IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwashikirije ivyo bwaranguye

Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwashikirije ivyo bwaranguye

mardi 25 Ruheshi 2013

Mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru hamwe n’abakozi bo muri ubwo bushikiranganji, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Lawurenti Kavakure, yari aramutse amenyesha ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu mezi atandatu arangiye.

Muri uyu mwaka w’2013, ibintu bikuru hari kwongereza imigambi, gukurikiza ivyo biyemeje mu nama yabereye i Geneve ku magenekerezo ya 29 na 30 Gitugutu 2012, gukurikiza itegeko riraba ikigega c’ubushikiranganji, kwongereza imigenderanire n’ayandi makungu hamwe no kumenyekanisha igihugu mu karere ndetse no mu makungu. Kubijanye no kumenyekanisha igihugu mu makungu, hagiye kwugururwa zibiri imwe i La Haye iyindi Ankara muri Turukiya.

ku bisigaye, umushikiranganji avugako bariko baragerageza gukora bikoze ku buryo bwabo kugira ibindi vyateguwe bishobore kuzorangurwa. Ikindi kandi ubushikiranganji buriko burategura ingendo z’abategetsi bakomakomeye mu nama zitandukanye mu karere ndetse no mu makungu, ari naco gituma Nyakubahwa umukuru w ‘igihugu c’Uburundi aheruka mu gihugu c’Ubuyapani mu nama mpuzamakungu y’iterambere rya Afrika.

Ikindi kandi, ubwo bushikiranganji bwarashoboye kuganira n’amakungu buraronka ibibanza mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrifa hamwe no mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Yarangije ashimira abashoboye kwitaba na cane cane abamenyeshamakuru kuko aribo baheza bagashikiriza abarundi ivyo bikorwa vy’ubushikiranganji


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.