Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
MSD : Bamwe barashwe abandi bafatwa n’igiporisi ku ngoro y’umugambwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > MSD : Bamwe barashwe abandi bafatwa n’igiporisi ku ngoro y’umugambwe

MSD : Bamwe barashwe abandi bafatwa n’igiporisi ku ngoro y’umugambwe

dimanche 9 Ntwarante 2014

N’aho hari hiriwe ibiganiro hagati y’umukuru w’umugambwe MSD n’amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu nka BNUB n’ayandi mashirahamwe akorera mu Burundi, kugira igiporisi gitange abayoboke b’umugambwe MSD cari cafashe nayo Sinduhije atange abaporisi babiri bari bafashwe n’abanywanyi ba MSD, ntacavuyemwo, amasasu menshi akaba ariyo yakoreshejwe kuri iyo ngoro y’uwo mugambwe, maze abo baporisi babona kubohozwa na bagenzi babo.

Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu gushika mw’ijoro ryo kuri uyu wa 8 Ntwarante, ivyuka vyokera bikaba arivyo vyagumye biterwa abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta, uhereye ku mugambwe MSD usanzwe uri mu runani ADC Ikibiri, gushika ku bakenyezi bo mu mugambwe UPRONA bariko baraninahaza imyaka 47 bamaze bakora, eka n’umunsi mukuru w’abakenyezi wariko urahimbazwa mu Burundi.

Muri iyo mishamirano yo kuri uyu wa gatandatu, abo mu mugambwe MSD bakaba bashamiranye bimwe bikabije n’abaporisi, ku buryo urwo ruhagarara rwabo rwamaze umwanya muremure cane, uhereye mu gatondo gushika igihe hafi c’isaha imwe y’ijoro. Abaporisi batera ivyuka vyokera urwo rwaruka, narwo rukabasubiza amabuye, bikaba vyaboneka ko inguvu kuri ico kibazo ziza guhava zivyara akarambaraye hagati y’iyo mirwi ibiri, mu gihe hari hatanguye kwibonekeza bamwe mu baporisi bafashwe n’abari muri uyo mugambwe, abandi bagakomereka, bamwe mu bari muri uwo mugambwe nabo, bakaba bariko barajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Nk’igihe c’isaha icumi n’imwe zo kuri uyu wa 8 Ntwarante, niho haza abaporisi benshi kandi bagavye, ubona ko biteguriye ingwano, eka bambaye n’inkofero zikingira umutwe, n’ibikarato vyinshi vyuzuye ivyo batera kugira vyokere iyo misore n’inkumi yo muri MSD, babone kubohoza abaporisi bari bafashwe. Baciye batangura kurasa amasasu menshi, bagatumbereza ku muryango nyene izina w’iyo ngoro y’umugambwe MSD, abari imbere muri iyo nzu barakomereka, abaporisi bari bafashwe barashobora gusohoka, n’ayo abanywanyi b’uyo mugambwe barafatwa kiretse Alexis Sinduhije atawamenye uko yavuye muri iyo ngoro y’umugambwe wiwe.

Umunyamabanga mukuru wa MSD Nathan Ndayongeje

Muri ukwo gutana mu mitwe kwabaye hagati y’abaporisi n’urwo rwaruka, bamwe muri abo banywanyi bakaba bararashwe, aha tukavuga nka Nathan Ndayongeje umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe yarashwe mu kiganza yadugije amaboko nk’uko yabitwibwiriye, n’abandi twabonye barashwe mu maguru, abandi nabo bakaba bakubiswe imigongo y’inkoho barakomereka ahatandukanye, n’abandi bagenda barakubitwa indembo.

Abariko barakurikiranira ibintu ngaho kuri iyo ngoro, bakaba baraneguye inyifato y’igiporisi ukuntu cakubagura abo gisanze muri iyo nzu, abandi nabo bakaraswa kandi atabirwanisho bari bafise, ndetse badugije amaboko. Eka, n’abari bakomeretse bakaba bagumye aho, ndetse bamwe bagaterurwa ari uko bamwe mu bamenyeshamakuru canke abandi bari mu mashirahamwe atandukanye babanje gukoma induru, ariko igiporisi kikirabira hirya. Abari bakomereste bakaba bamaze umwanya munini aho, batarajanwa kwa muganga.

Ibintu bikaba vyagiye gucureha nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, ariko iyo nyubakwa yo ikaba yasigaye ari umwotsi gusa w’ivyuka bikoroza amosozi. Zimwe mu modoka zari muri iyo ngoro ya MSD, zikaba zararashwe, ndetse ziramenwa n’ibiyo, tutibagiye ivyari muri iyo ngoro vyari vyasanzajwe.

Tukabamenyesha ko urwo rwaruka rw’umugambwe MSD rumenyesha ko ubu rugiye kurerekana n’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD mu Burundi bwose. Izo Murikirakuri za MSD zikavuga ko Imbonerakure zigize ikarashishi, nabo bagira iyindi, mpaka ubutegetsi bwa CNDD FDD bubonye ko abanyamigambwe bose bategerezwa gukora ku mugaragaro.

Umuporisi yatewe ibuye n'aba MSD

Gushika muri iki gitondo co kuri uyu wa 9 Ntwarante, abaporisi ari benshi kw’ibarabara rya Rumonge, muri komine ya Kinindo, aho bigaragara ko biketse ikintu. Bakaba n’ubu bacungereye iyo nyubakwa ya MSD, ari benshi. Abanywanyi ba MSD bagera kuri 40 barimwo abasore n’inkumi bakaba bari mu minwe y’igiporisi n’abandi benshi bakomereste, muri iyo mishamirano.

Imurikirakuri yarashwe mu maguru
Bamwe mu bariko baragerageza guhuza impande zose

Aristide Nizigire

Portfolio

Messages

  • Mana tabara Uburundi n’abarundi kuko amazi agiye kurenga inkombe.Mbe igiporisi c’uburundi kirerekanye neza ko gikorera umugambwe uri k’ubutegetsi aho gutunganiriza abarundi bo bashikanye umugambwe ku ntwaro?Mu kirundi bati uwaguhaye inka niwe ayikwaka ,ngo kandi uvumwa na benshi ugatota.Abaporisi bari bakwiye kwikebuka bakamenyako ubwatsi busha bukabisha ubundi abarundi twaraciye ubwenge ibikorwa tubikwirikioranira hafi

  • Reka guta ishavu kubapolisi, uyo mupolisi yoca kubiyoba atabibonye acajanwa mumpimba siwe nuwamutumye

  • AHO KUBA INCABWENGE MUBA IBIJUJU ABO BAPOLISI BARI BABAFASHE NGO BABAGIRENTE?BANYAMIGAMBWE MW’ITONDE KUKO IGIHE CUKUBEMBEREZA CARARANGIYE.

  • Abantu bose batera akajagari mu gihugu bakwiye guhanwa,jewe nibaza ukubiswe wari mu migambi yo gutera akajagari mu gihugu nta kibazo na kimwe cohaba.Kuko udakeneye inkoni ureka akajagari!!

  • Ndavye ku nkuru zose zatanzwe na MSD ni nziza kandi nibaza ko zoba ari zo,rero ndabahanure rwaruka rwo muri MSD,ntimwumvirize uwo Sinduhije arabahenda,muriko mugira ingorane we yikomereye,kandi bagize ikarashishi muzogira iyindi,bavuga mu kirundi ngo" nta mwana arya nka Se!"Kandi ngo" agakara kiganye inzovu kunya kanya amara"Kandi ngo"bibwirwa benshi bikumva benevyo"Mwirambire Murikirakuri za Sinduhije mugabo mureke guhendwa n’uwo mutegetsi wanyu!!!

  • nabivuze kuva kera ko abahutu nta kindi bize atari ukwica gusa kandi amaraso y’abatutsi arabaryohera cane. Abakwirikirana ibintu n’ibindi ngaha eka n’amakungu arabonako ata gisigaye ngo Peter aheze wa mugambi wiwe wo mukinyegero wo gufuta abatutsi mu burundi. ariko iri rikaba ariryo herezo ryiwe n’abiwe bose n’ibindi bijuju vyo muri cndd

  • ico sigi polisi nikiroberi careta barabe bitonde.nuwugitwara yarababwiye kand yama yavuze nuko mutumva.avugati"AKARINYUMA KARAHINDA..

  • icampa kuba umwe mu bategetsi b’uburundi!uh!

  • bravo Sinduhije eka nabanywanyi bawe bose komera baca umugani ngo aho kwita umutama atari so ngo baba wopfuma ushinyiriza bakA bona weguka batazi iki kweguye, mwerekanye ko mutemera intwaro yubwicanyi ngo igendere kubantu bose nimubyanke mwemere mupg

  • bene data,ntimwishinge abo bakuru bimigambwe ahubwo mwijukire kukora ibikorwa bizabateza imbere murazi ko mwese yaba imbonerakure,jrr,nabo bo kwa sinduhite ntabutegetsi buzobakwira bobo nukwiba leta gusa ntakintu nakimwe bazabamarira.ve ikuzimu muje i buntu

  • Murikirakuri ndabahanure kandi munyumve jewe nahoze ku rugamba mu muhari FNL, murabona kandi murazi ivyatubayeko: twarishwe, twarapfunzwe twarahunze iwacu! Nagomba ndabakebure abarundi barayamaze bati: "ibira nabi ukayima ifu" reka kuvuga ko imbonerakure ivyo zizokora namwe muzoca mubikora muragabe muzohava mumera nkatwe! Ntimuzohave muga ngo ese iyo menya! Izo mbonerakure nazo zimenyeko umusi n’umusi bazosubirizwa mu nkuko kuko ababatuma ntibazohora ku butegetsi. Murakoze

  • Kubita izo ntozo nuko ntaraho.namwe mwa mbonerakure murikanure mukore akazi abo ni aba sans echec ntimwibagirwe ivyo badukoreye,kubita bomoke uzo ntozo

  • Birazwiko aba polisi bashinzwe gucungera abenegihugu, ariko ntibisigurako bibujijwe gufata abagarariji!? vyageranaho aho abagaririji bipanga guhangananumu polisi wigihugu nkawe wishize mukibanza cumu polisi wokoriki? wokwiruka hanyuma bakakwominyuma? Nkongerankabazanti; urumu polisi wigihugu ukabona bamwe ushinzwe gucungera batanguye kubarondera babafata babajana kubafunga, abobanyagihugu wobita kwarabasanzwe? Ndashaka kubwira abantumwese murikomuragendera kuvyo Alexis Sinduhije ababwiye, muragiye guhura nivyango bikomeye, ivyomwifuriza aboba polisi na reta kurwegompuzamakungu rindira mumisi muzorabe ukuntu ayomakungu azobayora akababaza uwabahaye uburenganzira bwogufata aba polisi bigihugu mukafafunga mwayobeweko gufata umu polisi umwegusa wigihugu ubawamazekwerekanako wiyemeje guhanga nabajejwe umutekano? komuzi ayomakungu ahari, kuberiki mutayituye mukareka gukora ibidakoreka?

  • YEMWE,JEWE NTABWO MPIMBAWE N’UKO HARI ABAKOMERETSE. ARIKO ABA MSD BARI BAKWIYE KWIGA KWUBAHA NO KWIYUBAHA.

    INDERO YABO SI IKIRENGA,MBERE NTIBAGIRA N’IYIBASHIKANA KU MUGEZI.

    NONE HARYA
    BARI BASHAKA GUSHIKA KUKI,MU GUFATA MPIRI ABAPOLISI B’IGIHUGU CACU.

    NONE GA N’IKIROBELI CA WA MUNYWARUMOGI ATAGIRA INDERO ,SINDUHIJE.

    ZIRYA MURIKIRA ZIWE,ARAZIHENDA. KUKO IGIHE ZO ZABONA AMAHANO KUBW’ABAPOLISI ZARI ZANYURUJE,SINDUHIJE WE YAKORESHEJE YA MAREBA YIWE,ACA ARANYIKA,HANYUMA NTIBASUBIRA KUMUBONA.

    ZAPQZPRX

  • Komera Sinduhije na banywanyi bawe,ivyoreya ikora biragaragarako yananiwe nugutwara kandi yatsinzwentasoni kugwana numusevire!!!!cndd-fdd nukuyisezerera kuko ibibi ikora birarenze.komera Msd.

  • uyo avuga ngwintozo nyabuna narindire gato yirabire intahe niyafata ijambo ntimubakengere ngo nibake ngomurakubita mukica cank mukajana muri yamabohero mwibazakwar ivyibare vyaba so naba nyoko rindire gato.

  • None,mwibaza yuko sunduhije ashoboye gutwara igihugu akoresheje aba sans,echec,murazi ingene,bica nabi,bashigikiwe nareta,yahahora ubwo rero,jewe ni baza,yuko,yokoresha politique nziza abanya,gihugu bu bwoko bwose baka mais gira niho,iterambera rizoboneka mugihugu iwacu kuko ni mwatwara,igihugu kungumvu,bizozana ingorane,nin cane,kuko,baca umugani,ati ngowanka bangwe ariko,niwanka zana,ndabe, kandi mwibagire,icatumye mu sinya,acord,de arusha,nuko mwari,mwabonye yuko intambara yagira,ibamare,none,mugira,mosomborotse iyindi,ntamwanya bigifise muguhu,cacu nu mwubahirize amatego,yareta kuko kuva,nakera bara,yu,bahiriza

  • Le Printemps des grands lacs va commencer au Burundi!
    bravo les jeunes MSD, tout change et il n’y a pas de victoire sans martyrs!

  • bashaka umutekano mugihugu batwarire bose nicogituma arusha yabayeho. ataruko nakajagari kuko iyo umuntu afise ikirindi cimbugita yibaza ko yoyicumita babiri wapi

  • Ico utarabona ucerekwa n’ukuramba

  • bashaka umutekano mugihugu batwarire bose nicogituma arusha yabayeho. ataruko nakajagari kuko iyo umuntu afise ikirindi cimbugita yibaza ko yoyicumita babiri wapi

  • jw sindi umu MSD kandi sinskunda nagato ivyo Leta yubu ikora aho ikoresha Imbonera mbari na PNB ariko nimbe abarundi batipfuza ko amaraso aseseka nibakoreshe ibintu ubwenge, bakubwiye ko PNB yanse ibikorwa vyawe, wategerezwa kwuvyubahiriza hama reclamation après naho utoba utahura imvo. Ndadaye yarashitse kubutegets kandi yarankwa bihagije, cengetera bukebuke mutarinze kwicwamwo canke ngo mwice. Reka kwipfuza kohomeneka maraso nkayo kuva 1193-2005. Namwe Leta mwaretse abandi bakigisha imigambi yanyu nimbe mubona ko iyanyu yamaze gutizigirwa. Jw niga muri 7em en 1993, ivyo nabonye ahaaaaaaaaaaaa, harabaye ntihakabe. Gezahoooooooooooooooo.

  • Bagomba kugira coup d,Etat nkimwe bari bamenyereye,barahumba ubu amase yakera ntagihoma urutaro.basaze tubafunge kugeza bafashe umurongo mwiza,igihe caba sanz checs carataye igihe,vyaraye vyibonekeje ko sinduhije ari umuntu muto muvya politike.narekere ababishoboye.

  • namwebwe mwandika ntakomwigisha urwanko ntakamaro.hari abombona bayagintambara mwomenya konumukunzi imujana kandi atamuntu amenya ahirangirira.kugumurabandi canke kubitamazina batitwa ntagaciro bibaha mwebwe mwandika sivyubu ariko.

  • Burya umukuru canke ubutegetsi ntawuba ashaka kubukunda ariko kumwubaha canke ku bwubaha ni ngombwa haba kuneza canke ku nabi iyo umuntu nayo nyene ayishatse kuko iyo bigenze nabi bibazwa uwariko aratwara. Ariko rero ntibitangaje kuko abatusti bo mu karere barashaka cane ko mu burundi hama akajagari hanyuma baronke urwitwazo rwa Genecide, hanyuma baronke ingene basaba Kigali na Kampala kuza kubuza ko hoba genocide mu Burundi hanyuma bace bamarira abarobeli bashijwe mu gisoda, bongere bogarurire igihugu. Ivyo rero abarundi n’abo mu karere barabizi, uwugomba yoreka, si bimwe vyakera uwica ariwe yaca n’urubanza. Nayo ibisigaye, ubuzi bwa leta bwose burimwo abatutsi barenga 70% kandi ari bo 14% vy;abarundi bose. Ubu n’ubucamanza baracameze uwko nyene, nticitwazo abatusti bakwiriye kugira mu biriko biraba vyose.

    Kuvuga canke kwishiramwo ko ataribo batwara ata butsegetsi buriho, nivyo biriko birabatuma kwitwara nabi. Erega, umuntu arigira umuhinga akomeye cane, ariko ivyo ariko arakora bigaheza bikamugararagaza. Uwushaka yoreka kuko akagayo, kutemera abandi, bituma nawe atawukwemera.

    MSD, UPRONA n’abandi bashaka intambara. Ariko none, izobageza hehe? Ubu naho bazoca bavuga ngo abahutu bari barateguye ingene bazobica? Atari umuntu atagira ama emotions, ntushobora gusuzugurwa ukuraho, warambitswe ipine, ugashingwamwo imigano, warabaye mu bugererwa, ukaba mu bugabire, I na U zigakoreshwa, ngo ubure ishavu. Donc tuvuge ko umututsi ariwe ababara, ariko ko umuhutu atababara? Tureke kwikunda, ivyo tugomba ko abandi batugirira bibe arivyo tugirira abandi.

    Kandi noneho, twanke twemere, dutegerezwa kubana. Tuzoryana, nitwaruha duheze turuhuke, ariko ibindi bihugu navyo bizoba bigeze kure.

    Namwe abamensha makuru, gerageze, uvuze umuntu ntabone ko ari umuhutu canke umututsi yanditse. Erega Societe Civile n’abamenyesha makuru, ni mwebwe muriko muraturira igihugu. Kandi burya utaye umuga ukarondera abandi aba ataye abana.

    Murakoze.

  • Attention mes frères burundais! Nta ntambara iryoha ariko niba mwemera démocratie nimureke abantu batange ivyiyumviro vyabo mu mahoro. Ntimwitwaze ngo nta mpusha basavye kuko banazisavye ntazo mwabaha! Nizere ko abashaka ubutegetsi atari abatutsi gusa kuko n’abahutu benshi bari muri ADC barabangamiwe! Reta igomba gukumira akabi kabishe mwabayemo mwese! Haaaaa Ubutegtsi buraryoha no muri démocratie buragoye kurekura! Sebarundi nahindure ingendo kuko 2015 iri hafi niyumve ADC bayage hanyuma abashingantahe baboneke mbere y’uko ibara rigwa.

  • barundi barundi kazi ncuti zuburundi nakababaro nagahind KUBONA ABANTU BINZIRAKARENGANE BAFATWA BAKARASWA IGIHUGU KIRORERA KUMURANGO IZUBA RIVA NDAZI ABARASHWEE NAMOKO YOSE ABAHUTU ABATUTSI NABATWA KN ABOBOSE NTABIRWANISHO BARI BAFISE URETSE KUZIRA IVYIYUMVIRO VYABO IVYO BIKABA MUGIHUGU GITWARWA NUMUTNU WIMANA IMANA DUESNGA IGIYE KWISHURA ABARUNDI MUGUKURA UBU BUTEGETSI NKUKO YAKUYE UBWA NEBUKADINEZA GUFUNGA AHUBWO ABARUNDI BOSE NIBITWARE MUMPIMBA TURABE KO BOHERERRAYO IMANA NIYO ITANGA UBUTEGETSI KANDI NIYO IBWAKA ABISHIRA HEJURU

  • Nkurunziza yagomba gutanga imihoho kuko ibintu nkibi birikuba mugihugu ntiwovuga yuko nawenyene ataruhara abifisemo kuko nakare abariko baricwa nibisigi vyabacitse kwicumu mwihonyabwoko bakoze arinacogituma bagomba gutoteza nutwasigaye kugirango babone kurya igihugu aribonyene

  • SALUT UYO MUGABO AGUMURA ABANTU AFATWE KUBERIKI BAMUBUZA NTIYUNVE

  • mbega iyo reta itunva? waribwabone aho abapolisi barasa abantu atokirwanisho bafise?umupolisi ya bahaye ordre na rengutwse abazwe amabi y’akoze.kandi mbega aya mabi ABARUNDI bari ko barabona ,murazi ico avako?IYI mvura Irenze?Uruzuba! INZARA ?n’IBINDI ...
    NINTWARO MBI YA DD TUTAYIKUYEKO ABARUNDI AMAHANO AZORWA KUBANYAGIHUGU BATOBATO BATUNVA KANDI BATABONA ISHETANI YATEYE UBURUNDI ngo bayiyamirize . YEZU URATURINDA URINDE NUBURUNDI.

  • Iyi niyo Democratie bivugwa na BBC Gahuza mi ryango iba mu burundi.... Ahaaa nzoreba ibyi wacu... mba hano mu Rwanda

  • mbega bizoza ukuri kwagiye hehe? bagirizwa ko barashe aba police baratse ninkoho zibiri aba police kandi nabo baravyiyemerera. none ngo ntakigwanisho bari bafise kura amarangamutima ngaho hanyuma umuge ukuri canke ukureke biragusha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.