Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Manwangari : Ukwo umukuru w’igihugu atowe kwose aba yuzuye” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Manwangari : Ukwo umukuru w’igihugu atowe kwose aba yuzuye”

Manwangari : Ukwo umukuru w’igihugu atowe kwose aba yuzuye”

mardi 10 Nyakanga 2013

Ijambo umukuru w’umugambwe CNDD-FDD yavugiye mu Gatumba mu birori vy’ukwigina imyaka itatu uyo mugambwe utsinze amatora, mu kiringo ca kabiri bamaze bari ku butegetsi, ryatumye abantu batandukanye bagira ico barivuzeko.

Mw’ijambo ryiwe rero, umushingamateka Pasikari Nyabenda asanzwe arongoye umugambwe uri ku butegetsi, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, amaze gutorwa rimwe gusa, aho muri ico gihe yatowe n’abanyagihugu. Ico kiringo kikaba ari mu matora yabaye mu mwaka w’2010. Ku bwa Nyabenda rero, itorwa ry’umukuru w’igihugu mu matora yo mu 2005, Petero Nkurunziza yatowe n’abashingamateka barikumwe n’abakenguzamateka, ico kiringo kikaba kitoharurwa nk’uko umukuru w’umugambwe CNDD-FDD yabimenyesheje abagumyabanga bari bakoraniye muri ico kibanza.

Ku bwa Manwangari Jean Baptiste umunyepolitike w’umurundi yakurikiranye ibiganiro vy’i Arusha, avuga ko ukwo umukuru w’igihugu atowe kwose, aba yuzuye, atwara ari umukuru w’igihugu, ibiringo bikaba vyabindi. Mu kiganiro n’isamirizi ijwi ry’abanyagihugu RPA, Manwangari avuga ko hamwe Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu ku ncuro igira gatatu yosubiri kwitoza, azoba arenze amasezerano y’i Arusha, ndetse akazoba ahonyanze n’ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi, kuko azoba atwaye ikiringo kigira gatatu. Asaba ko haba mu kiringo ciwe ca mbere aho Nkurunziza yatowe n’abaserukiye abanyagihugu, haba mu kiringo ca kabiri aho yatowe n’abanyagihugu, ivyo bitari bikwiye kuzana impari, kuko ikiringo ciwe carangiye, aho hose yitoje, akarongora igihugu ari umukuru w’igihugu.

Ibijanye n’ukwitoza kw’umukuru w’igihugu Nkurunziza mu matora yo mu mwaka w’2015, vyagumye binurwanurwa haraheze iminsi itari mike, ariko wumvirije mw’ijambo rya Pasikari Nyabenda arongoye umugambwe uri kubutegetsi kuva mu mwaka w’2005, rirerekana ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariwe ashobora kuzoserukira umugambwe CNDD-FDD mu matora buca aba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.