Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Minago : Abanyagihugu bamenyesha ko bageramiwe n’amategeko y’imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Minago : Abanyagihugu bamenyesha ko bageramiwe n’amategeko y’imbonerakure

Minago : Abanyagihugu bamenyesha ko bageramiwe n’amategeko y’imbonerakure

jeudi 26 Kigarama 2013

Abanyagihugu bo mu Minago ku musozi wa Rutumo mu ntara ya Bururi basaba ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi ko bwogarukana ikirindiro c’abasirikare, kuko abasuma babarembeje, co kimwe n’urwaruka rw’imbonerakure zica zikika mu kiza mu gusubirira abasirikare bagiye.

Abanyagihugu baho kuri uyo musozi wa Rutumo, bakaba bavuga ko imbonerakure za CNDD - FDD ubu zashinze amategeko y’uko atamunyagihugu n’umwe agisubira kurenga irembo kuva igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Uwuhirahiriye rero agafatwa n’imbonerakure muri ayo masaha ziriko zirakizura, abo banyagihugu bavuga ko akubitwa nk’inzoka, eka ndetse n’umukuru w’umutumba akaba avyemeza, ariko akavuga ko atari imbonerakure ahubwo ari amakomite y’umutekano akora nabi, ndetse ubu akaba yarayakuye mu ntumbero yo kworohereza abanyagihugu, mu bwigenge bwabo.

Abanyagihugu rero baho ku musozi wa Rutumo, bagasaba abarongoye intara ya Bururi kugarukana ikirindiro c’abasirikare cahahora, kuko abo banyagihugu bemeza ko uretse izo mbonerakure zibarembeje, abasuma nabo basaze, kuko ataco bakibabikana hama mu mazu, canke mu mirima. Bavuga ko imirima ubu isoromwa n’abasuma, mu gihe ata n’umunyagihugu yohirahira ngo aje kurarira umurima wiwe, kuko imbonerakure zimufashe mw’ijoro, yokubitwa hamwe yibaza n’icatumye avuka.


Aristide Nizigire

Messages

  • jewe mvuka aho ku Rutumo ndiyamirije urwo rwaruka rw’inzibonerako kare nta Mbonerakure yavurwa canke uwuri muwundi mugambwe, twese twari dufatanye munda ata wandya wangura. Ndasavye bihagarare vyihuta mumaguru masa

  • iyinkuru iratangaje rwose. ndatanze impanuro kumuntu wese w’Umunyagihugu abaho ku Rutumo. burya ubuzima bw’umuntu ni katihabwa umutekano ntumanyagurwa ntakiguzi c’amahoro kibaho ninaco gituma zina mwene-gihugu wese ahamagarigwa kubungabunga amahoro n’umutekano aho aba kuneza yiwe n’ababanyi. ninaco gituma atakwigira sindabibazwa canke utangure kunegura igikorwa curiko arakora. Imana yaturemeye igihugu kimwe ntawusumvya abandi ubwiza yokwibona ko ariwewenyene akwiye gukora ivyo yishakira canke yomore kanaka. ndabasavye mukundane mushigikirane mukubungabunga umutekano n’amahoro aho mubaye kuko ntamunyamahanga azoza gucungera amahoro yanyu kugira ubutunzi bukingigwe. Imana ntiyaturemye turi mumigambwe mugabo turayijamwo kubera uburenganzira duhabwa n’amategeko. hamwe hoba hari uwutigenza neza muri iki canke kiriya ni ugutahurako dutandukanye mumico inyifato ivyiyumnviro mbere ntawokwirengagiza ko intambara twamazemwo imyaka myinshi ko yigishije ingeso zitarinziza rero tukaba tutarahinduka neza mumitima.

  • None izombonerakure kozibona ubusumabwimonogoje kandinkabanumva ko nabandibatarimbonerakure nabobabivuga jewe numvamwarimukwiyemwese kufatikanya mbere mukagenda mugasaba ababatwara muti turashaka gufatikanya naziryambonerakure mwuryamugambimwiza wokwirarira maze ababatwara bakaca babwira abajejwe umutekano mukicarana mukipanga, nayokuvugango wojamumurima wawe urumwe mwijoro kuwucungera ntakibuza ivyobisuma mugihekitarambiranye vyocabiguhizinaryitwa Nyakwigendera.!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.