IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Michel Forst aranegura iburabuzwa rikorerwa abaharanira agateka ka zina (...)

Michel Forst aranegura iburabuzwa rikorerwa abaharanira agateka ka zina muntu

mercredi 26 Munyonyo 2014

Mu rugendo Michel Forst umuhinga mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yahoramwo aha mu Burundi, avuga ko amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike mu Burundi hamwe na bimwe mu binyamakuru bitoroherezwa na Reta.

Mu kiganiro uwo muhinga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yahaye abamenyeshamakuru, akavuga ko ahagaritswe umutima n’uko abataho begamiye mu vya poritike na bimwe mu binyamakuru bafatwa nk’abanyamigambwe batavuga rumwe na Reta, aho naho bigatuma ubuzi bwabo butoroherezwa na gato. Avuga ko ivyo biheza bikabonekera mw’itumwako agasakisaki k’abo ataho begamiye mu vya poritike co kimwe n’amaradiyo mu butungane. Aha akaba yatanze akarorero ka Gaburiyeri Rufiri arongoye OLUCOME na Bob Rugurika arongoye iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu.

Uwo muhinga akaba avuga ko Uburundi bufise umugisha kubona bufise amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike akora nk’ayo mu Burundi, agakora ataho yegamiye co kimwe n’ibimenyeshamakuru, ariko akanegura bumwe mu butumwa bwo gurtyoza abo baharanira agateka ka zina muntu, ubutumwa bubatera ubwoba, canke ubundi butumwa bubangamira ibikorwa vyabo burungikwa hakoreshejwe amaterefone.

Uwo muhinga rero akaba yarashoboye kwishikira hagati mu gihugu, aho yagendeye intara za Bururi, Bujumbura na Ngozi ndetse akaba yaranabonanye n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike.


Aristide Nizigire

Messages

  • BUKEBUKE UKURI NIKO KUZOMENYEKANA

  • Icogutiza gatoya ugasinzira maze ukarota wabaye umurundi maze ukibona ariwewe urumushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu mazukareba ayomashirahamwe wavuze gonimezacane ukuntu akurementaniriza akakwambikibara , nayo RPA ikabanza ikakwagiriza kuriko urategura Genucide nibindi ndakubwiye kowokwikangura uvugati birashoboka hariho abigira abera kandi aramabingira!

  • Hama iyo reta ya nkurunziza igiye gusega imfashanyo mumakungu bakajangaho bakabahenda ngo amahoro niyose muburundi reka baze bishikira mugihugu birabire akamaramaza kahabera kagirirwa abatavugarumwqena reta na mashirahamwe atahoyegamiye ubu ntibamaramaye wibaza ko zambonerakure naba rukoti kwatababonye twosaba uwomutegetsi ko yogenda agashikiriza ivyoyiboneye namaso yiwe 2 ejo tukabahindukirira tukivuna izombwa zaba DD ntibaze bagire ko aritwe twabatanguye

  • Mvizo amakingu ubuyaramaze kumenyako beshibahurikiye mwayomashirahamwe bafise ihahamuka ryatirutse kurikahisekabi kagiyekibonekeza muburundi, abanturerobahahamutse udashaka gukurahonakariho ivyobakoze nubwobitaba arivyiza uraheza ukabashigikira kugirantuhave ukurahonakariho bagahababiruka, niwashakakumenya ivyombize kwarikuri uzobibonera kukuntu ibihuguvyishi bikomeje gukomeza gufasha uburubdi mubintubitandukanye kandi abonavuzebahahamutse birirwa bavugayamuhe ngwimfashanyo murungika ntikpreshwa neza.

  • mbega weho utari ibingira tubwire igituma aba fnl birirwa baricwa dusigurire impamvu ningene vyotuzwa la on saura ibingira iyariyo iyo mvugo mwihay yokuvuga ibintu ko vyera kandi vyirabura tugiy kuvyiyamiriza

  • Ariko ahari abantu batukana mu gushikiriza ivyiyumviro vyabo!umve ngo izombwa,Ikindi naco ni bake badafise aho begamiye!ariko nka Rufyiri na Mbonimpa,barakwiye guhabwa ubushimwe.Abo, baharanira inyungu z’abenshi,nayo Michelforst,yarakwiye kuvugira n’amashira hamwe y’abarimu yazibijwe!kuki atawuza kubagarukirako?Urazi ingene batuntuye,hamwe n’abanyeshure ba kaminuza!Kuki atagendeye Mwaro na Gitega?aho ashobora guhengamira ku mugwikanaka?Aho bavuga ngo yagiye yiboneye ba rukoti,mbega bari bitegekanije abantu babambika ibikoti baca barabamwereka, bati ngaba!canke,harabonetse abemanga ko ari imbonerakure canke ba rukoti imbere y’urya mwubahwa!nibazako ari abo boba bahawe akanoti nka wa mugore yavuga ngo ibimashini vyamuhambiye umwana.Pacifique naremena Mbonimpa yararekuwe.

  • Uburumdi Nu Murimawisangi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.