Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ARCT: Ibiganiro hagati ya Africell na Reta vyari kuba iyo iryo shirahamwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > ARCT: Ibiganiro hagati ya Africell na Reta vyari kuba iyo iryo shirahamwe (...)

ARCT: Ibiganiro hagati ya Africell na Reta vyari kuba iyo iryo shirahamwe risaba urundi ruhusha

vendredi 20 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu rwego ARCT basigura ko icatumye AFRICELL yugarwa ari uko abarirongoye batigeze batahura ubudasa buri hagati y’amategeko ya kera na yubu mu bijanye n’ayo mashirahamwe yo gutumatumanako amakuru.

Ivyo vyashikirijwe na Léonidas Ndayiragije avugira urwo rwego mu kiganiro c’abavugizi cariko kibera mu ntara ya Muyinga, mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, aho asigura ko icatumye ishirahamwe AFRICELL ryugara ari uko abarirongoye batigeze batahura ubudasa buri hagati y’itegeko rya kera ni itegeko rishasha, mu vyerekeye impusha zo gukora. Léonidas Ndayiragije asigura ko mw’itegeko rya kera ishirahamwe ryasaba gusubira gukora gushasha gusa, ariko rero mw’itegeko rishasha ryo mu mwaka w’2014 rivuga ko ishirahamwe ryahejeje uruhusha rwaryo risubira gusaba gushasha mu gutanga amafaranga agera ku miriyoni 10 z’amadorari co kimwe n’ayandi mashasha aba aje.

Muri ARCT bavuga ko ishirahamwe AFRICELL ryugawe kuko ritigeze risaba urundi ruhusha rwo kubandanya gukora, igihe uburenganzira bundi bwarangira. Ku bwabo rero bavuga ko ata kuntu ibiganiro vyoba mu gihe, muri AFRICELL batigeze basaba urundi ruhusha rwo gusubira gukora, ariko rero avuga ko hamwe basubiye gusaba urwo ruhusha ibiganiro vyosubira gushoboka.

Tubibutse ko ku ruhande rw’ishirahamwe AFRICELL baguma basaba ibiganiro mu ntumbero yo kunagura iryo shirahamwe hamwe no kubungabunga kazoza k’abakozi barenga amajana atatu bahora barikorera muri ino myaka 15 ryari rimaze rikora ku mugaragaro, kuko ari n’uruhombo runini ku banyamitahe baryo. Bernard Busokoza icegera c’uwurongoye urwego nshingwantwaro rw’iryo shirahamwe yasaba ibiganiro Reta kuko ku bwiwe ata kibazo na kimwe kidashobora kuronkerwa inyishu , aha akaba yasaba umwanya wo kurondera nk’abandi bagwizatunga bashobora kuzana imitahe muri iryo shirahamwe , ayandi mashirahamwe bashobora kwiyunga canke kurondera ingurane mu ma banki, naho zisanzwe zigoye muri kino gihe igihugu kiba cimirije amatora.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa kane naho, akaba yashikirije ko atanguye kwibaza ko hoba izindi mvo zoba zinyegeje inyuma y’iyugarwa ry’sihirahamwe TEMPO Africell umuhora waryo wa GSM, aravye agatotezo bariko bagirirwa, imvo nazo yibaza bikaba vyoba bifitaniye isano na kahise ka bamwe mu bagize iryo shirahamwe canke ayandi mashirahamwe mashasha yoba ariko aravuka. Hakaba hari amakuru avuga ko imihora y’iryo shirahamwe, yoba igomba ihabwe ishirahamwe ryo gutumatumanako rishasha ryitwa Viettel.


Floxella Karire

Messages

  • Benedata mwebwe ngirango muriko muriguzankana ivyomuzi, iryoshirahamwe iryojambo rivugango ibiganiri sikindirisigura atarikakageso kogutanga ruswa, ahobashaka barebeko mubabijejwe bobaha nka million 30-50 zamarundi noneho bazibure vyabihumbi 10 vyana dollar vyokwibjiye mukigega careta kandibahejeje gutangaruswa ibikorwavyabo bikabandanya bacabahamagara amakungu bakayabeirako gukorerangaha Burundi bigoye ngokuko bagumabadusaba ruswa ndabasavye barundimwumvako mukundigihuguvyukuri musonzemwigumwe mureke kuzamuratora izoruswa kukobaheza kuzibaha bakacabirukanga kuvyandikisha, nicokimwe nabobazitanga nibagabanure kuzitanga ariko bafatibimenyetso simusiga baheze bazoshengeze ababadendereje muntumbero yokubaka ruswa. Ndafise nkakarorero wogenda kwaka karangamuntu imisibiri ikaguhererako utarakaronka bikumvikana? Mberejewe nashakako mubintumwenivyo bironderwanabeshiko bozabarashiraho utunumero uwujewese atora numero bakorantibagushikire bakabasigurira impamvu nukuntu muzokwakirwa kuwundimusi mugarutse, ariko mugihe abantibabayebeshi uwujejwe guhakarangamuntu amenegihugu akabazi Ko adategerezwa kubamusiyigitigiri runaka cizatanga kumusi kukohatiho abagenda bakicara bakisigiminwa abandibakisohokera kwinwera amatabi nokugira utuganiro tudafiriye ikimazi igihugu nabenegihugu ikimazi bikabonekako batondakukazi batazi namahera bahembwa iyazanana , kuko abonyene urikuraringira turyadufranga batangadukeya iyo ucapurishije akazi ugatinganiriza beshi kumusi bitumabizokworoha kuzoronka agashakara kawe ekambere hakagira nutuzosaguka tuzokora ibindi kuko ibintubikenera amahera avuyemuri reta siwewegusa ngirango turumvikana?.

  • Murambabarira kubasomye ivyonanditse , kuko ahonarikuvuga million 3-5 nahashize million 30-50

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.