Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu murwi CENI ntaco bashima kuvuga ku kwitoza ubwa gatatu kwa Petero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Mu murwi CENI ntaco bashima kuvuga ku kwitoza ubwa gatatu kwa Petero (...)

Mu murwi CENI ntaco bashima kuvuga ku kwitoza ubwa gatatu kwa Petero Nkurunziza

mardi 24 Ruheshi 2014

Mu gihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza avuga ko ari umwana w’umugambwe CNDD FDD ko hamwe umugambwe womutanga atacobuza yitoza, mu murwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CNI ntaco bashimakubivugako.

Umuvugizi w’uyo murwi CENI akaba yavugiye mu kiganiro abavugizi bariko baratanga mu ntara ya Kirundo ko, ikibazo c’abazitoza kitaragera ko bagira ico bakivugako. Amenyesha ko umunsi niwagera bazoheza bakamenya ico babivugako. Abandanya avuga ko yaba abazokwitoza ku bushake bwabo canke abazitoza barungitswe n’imigambwe bakomokamwo mu bibanza vy’uguhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu, abashingamateka, abazoja mu nama mpanuzwajambo ya komine bose bazogira ico babavuzeko, ikiringo nicagera.

Mukamenya ko, kuva bitanguye kuvugwa ko Petero Nkurunziza ashobora kuzitoza mu kiringo ca gatatu, abatari bake bamaze gushikiriza amakenga yabo, aho bamwe bo banavyiyamiriza, bakavuga ko azoba arenze ibwirizwa nshingiro rya Repuburika y’Uburundi n’amasezeranoy’i Arusha. Yaba amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’imigambwe itandukanye, bakaba bose basaba ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, atosubira kwitoza ubugira gatatu, nyabuna umugambwe wiwe CNDD FDD ugatanga uwundi mukandida mu ntumbero yo kwubahiriza amategeko.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ni vyiza ko CENI yokora nkiyigenga, hanyuma umukuru w’igihugu Nkurunziza yoba umugabo canke umushingantahe, akubahiriza ibirizwa nshingira be n’amasezerano yi Arusha. Nivyiza ko yova kubutegetsi na honneur yiwe nka President Domitien, ahandi ho azohava asanga abaye nka Ex- president Laurent Bagubo wa Côte d’ivoire. Mugabo sivyo no mwipfuriza.

  • Jewe sindatahura igituma ico kibazo ca mendat ya gatatu ya nyakwubahwa Petero NKURUNZIZA. Yaracishuye neza avuga ko ari umwana w’umugambwe CNDD-FDD. Ko umugambwe akomokamwo niwabona ko bikwiye kandi vyubahirije amategeko y’Uburundi na canecane ibwirizwa shingiro, bigenze uko ukamugomwa atogambararira abagumya banga. None ikibazo gisigara hehe? Bose ni imboneza kandi ni inca bwenge. Ico ibwirizwa shingiro rizerekana kuri iki kibazo nico kizoshirwa mu ngiro.

  • ABATIFUZA KO AZITOZA BABE BARATEGURA KWIYAHURA BITA MURI RUSIZI!!!!! BIKORORA KURIRYANZU YA FINANCE!!!!!!! BIHA ASIDE!!!!!!!!! BAKORESHA IKIZIRIKO!!!!!!! IKIZOBOROHERA NICO BAZIFASHISHA HIHIHIHIHIHIII IKITURAJE ISHINGA SUGUKURANWA!!!!!! TWEBWE TWIFUZA ITERAMBERE

  • nimumenye gutandukanya ibintu nkurunziza si ntibantunganya we yakuye matuturu mugitondo sacenda abayongeye kumusubizaho!!!!!!!!!!leta yuyumusi sicokimwe nizarangiye!!!!!!!

  • Abantubamwe mwakinogihe nintumva! Nyenicubahiro umukuru wigihugu yarabasiguriyeko ivyoyiyumvira sivyo vyotuma yitoza yavuzeko arumugambwe uzotanga uwuzokwitoza kantiyiyibagiwe nokubabwirako umugambwenawo utegerezwa kwubahiriza ibwirizwashingiro ryu Burundi jewe ahoniho nibaza nti abantu turumva? Zanke nukumugerageza ngobumve kwarogota, canke numukuza mucueagura?!!!

  • Shakampanure mwebwe mukekeranya menyeneza ko igihugu cashikiyebeneco hanyuma udashaka nkurunziza yohunga akadusanga iyo twahungiye canke agatakereza akmbara umwambaro agatamba mubandi ziryezirye canke bacemwo canke agashirira ntakundi

  • Ceni birya birajwi kwatacobazohindura namanyanga yakoze umukuruwa ceni mumatora yaheruka ubu ninkokumushumira

  • Asha ni bamuhe urwo ruhusha rwo kwitoza hama uwutazomushima areke kumutora uwukimushima nawe amutore jewe simbona igituma bamutinya

  • Mbe je nibarize none ko nziko uburundi bufise incabwenge zindi mbenone uyo nkuru nziza niwe mboneza yonyene ihari muri dd aho ho niwamubindi washiz uvyivy kuko baratangaza amakungu cane kwumva umugambwe avec deux mandat ngo baramushima mbe ivyo ko biri muvyo bamye banka none rero amakosa babona kuntwaro bagwanya kuri bo bibaye amanota meza? ikebuke mubise abandi batware kandi ntaguca iruhande bisa mwene wanyu agato rwasa agukorere mungata ikivi cumwe kiravuna.

  • Mbe je nibarize none ko nziko uburundi bufise incabwenge zindi mbenone uyo nkuru nziza niwe mboneza yonyene ihari muri dd aho ho niwamubindi washiz uvyivy kuko baratangaza amakungu cane kwumva umugambwe avec deux mandat ngo baramushima mbe ivyo ko biri muvyo bamye banka none rero amakosa babona kuntwaro bagwanya kuri bo bibaye amanota meza? ikebuke mubise abandi batware kandi ntaguca iruhande bisa mwene wanyu agato rwasa agukorere mungata ikivi cumwe kiravuna.

  • Mbe je nibarize none ko nziko uburundi bufise incabwenge zindi mbenone uyo nkuru nziza niwe mboneza yonyene ihari muri dd aho ho niwamubindi washiz uvyivy kuko baratangaza amakungu cane kwumva umugambwe avec deux mandat ngo baramushima mbe ivyo ko biri muvyo bamye banka none rero amakosa babona kuntwaro bagwanya kuri bo bibaye amanota meza? ikebuke mubise abandi batware kandi ntaguca iruhande bisa mwene wanyu agato rwasa agukorere mungata ikivi cumwe kiravuna.

  • Igitangaje nicahe?uwo atwara CNI ava muwuhe mugambwe?murabona ko nabajejwe sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro bahinduwe?muzoba mumbwira.natange icegeranyo c,amatora ya 2010 turabe ko akironka.

  • Abo badashaka ko yitoza batinya iki niyitoze hama uwutsinda azoce atwarira bose

  • Jewe nibaza ko hari abarundi bamwe bama barajwe ishinga no gusamaza abenegihugu kugira ibikorwa vy’iterambere bibe birahagarara. Imisi yose ntakindi kibazo bafise atari mandat y’umukuru w’igihugu, mbe ko batarigera babaza ko ibitigiri Arusha yatanze mukugabangana inzego vy’ubahirijwe? aho uwo genda mu ma ministères yosanda les quotas 60% hutus et 40% tutsis vyubahirijwe? ko batarigera bakivuga ngo twumve koko ko barajwe ishinga nuko Accord d’Arusha ikwirikizwa hose? Twarabahinyuye ni muje ngaho muhore ico mugomba turakibona.

    Nyakwubahwa Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu Peter NKURUNZIZA nakomere k’umuheto, atez imbere igihugu, natwe turi inyuma yiwe.

    Mbega abo batagomba ko yitoza bafise ingorane iyihe? Jew nzi ko muri démocratie uwugomvye wese aritoza hanyuma abenegihugu bagaca urubanza. Sinumva ubwo bwoba aho buva nimba koko baziko inyuma yabo hari ababashigikiye. Atari uko ngira ibibabazo vy’uwo muntu agomba guhiganwa abanje gukuramwo bamwe.

    Naho bitaniy nababana bagomba kugira urukino rwo kurwana hama bakabanza kuvugana ngo aha ntiharimwo, nibemere baze batsindwe kumugaragaro amakungu abibona.

    Ikibazo nibariza abo batagomba ko Peter Nkurunziza yitoza mbe bomenyera Pacifique NININAHAZWE amaze imyaka ingana gute arongoy FOCODE?nabandi ntiriw ndavuga barongoye aya mashirahamwe aja imbere mukutagomba ko NKURUNZIZA yitoza, Mwomenyera MBONIMPA P.C amaze imyaka ingana gute arongoy aprodh?

    birakwiye ko aba bibaza ko ivyabo atababikwirikirana bomenya ko vyose tubibona nka benegihugu.
    Jewe nyabuna ndakeneye ko CVR yojaho na ningoga kugira abaduhekuye abatumy twangara tukabura abacu n’ivyacu bafatwe bahanwe, abatubujij kwiga ama kaminuza atabwenge twari tubuze bahanwe ndaziko hari abazotangara.
    nayo kwiririmbisha ngo intama zama ziriko zirarenganywa babihebe kuko bibwirwa benshi bikumva bene vyo.

  • Nyakwubahwa Mvugusi reka nkunganire kuko ushikirije ivyiyunviro vyubaka kandi bitomoye caaane,iyo arusha bitwaza nibamenye ko tutayemeranije twese,kuko nabone ntibayubahiriza,reka mpere kubutungane bama bitwaza ngo ntibukora neza,kuva kuri micombero bwuzuyemwo abo banyamugamba gusa,uravye mundero ,mumagara yabantu,mumabiro menshi nabo batutsi benewacu bonyene usanga bivugira,none ngo arusha yubahirizwe kubiringo!?,nibitigiri,kandi nabo batavyerekwa,Ehe ikindi,mwayo mashirahamwe ngwadaharanira ivyicaro nayo,base akurakuranwako nabo batutsi gusa,bitwaza ngonayo bishingiye,RUFYIRI,PACIFIQUE,amasendika yabigisha humiyeko ubwoko Tutsi gusa,ahubwo nibareke kudukora munkovu,kuko gutonekwa(Gutonekara) kurababaza gusunvya gukomereka,nibatekereze tubane,batavyemeye naho biyahure,muga ico bazomenya co nuko atamuntu azosubira guturirigwa mwi pine,mwaya mabarabara yabujumbura,uza wunva badutse ngo imyiyerekano,namba ziba arintezi zibafashe zishaka kubuhura ngo bakore nkivyo bakoze 1993 cagihe bari aba sans -echeck et sans -efet,Ehe ikindi CNTB isavye ngo basubize amazu namatongo basahuye abahutu benewabo bagwa bashinye,bagaca bagira urunani gwintamenwa,ngo bariko bararenganwa,oho hose bakikingiriza ayo mashirahamwe bifondafondeye asa n’uko arayubwoko bumwe gusa,numuhutu canke umutwa arimwo ntagiremwo ijambo canke ingingo yogiramwo,NAKAMUNA icambu Cakiranvu Domitil,presidant NKURUNZIZA siwe azohishira kuko nambere siwe yihaye kuba prednt,nitwe abanyagihugu dufise kumugena,ntanumwe rero azotwankira gushira ho dushaka,nayo makungu mwitwaza,yaje ngaha aruko twisubijeko agashambara twebwe nyene abarundi.igihe twariko turamarana yo yazanamwo inkoho zokutumara gusa,zigugwa na L,Etat ya BUYOYA hamwe nibidege bidakomeye,mugasha urya muzungu yaratabaye abarundi benshi mukusondeka,akabagurishako ivyahwereye,mwaciye mubona kwemera turicarana,karagaciyemwo murambabarira.navuga sinavura,uwuri nubwenge ntihabuzemwo ico yatahuye.

  • Uriya mugabo yiyita Rutovu yarasaze nimba tari amaraso y’abantu yishe ari kumubiramwo. Son Exellence Nkurunziza n’arambe kabisa. Ariko yibuke ko atariwe wenyene azi guteza imbere igihugu. Ukagira ibikorwa bigaragarira amaso tubona mu Burundi niwe yavyubatse vyose? Ama Avocats niyo ateje imbere igihugu?
    Hari umugabo yanditse avuga ko buri myaka 50 buri gihugu kironka Umutegetsi umwe Rudende agitea imbere hamwe abavuka inyuma y’aho bama bamwibukirako.
    Nimba uwo mutegetsi ari Nyenicubahiro Nkurunziza Petero, azohave abise bandi tuzokwame twibuka iryo terambere yagejje ku barundi (mukurwanya ubukene, mugutera amavocats, mukurwanya igiturire, mukurwanya amacakubiri y’intara, amoko n’amadini, mukwubaka ama industries menshi, etc....)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.