IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu bihugu bifungura nabi muri Afrika, Uburundi buri kw’isonga

Mu bihugu bifungura nabi muri Afrika, Uburundi buri kw’isonga

mardi 28 Nzero 2014

Mu matohoza yakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho gufungura neza (PAM) mu mwaka w’2013, abantu bageramiwe no gufungura nabi kw’isi yose bagera ku miriyoni 842. Abagize amatohoza bakavuga ko ibihugu vya Afrika biri munsi ya sahara arivyo bigeramiwe cane n’ico kiza c’inzara, ku rugero rw’umuntu umwe kuri batatu.

Mu gihe bari mu nama ijanye n’izamura ry’ubutunzi y’i Davos mu gihugu c’Ubuswisse kugira berekane umugambi bipfuza kugerako bise "Zéro faim", ni ukuvuga "guhagarika inzara burundu", ishirahamwe PAM ryarerekanye ibitigiri vy’abageramiwe no gufungura nabi muri Afrika.
Ibiharuro bikerekana ko mu mwaka w’2013, igitigiri c’abafungura nabi cagabutse gushika ku miriyoni 28, ni ukuvuga ibice 3,2 kw’ijana, ku mwaka ku mwaka, bagereranije n’umwaka w’ 2012.

N’aho vyagaragaye ko habaye akarusho, ishirahamwe PAM rivuga ko impinga ikiri ndende kugira ikiza co gufungura nabi kirwanywe burundu. Mu mwaka w’2013, iryo shirahamwe rikaba ryarashoboye kugarukira imiriyoni zirenga 90 z’abantu mu bihugu bigera kuri 80.
Afrika y’amaja mu buseruko na Afrika yo hagati akaba arizo zigaragaramwo ibitigiri biri hejuru vy’abafungura nabi biri ku bice 25 kw’ijana.
Ubukene, ubushomeri irwirirana ry’abantu, ubukene bw’amatongo, umwimbu muke, iduzwa ry’ibiciro ry’ibifungurwa hamwe n’iterambere rike mu bijanye n’irima, bikaba biri muvyamenyekanye bituma ugufungura nabi kwongerekana.

Urukurikirane rw’ibihugu bifungura nabi muri Afrika akaba ari uru rukurikira : Burundi (73,4 kw’ijana), Erythree (65,4 kw’ijana), Zambi (47,4 kw’ijana),Ethiopie (40,2 kw’ijana), Mozambique (39,2 kw’ijana), Tanzanie (38,8 kw’ijana), RDC (37,4 kw’ijana), Ouganda (34,6 kw’ijana), Namibie (33,9 kw’ijana) na Madagascar (33,4 kwijana).
Ku bantu bagera ku bice 73,4 kw’ijana bafungura nabi, Uburundi buza imbere mu bihugu vyo muri Afrika.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.