IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiro vy’umukuru w’igihugu bisaba amashirahamwe kubangira yegereyegere

Ibiro vy’umukuru w’igihugu bisaba amashirahamwe kubangira yegereyegere

lundi 2 Ntwarante 2015

Mu biro vy’umukuru w’igihugu basaba amasendika guhagarika yegereyegere bariko barategura muri iyi ndwi kuko bamenyesha ko ibibazo vyobatumye bahagarika imirimo, biriko birakurikiranirirwa hagufi.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana, avuga ko yaba itagisi y’amafaranga 42 yashizwe ku munota mu guhamagara canke ibijanye n’imanuka ry’igitoro ritashimishije bose, umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko bariko barabirabira hamwe n’abo vyega bose. Avuga ko hamaze kuba amanama menshi mu ntumbero yo kurabira hamwe inyungu ironka abadandaza iimihora yo guhamagarana mu Burundi, bamaze kubirabira hamwe bose, akavuga ko bazoca baraba ingingo yofatwa ku nez aya bose.

Ku bijanye n’igitoro, Leonidas Hatungimana nahonyene, avuga ko mu bushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro, bariko barategura inama, aho baza kuba bari kumwe n’abarwizatunga hamwe n’abamenyeshamakuru, aho bagasaba ko bose botera ivyiyumviro kugira barabire hamwe uko ivyo biciro vyoshingwa. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu akaba ashikirije ivyo, inyuma y’aho amashirahamwe agera kuri 479 harimwo n’ayo masendika COSYBU (Conféderation des syndicats du Burundi) na CSB (Conféderation syndicale du Burundi), yari yagabishije ku wa 25 Ruhuhuma uno mwaka amenyesha ko agiye guhagarika ibikorwa, kuri uyu wa 5 Ntwarante, mu gihe itegeko ryo kuduza amafaranga yo guhamagara ku mihora hamwe n’imanurwa ry’igitoro bitosubirwamwo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.