Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Manwangari asaba ko Bamvuginyumvira yorekurwa mu maguru masha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Manwangari asaba ko Bamvuginyumvira yorekurwa mu maguru masha

Manwangari asaba ko Bamvuginyumvira yorekurwa mu maguru masha

jeudi 12 Kigarama 2013

Umurwi w’Abadasigana bavuga ko bishinze gusubiza umutamana umugambwe Uprona, basaba ko mu mugambwe CNDD FDD batofata abo batavuga rumwe nk’abansi, ahubwo bobafata nk’ababakebura, kugira igihugu kirongorwe neza

Yohani Batisita Manwangari asanzwe ari umwe muri abo badasigana, akaba avuze ivyo mu gihe Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ubu akaba ari icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu, umugambwe utavuga rumwe na Reta ya CNDD FDD, apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Manwangari abandanya avuga ko ihagarikwa rya Bamvuginyumvira ata vyemeza bihari bikwiye riteye isoni, kandi ryambika iceyi igihugu, mu gihe uwo yahoze ajejwe amabanga ahambaye mu gihugu. Abatari bake mu mashirahamwe yigenga, bakaba bariko bemeza ko ifatwa ryiwe ritakurikijwe amategeko, kandi ko ryoba ari irementanya yagiriwe kugira izina ryiwe ryononekare ndetse n’ubushingantahe azwiko muri poritike y’Uburundi butosekazwe.

Mu murwi wishinze gusubiza umutamana umugambwe Uprona bakaba basaba umugambwe CNDD FDD gushira imbere intwaro rusangi basanzwe bashira imbere mu mugambwe wabo, mu guha iteka abigeze kuramutswa amabanga akomeye y’igihugu. Babona ko iyo ngendo ubutungane bw’Uburundi ndetse n’giporisi basa n’abayigize ubuhizi, kuko atari irya mbere abanyecubahiro ku rwego rwa Bamvuginyumvira, canke no ku rwego rw’abigeze kurongora igihugu barementanirizwa, bagapfungirwa mw’ibohero rikuru bazira ubusa.


Aristide Nizigire

Messages

  • ego aba dd bateye isoni nibafungure uwo mugabo kuko bo barazi ko basambana no mw ibarabara bafata imicuko niyo yuzuye muri za poste turi mu gihugu c ubukene!!!!,,Barabaza adolphe, Onesime sida bayikwiza amenya ..none nta soni zo guhohotera uwundi ariko baribaza ,,!!!nta mugore numwe aronka igiti mu ba dd atabaciye mu maguru !!!Turabizi neza yemwe,,baza ba sindokotse ...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.