Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi n’umurwi wa The Cousin bahemukiye umuririmvyi Miss (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Mkombozi n’umurwi wa The Cousin bahemukiye umuririmvyi Miss (...)

Mkombozi n’umurwi wa The Cousin bahemukiye umuririmvyi Miss Arlaine

mardi 16 Ndamukiza 2013

Ku mpera z’iyi ndwi iheze umuririmvyi Miss Arlaine yari yateguye ibiteramo bibiri ahitwa mu Rumonge muri vyo yariyahamagaje bagenzi biwe harimwo umuririmvyi Mkombozi ndetse n’umurwi wa the Cousin anabashira ku bipapuro biriko amasanamu yabo y’ivyo biteramo mbere n’ibimenyeshamakuru vyari vyagumye bivuga kuri ivyo biteramo vyavuga ko bizoba bikomeye.

Mu gitondo co ku wa gatandatu ari naho bagomba guhaguruka hano i Bujumbura umurwi wa the Cousin wabwiye Miss Arlaine ko utacitavye ivyo biteramo mu rumonge, agerageje kubaza imvo zabitumye uwitwa R-Flow amubwira ko we arwaye nayo Chanelle avuga ko atosiga umwana wiwe kuko ari mu biruhuko, uwundi nawe ati ahatumiwe umurwi ugizwe n’abantu batatu ntihokwitaba umwe kuko ntivyoba bisiguritse.

Mkombozi we avuga ko imvo zamutumye kutitaba ico giteramo aruko yabonye ko kuva umurwi wa the Cousin utakijanye nawe yaciye yumva acitse intege rero zo kujayo wenyene kuko ngo yabona aba Superstars bagenzi biwe babahemukiye.

Kubwa Miss Alraine ngo we abona izo mvo zose zitumvikana kuko ivyo iyo babimumenyesha hakiri kare ibiteramo akabiburizamwo kuko the Cousin yo abona rwose izo mvo zayo zitumvikana kuko ngo azi ko na R-flow atarwaye kandi ngo Chanelle nawe kwitwaza umwana ntagaciro bifise kuko ico sico giteramo ca mbere yari kuba yitavye umwana wiwe ari mu gihe c’ibiruhuko vy’abanyeshure.

Abandanya avuga ko Mkombozi ari umwe mu baririmvyi yubaha kuko yamufashije ibintu vyinshi mu muziki ariko ngo yatangajwe n’ukuntu yamuteranije n’ abanyagihugu bo mu rumonge kuko imvo ziwe ntizumvikana wogira ngo yari yagambiriye kumuhemukira kuko yanse kubimubwira kare ko atazokwitaba ivyo biteramo.

Mu nyuma Miss Arlaine yaciye agenda we n’abandi baririmvyi yari yatumiye , hama igiteramo yari yateguye aho mu Rumonge ahitwa kuri Clac canke kuri semina nticaba aza gukora ikindi ahandi hari hategekanijwe. Ico caritabiriwe kuko abakunzi b’umuziki ntibakunda gusa abaririmvyi ahubwo bakunda umuziki mwiza kandi nabo bari kumwe ni abaririmvyi kandi ko abanyarumonge bavuze yuko bababajwe no guhendwa gurtyo kuko ngo atari ubwa mbere babona abaririmvyi ku ma bipapuro biriko amsanamu y’abaririmvyi hama k’umunsi w’igiteramo ntibitabe.


Joel Sengurebe

Messages

  • dah! pole sana miss arlaine ndo maana mziki wetu wa buja freva hautofika mbele kwasababu kama hizo wasanii kutosaidia kwenye harakati za kimziki hawana umoja zaidi ya mabifu yasiyo kuwa na msingi.kiukwel imeniuma sana kuskia mastaa wetu kama hao jicho la ma underground wanakataa kumsapot msanii mwenzao! mkombonzi,R flow,channy Queen msijione eti mumeshafinikiwa kimziki bado kabisa munatakiwa muwe na bidii na kujituma ili muhakishe munaipeperusha bendela ya buja fleva nnje ya nnchi na kimataifa.

  • dah! pole sana miss arlaine ndo maana mziki wetu wa buja freva hautofika mbele kwasababu kama hizo wasanii kutosaidia kwenye harakati za kimziki hawana umoja zaidi ya mabifu yasiyo kuwa na msingi.kiukwel imeniuma sana kuskia mastaa wetu kama hao jicho la ma underground wanakataa kumsapot msanii mwenzao! mkombonzi,R flow,channy Queen msijione eti mumeshafinikiwa kimziki bado kabisa munatakiwa muwe na bidii na kujituma ili muhakishe munaipeperusha bendela ya buja fleva nnje ya nnchi na kimataifa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.