Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kazoza ka UPRONA ntikakibonwa kumwe n’abari basangiye ikirindi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Kazoza ka UPRONA ntikakibonwa kumwe n’abari basangiye ikirindi

Kazoza ka UPRONA ntikakibonwa kumwe n’abari basangiye ikirindi

lundi 5 Nzero 2015

Mu mugambwe UPRONA ishami rirongowe na Concilie Nibigira bamenyesha ko inama yatumweko na komite nkuru y’uwo mugambwe yo mu mwaka w’2009 itaberekeye.

Mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku Mugumya ahasanzwe hari ingoro y’umugambwe UPRONA, abagize ibiro bikuru vy’uyo mugambwe ishami ryemewe n’ubutegetsi bakaba bavuga ko mu mategeko agenga umugambwe UPRONA ataho vyanditswe ko ibice 2 vya bitatu vy’abagize komite nkuru y’umugambwe bashobora gutumako inama y’urwego rukuru rw’uwo mugambwe rwatowe mu mwaka w’2009.

Muri ico kiganiro cahawe abamenyeshamakuru, umunyamabanga mukuru wa UPRONA ishami rya Concilie Nibigira akaba yasavye abadasigana bose yaba abamaze kwiyunga n’iyindi migambwe canke abiyita ko bari hagati kugaruka muri uyo mugambwe. Mukamenya ko urwo ruhamde rw’abadasigana bavuga ko bari hagati ari ururimwo n’Abadasigana nk’abashingamateka Bonaventure Niyoyankana yahoze arongoye uwo mugambwe wa Rwagasore, Martin Nduwimana yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, Therence Sinunguruza nawene yigeze kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu hamwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka Posiyano Niyongabo.

Gaston Sindimwo rero akaba yavuze ko hagati muri poritike hatabaho, ko ahubwo bogaruka mu mugambwe wemewe n’ubushikiranganji canke bakemanga ko bawuri inyuma, kuko ku bwiwe abavuga ko bari hagati kenshi baba bafise inyungu za poritike bagamije.

Kazoza ka UPRONA rero kakaba koba katanabonwa kumwe. Muri UPRONA wemewe n’ubushikiranganji bw’intaro yo hagati mu gihugu mu gihe vyamaze kwerekanwa na sentare yo mu karere ka EAC ko urubanza rw’abiyitirira bose kurongora uwo mugambwe warondereye intahe y’ukwikukira Uburundi, ruzocibwa na komite nkuru ya UPRONA yatowe mu mwaka w’2009, iyo nayo ikaba imaze kwemeza umushingamateka Karori Nditije kuba umukuru w’uyo mugambwe incuro zibiri zose.


Aristide nizigire

Messages

  • NONE AKO KAJAGARI KAZOHERA RYARI???

  • MWARANSE GUFASHA ADC IKIBIRI NONE RABA URWO RUPFU UMUGAMBWE UPFUYE ,,,BAGIRE BAGURE VYA BIZU MWAKWIRAGIZA HOOSE MU MA PROVINCES ,,MURAKINA NA BA DD!!!!NTIMWARI MUZI IKIZOKURIKIRA????

  • jewe conclilia nicuti nkunda ncane gaston,ndayizamba,bazompora,trarcice etc mutegerezwa kwutwuva ko tutegerezwa kwivuza umugera kuko ntahandi twokura amahera atari muri uprona ibisigaye,nivyanyu

  • ,jewe ndumu porona ariko rero kuvuga ukuri birababaza rimwe rimwe kdi hari nabadashaka kukumva.Ariko rero UPRONA ntakabuza irafudika kuko atagihindutse ntibazoronka na un pourcent nkaba mbesha muzompinyuze.Kubera bacitse abagererwa ba cndd-fdd bashobora kuronka quelques postes nihaba TRANSITON kuko ivyamatora NDAYICARIRIYE adahinduye imvugo les choses vont se compliquer davantage. Abatwara umugambwe barateye agahinda, ubwenge bwabo bwaradegeye babona inda ibindi ils s -enfouetent et n- ont meme pas honte.Ikibabaje bafashe iyambere mukwemera ko iyandikwa ryabazoja mu matora ryagenze neza.Conciliya nareke kugira Uprona NYAKURI kandi nakure zirya MBONERAKURE ziwe ku MUGUMYA, hanyuma yemere ko ari UMUKENYERERARUGAMBA areke kudusamburira umugambwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.