Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Matongo : Abanywanyi ba MSD na CNDD FDD barabana ribi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Matongo : Abanywanyi ba MSD na CNDD FDD barabana ribi

Matongo : Abanywanyi ba MSD na CNDD FDD barabana ribi

lundi 3 Munyonyo 2014

Abanywanyi b’imigambwe ya MSD na CNDD FDD muri komine ya Matongo baraba ay’ingwe inyuma y’aho abo mu mugambwe MSD bavugiye ko ibendera ryabo ryaranduwe n’abanywanyi ba CNDD FDD.

Ivyo bikaba vyashitse inyuma y’aho ku mutumba wa Nyakibingo muri iyo komine ya Matongo, ibendera ry’umugambwe MSD riranduriwe, kandi hari hiriwe inama y’umukuru w’umugambwe wa CNDD FDD i Matongo ari we Bazira Matthieu. Muri iyo nama, abanyagihugu bo muri MSD bavuga ko uwo mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi mui iyo komine, yiriwe aratuka abari muri MSD ari imburakimazi.

Mu ntwaro muri komine ya Matongo bakavuga ko bamenye ayo makuru ko ibendera rya MSD ryaranduwe, ndetse bavyakiiye nabi. Musitanteri w’iyo komine akavuga ko hagiye gutangura amatohoza kugira hamenyekane uwoba yakoze ivyo.

Imugambwe MSD na CNDD FDD bikaboneka ko imaze iminsi idacana uwaka ku rubuga, aho no mu ntara ya Gitega, abo muri MSD bagirije abanywanyi ba CNDD FDD kubarandurira amabendera, n’aho umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi muri iyo ntara yamenyesheje ko uwivye ibendera rya MSD canke iry’uwundi mugambwe yofatwa agahanwa, ariko ntibasubire gufatira mu kivunga ko ari abanywanyi ba CNDD-FDD.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.