba kubandanya bakorana n’inzego z’umutekano,abajejwe intwaro hamwe n’inzego z’ubutungane.

Uwafashwe avuga ko abamujanye bamubwiye ko yoja kwiga gukoresha inkoho,kugira bazoze barategera imodoka zirengana ku mabarabara yo ngaho i Makamba.

Mwomenya ko hari indwano zari zabereye mu bice vya Rukambasi,mu ntara ya Makamba,kuwa gatandatu igenekerezo rya 25 Mukakaro 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Turashimiye Ntagahoraho Na Television Y, Uburundi Kubuhinga Bwo Kwerekana Amasanamu Y. Intambara Ikibiriraho, Hamwe N, Umurwanyi Umwe Ariko Akoresha Ibirwanisho Vyinshi. Komera Turiko Turatera Imbere. Nyamitwe Yararushe Akora Wenyene Araronse Abamufasha.

  • iyo photo niyi ingozi mukigo ca otraco

  • Abajejwe umutekano buburundi barabaye umutiwamenyo kubijanye nurugamba nukuri abiterobamaze guhanagura ntanahamwe vyaribwaboneke! Ivyorero nivyo amakungu abahora? Rekangirinama abashaka guhangana nababasirikare buburundi nimusimbe muzane ibirwanisho birwanira mukirere nayokuntambarayohasi barabahanagura ntakibuza.

  • NIBAREKE AMANYANGA YABO.TURAYAZI.

  • Izo montage twarazihimvye nimureke kutubesha

  • Izo montage twarazihimvye nimureke kutubesha

  • Mbe uyo aserukira igipolisi mu ntara ya Makamba avuga ibhushane nivyabaye.Abasirikare baranse kurwana kuko batazi ivyarivyo hanyuma abapolisi baca barahunga.Izo nkoho nizo batse abapolisi banse kuja kurwana kuko babona batobishobora hanyuma baca barabica.Nico gituma atabiziga berekanye.
    Abarwanira iteka ry-igihugu bariko barabakwirikira kandi ni benshi cane.
    Ndabizi kuko jewe nkora mu gisirikare c-igihugu atariho ndi kandi sindi jenyene.
    Nta minsi myinshi isigaye muzoba mubona ko ubutegetsi bwa Nkurunziza ari irementanya kandi iri nk-imodoka iriko imanuka ku musozi wa Rukonwe canke Nyabihuna ara mafreins ifise.
    Murakaramba mwebwe mwese mwifuza iteka n-itekane mu Burundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.