Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MENUB ihamagarira abanyeporitike kwubaha amategeko biyemeje n’ayagenga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > MENUB ihamagarira abanyeporitike kwubaha amategeko biyemeje n’ayagenga (...)

MENUB ihamagarira abanyeporitike kwubaha amategeko biyemeje n’ayagenga igihugu

vendredi 13 Ruhuhuma 2015

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, ahamagarira abanyeporitike kuganira mu ntumbero yo kuzana icuka ciza.

Cassam Uteem arongoye MENUB (Mission d’observation Electorale des Nations Unies au Burundi) avuga ko we n’umurwi arongoye biteguriye gukorana neza n’abategetsi b’Uburundi, n’aberwa bose n’ikibazo c’amatora, mu ntumbero yo gutegurira hamwe amatora meza, mu mahoro n’umutekano. Amenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’amakungu bari kumwe n’abarundi muri iyi minsi hariko hitegurirwa amatora.

Cassam Uteem agasaba abanyeporitike b’abarundi kwubahiriza amwe mu masezerano bagiye baterako imikono, n’amategeko agenga igihugu mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro. Ayo nayo, akavuga ko ari nk’ibwirizwa nshingiro, itegeko rigenga amatora, urupapuro rw’inzira abanyeporitike biyemeje hamwe n’inyifato runtu mw’itegurwa ry’amatora.


Aristide Nizigire

Messages

  • Egowamuvyeyiwe uvuzeneza kandijewe mazekubona uburundi burakundwacane nabatari abarundi gusumba abarundi, none nkumuntu agenda Bugande kwigirayo imigambi yokuzoja kurasa mu Burundi kandi arumurundi ariko ugasanga umuntu atarumurundi arikwariyumvira ukoyozokorera business Burundi mwumva uwukunduburundi aruyuhe?

  • NUKURI RABA UDUFASHE GUHANURA IZO NTUMVA ZA BANYE POLITIQUE BARI BAZI KUJE KUBASHIGIKIRA MUMAKOSA

  • NUWERA GENDA BAKUBWIRE ABANDI BA DD ICO BITE DIPLOMATIE ONUSIENNE ..WEWE KO VYOOSE WITIRANYA NI KI DD WUMVA WOMENYA IKI >>>????URI NKA BANDI BA GIHAHE NIBINDI BIJUJU BIZI KWIBA KWICA NO KONONA NGO ABANDI BABE ABAJA...NTUBE NKA KABURUNGU MURI KABIZI NGO WISHURE AMA SUJETS YOOOSE NAYO UTUMVA!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.