IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mbonimpa aragabisha abibaza ko agiye guheba ibanga yiyemeje

Mbonimpa aragabisha abibaza ko agiye guheba ibanga yiyemeje

mardi 30 Nyakanga 2014

Petero Karaveri Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH, inyuma y’umunsi umwe arekuwe vy’agateganyo, arakurira inkoni ku gishitsi abibaza ko atagiye kubandanya akazi kiwe ko guharanira agateka ka zina muntu, ahubwo avuga ko aje afise inguvu zidasanzwe, n’ubwo amagara amukitse.

Mu gatondo ko kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 30 Nyakanga, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yazindutse aja gusuhuza Petero Karaveri Mbonimpa aho arwariye mu bitaro BUMEREC. Petero Karaveri Mbonimpa avuga ko yakiriye neza ingingo yaraye ifashwe na sentare, ariko n’aho ashima, avuga ko harimwo utunenge, kuko kubona bamubujije kurenga igisagara ca Bujumbura canke kuja ku kibuga c’indege, mu kazi asanzwe akora iyo ni intambamyi zidasanzwe.

JPEG - 38.2 ko
Petero Karaveri Mbonimpa

Petero Karaveri Mbonimpa aranegura kandi ko arekuwe atevye, amagara yiwe abanje gusinzikara. N’aho yari amaze amezi ane yose aboshwe, ndetse n’amagara akaba amukitse muri kino gihe, Petero Karaveri Mbonimpa agira ati : "Burya ikintu kibi kirashobora kugutegurira iciza." Avuga ko yatangajwe n’abantu isinzi yasanze bari inyuma yiwe mu kwezi kwa Mukakaro, ku bwiwe naho yafunzwe hari ivyiza vyinshi yabonye atari azi. Agira ati : "Sinarinzi ko hari isinzi ry’abantu rinshigikiye, sinarinzi ko n’amakungu yonkurikirana, ko Obama ashobora kuncisha mu kanwa kiwe akavuga izina ryanje ry’ikirundi MBONIMPA."

Ivyo vyose rero avuga ko vyamuhaye inguvu, guheba akazi yahora akora rero avuga ko biri kure nk’izuba, kubwiwe kwoba ari nko guheba abana eka n’igihugu. Avuga ko ari naco gituma akurira inkoni ku gishitsi inkozi z’ikibi zashinga agati mu ryinyo ko ibibi bakora bitazoronka, akemeza ko azobandanya ababivuga, ashake abizire. Petero Karaveri Mbonimpa yaboneyeho kandi akaryo ko gushimira abo bose bamufashe mu mugongo.

Pacifique Ninihazwe asanzwe arongoye ishirahamwe FOCODE ari nawe yavuze ku giti c’ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, ari nawe yari yatanguje uwa gatanu w’urwatsi rubisi "Campagne du vendredi vert", avuga ko bafise akanyamuneza ko yarekuwe,agashobora gusubira kurangura amabanga yiwe. Ariko n’ubwo bashima, basaba ubutungane kumweza bakamukurako ivyo vyaha vyose bamwagiriza vy’akarenganyo. Yongeye arashimira abo bose bafashije kugira Petero Karaveri Mbonimpa arekurwe. Abanyagihugu bambaye umwambaro usa n’urwatsi rubisi, amashirahamwe atandukanye, ibimenyeshamakuru, abasanzwe baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, ibihugu bisanzwe bifasha Uburundi, abashingamateka b’ibihugu vya buraya hamwe n’umukuru w’igihugu ca Amerika Barack Obama bose yabashimiye.

Ayo mashirahamwe asaba ubutungane kurekura n’izindi nzirakarengane zose zivundiye mw’ibuye zizira ko umunsi umwe zasohoye ivyiyumviro bidasa n’ivy’abategetsi b’Uburundi, aha atanga akarorero ka Hussein Radjabu, urwaruka rwo muri MSD, n’abandi. Ayo mashirahamwe yibutsa n’urwandiko bandikiye umukuru w’igihugu bamusaba amatohoza, ko n’ubu basaba amatohoza kugira ibiriko bibera muri Congo bimenyekane.


Floxella Karire

Messages

  • Ubu nukumwigira uwundi muti ico citso Mbonimpa

  • sha nkanko aho urumva ubabaye kubona MBONIMPA Yidegemvya?mBEGA IFUNGWA RYIW RY’UNGUYE IKI UBURUNDI BWACU?NKUBU WIYUMVIRIYE ISHUSHO TWAHAW VIYUMVA GUTE WW ?BURYA URAFISE AGATIMA NAGATOYA KO GUKUNDA IGIHUGU CAKWIBARUTSE?HUMUKA AYOMASO UZIBURE AMATWI HAMA UKUNDE IGIHUGU CACU CIZA.KUVUGA NGO UBU NI UKUMWIGIRA UWUNDI MUTI IVYO NTUZOBA UBIKOZE KUBWINEZA ATARI UGUTUKISHA UBURUNDI BWACU BWAGAHORE

  • aratanguye jwigamba ngo arakomeye! !! sha ntasye bwose nukumuvugutira umutavumba hanyuma Pacific we afise inyungu kuko atabeshe yongere arogote abana ntiborya nunugore ntimuzimanganye iciyumvuro canje

  • ABA BA DD NTAWE BATINYA NI UTUNYAMASWA EREGA NTACO BATAZOKORA NGO BAGUME KU BUTEGETSI NIKO BAVUZE ..PETER WE UBWIWE AFISE ABAMUSUGUMA BENSHI ABA GENERAUX N ABANDI BABISHA ..ATAHABEREYE UMUGABO AZODUSUKA MU MAZI ABIRA BE N INYENGA Y UMURIRO UTURUTSE KU NTAMABARA ITAGIRA IZINA ..ARIKO MWARWANIYE IKI!!?????KO ABAHUTU BICWA ,BAPFA NI NZARA NKUDUTUTSI DUKENYE NTA SONI !!!! MUKAMARA IMYAKA MURWANA MUGAHEREZA AHO TUBONA YEMWE NI UMURAGE MUBI...

  • Abantu murantangaza mbega komuhayagiza Mbonimpa arasumba Ndadaye yagandaguwe izubariva kwayomashirahamwe ataraja mwibarabara ngwasabe ifatwa ryabagandaguye Ndadaye ubu kuko hatwara umuhutu amashirahamwe abaye menshi ikintangaza umututsi atwaye ntawusubira kuryogora

  • Murayavuga Murahumbwa ntawumukorako komera Mutama wacu ahubwo harya wari kwishure kwiga ndibaza warabonye abahohotewe benshi harya muri rirya buye haguruka ntutinye abarundi turagushigikiye rwanira abarundi nkuko wiyemeje kuva kera izokkehwa zabaDD bari kurushi turabavugutira muti kamera mutama Mbonimpana pole sana imisuhuko myinshi n Imana irakubona

  • Bantu mugifise umutima w,ubwicanyi ivyo mumusabir. Bibashikeko haruko wofya abantu bakuvuga nabi wofuma ufya bakuvuga neza .wowo nabakuru bikomeye bamumeny. Ariko harabari ngaho kubutegetsi batomenya.

  • Ciza you are stupid and ignorant

  • ko avugira agateka kazina muntu ntaco bitwaye.Ariko uko kwitonesha kubazungu aja gu telecharga amafoto atariyo ngo akunde aronke amahera yubake izindinzu ariko aca igiti yicayeko.kandi nabandanya ivyo yivugisha yumvise ngwabanyaburaya bugaye Mpima.azosubira ayinjire kurya yayinjiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.