IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mohamed Rukara : « Urwego rw’umuhuza ntiruhana, rukorera mu mwumvikano (...)

Mohamed Rukara : « Urwego rw’umuhuza ntiruhana, rukorera mu mwumvikano »

vendredi 16 Myandagaro 2013

Ibiro vy’umuhuza w’abarundi vyaratunganije uruganda ku bategetsi bo mu ntara ya Mwaro, abaserukira kaminuza y’i Mwaro, abaserukira abakozi ba Leta n’amashengero bo muri iyo ntara, kuri uyu wawa gatatu kuwa 14 Myandagaro 2013. Urwo ruganda rukaba rwari urwo gihimiriza mu kwerekana ingene urwego « rutunganiriza bose » rw’ibiro vy’umuhuza rutunganya ibikorwa rujejejwe.

Mohamedi Rukara, umuhuza w’abarundi ati : « Urwego rw’umuhuza w’abarundi rwashizweho mu masezerano y’i Arusha mu mwaka w’2000, no mw’ibwirizwa nshingiro ry’abarundi ryatowe mu kwezi kwa Ntwarante, umwaka w’2005. »
Yamenyesheje kandi ko urwo rwego rufise igikorwa c’umuhuza, co gukinga amatati, kugenzura, gukwiragiza inzego, gushirahamwe no guhimiriza.

Igikorwa c’urwego rw’umuhuza w’abarundi cisunga ibwirizwa nshingiro muguhuza Leta n’abanyagihugu. Urwo rwego ruhamagariwe kandi gukurikiranira hafi ibikorwa vy’ubuzi bwa Leta.
Ikindi naco, urwego rw’umuhuza w’abarundi rufise igikorwa co kwakira ibirego, kugira amatohoza ku makosa yakozwe n’abakozi ba Leta no kubishikiriza inzego zibijejwe. Urwego rw’umuhuza rufise n’ibisata vyo kugenzura ukungene inzego za Leta zikora, n’izindi nzego zose ziharanira inyungu y abanyagihugu.

Umuhuza w’abarundi yamenyesheje kandi ko atakwinjiranamwo hagati y’ibikorwa vy’urwego rw’umuhuza n’izindi nzego, nk’akarorero ubutungane n’intwaro ibereye. Dufatiye ku karorero batanze, urwego rw’ubutungane rufise igikorwa co gusoma amategeko, kuvuga amategeko no guhana, mu gihe urwego rw’umuhuza rubicisha mu mwumvikano. Mohamed Rukara yongeye ati : « Urwego rw’umuhuza ntiruhana, n’urwego ruhanura. »

Umuhuza w’abarundi yamenyesheje kandi ko ategura gukwiragiza hose ibikorwa vy’urwego arongoye nk’uko amategeko abitegekanya, ariko ko azotangura ubwa mbere hagati mu gihugu, hakurikire mu ntara, bivanye n’uburyo buhari.

Jean Polydor Ndayirorere, buramatari w’intara ya Mwaro yarashimye igikorwa umuhuza w’abarundi yagize mu gusigurira abanyagihugu b’iyo ntara ibikorwa vy’urwego rw’umuhuza w’abarundi narirya abanyagihugu baho batari bazi ingene urwo rwego rukora.
Yongeye ati : « Kumenya ibintu nk’ibi ni akaryo keza kuri twebwe, kugira dukorere neza abo turongoye, mu ntumbero yo kubereka inzira zibereye ».


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.