Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Michael Jackson yoba yarapfumbatishije imiryango 24 ije mu gacerere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Michael Jackson yoba yarapfumbatishije imiryango 24 ije mu gacerere

Michael Jackson yoba yarapfumbatishije imiryango 24 ije mu gacerere

mardi 2 Mukakaro 2013

Umuhinga yigenda mu kugendereza yararatoye impapuro n’ibindi vyemezo vyuko umuririmvyi Michael Jackson yoba yarahaye igipfukamunwa iminryango 24 ivamwo abana yoba yarashurashuje.

CADCE MJ-02463 hamwe na CR 01046: ayo niyo mazina ahinyitse yahawe ama dosiye yagizwe ibanga ku vyerekeye ivyo Michael Jackson. Izo dosiye zatowe n’umuhinga yigenga muvyo kugendereza. Izo dosiye zirimwo ibirego vyagirizwa Michael Jackson kuvyerekeye ugusambanya abana batarashikana imyaka 18. Ariko ku matohoza uwo mushakasha yakoze, izo dosiye zagizwe ibanga kuko Michael Jackson yoba yarahaye imiriyoni 27 z’amahera y’amanyaburaya y’igipfukamunwa ku miryango 24 y’abana uwo muririmvyi yoba yarasambanije.

Vyongeye, ikinyamakuru Sunday People cazukuruye impapuro z’ivyegeranyo, amakasete, amajwi yo kw’iterefone vyo mu giporisi ca FBI zo mu 1989. Ivyo navyo bikaba bisa n’ivyerekana ko uwo muhisi haheze imyaka 4 yitavyimana yoba yarahaye igipfukamunwa imiryango y’abana 24 yoba yarasambanije.

Micheal Jackson akaba yari yahaye akazi umuhinga yigena mu kugendereza arondera imiryango y’abo bana bose. Gutyo rero ngo aheze abahe igiturire maze ntibaze baze kumwagiriza imbere y’ubutungane mu 2005. Aho naho yarafise urubanza yagirizwamwo gusambanya abana bakiri bato batarashikana imyaka 18. Uwo muhinga yigenga mu kugendereza akaba yarakoze akazi kiwe kuko ngo ntibigeze baseruka murubanza rwo mu 2005.


Luc-Noel INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.