Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mampi yasubiriwe na Jaguar mu gice ca nyuma ca Primusic - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Mampi yasubiriwe na Jaguar mu gice ca nyuma ca Primusic

Mampi yasubiriwe na Jaguar mu gice ca nyuma ca Primusic

vendredi 6 Nyakanga 2013

Umuririmvyi Mampi ntakije mu birori vy’igiteramo c’igice ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic. Yasubirijwe n’umuririmvyi Jaguar wo muri Kenya. Ivyo nivyamenyeshejwe n’umurwi ushinzwe gutegura iryo higanwa ry’abaririmvyi Primusic.

JPEG - 27.2 ko
Mampi

Nkuko vyari vyamenyeshejwe n’umurwi utunganya ihiganwa rya Primusic ko umuririmvyi Mampi akomoka muri Zambie ariwe mutumire mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic, uwo murwi nyene niwo wanamenyesheje ko uwo muririmvyi rurangiranwa atakije. Imvo zitumye ataza asiba kuza ngo nuko ubu ari muri Leta Zunzubumwe z’Amerika, kandi ngo aravye ibikorwa arimo murico gihugu ashobora gucererwa kw’isano rya 14 Nyakanga aho igice ca nyuma c’ihiganwa Primusic rizobera. Ikindi gitumye uwo yaririmvye “Swilili” asiba ngo nuko hari ivyankenerwa yategerezwa kurungika kugira imyiteguro igende neza ariko bigoye kurungika ari muri Amerika.

JPEG - 66.2 ko
Jaguar

Umurwi utunganya Primusic ukaba wamenyesheje ko bakibonako Mampi atakije baciye barondera uwoo musubirira. Uuririmvyi akunzwe cane. Niko rero guca batumira umuririmvyi Jaguar akomoka muri Kenya. Uwo muririmvyi azwi cane ku ndirimbo ikiri nshasha “Kipepeo”. insiguro yindi itangwa kubona batumiye uwo muririmvyi wundi ngo ni kubera, nkuko bimenyerewe, iryo higanwa ryama ritumira umuririmvyi azwi cane mu gice canyuma caryo. Abamenyeshamakuru bashoboye kuvugana na Jaguar, uwo muririmvyi yemeza ko azokwitaba ubwo butumire.

Mwomenyako igice ca nyuma c’ihiganwa rihuza abaririmvyi bo mu Burundi bwose gitegekanijwe kuba kuwa 14 Nyakanga. Hakaba hazohiganwa abaririmvyi 6 basigaye muri iryo higanwa. Abo nabo ni Mujimbire Gabriel, Ntaganzwa Olga, Katihabwa Samantha, Matabaro Patient, El Pedro, Niyingejeje Christian.


SENGUREBE Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.