Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri CNDD FDD barakebura abatitavye ibikorwa vyo guhinyanyura ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muri CNDD FDD barakebura abatitavye ibikorwa vyo guhinyanyura ibwirizwa (...)

Muri CNDD FDD barakebura abatitavye ibikorwa vyo guhinyanyura ibwirizwa shingiro

vendredi 28 Ntwarante 2014

Umugambwe CNDD FDD urakebura abashingamateka batashize imbere inyungu z’igihugu, bareka kwitaba ibikorwa vyo kwiga ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, kandi mu mpinyanyuro z’iryo bwirizwa shingiro harimwo n’ibijanye n’iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Kubw’umushingamateka Pascal Nyabenda arongoye CNDD FDD, bari kwinjira mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, ivyo banegura bakabishikiriza mu nama ya bose.

Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD amenyesha ko abashingamateka batitavye ibikorwa vyo guhinyanyura integuro y’ibwirizwa shingiro kuwa gatanu igenekerezo rya 21 Ntwarante bashize imbere inyungu zabo kurusha iz’igihugu. Nk’uko bishikirizwa na Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD, abo bashingamateka bari kwitaba ivyo bikorwa, ivyo badashimye bakabivugira mu nama nshingamateka, na kare ko atawari kubahatira gutora ivyo batemera mu ntwaro rusangi.

PNG - 570.7 ko
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD - FDD

N’aho iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro itashoboye gutorwa n’inama nshingamateka kubera igitigiri kitakwiye, mu mugambwe CNDD FDD bamenyesha ko mu kurindira iyindi nzira, igihugu kizoguma kigendera kw’ibwirizwa shingiro ryari rihasanzwe, ahubwo bagasaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ko yokwerekana vuba ivyohinyanyurwa mw’itegeko rigenga amatora hisunzwe ibwirizwa shingiro rihari, kugira vyemezwe n’inzego zibijejwe, maze umurwi ujejwe gutegura amatora ubandanye imyiteguro y’amatora Uburundi bwimirije mu mwaka w’2015.


Egide Nduwimana

Messages

  • Aba DD muri ibijuju gusa!!ehe ingene gisa!!mwebwe nimwe mutaraba inyungu zanyu gusa!!izo mpinyanyuro muvuga ukagira zari zije munyungu zabanyagihugu boose cnke zaba dd gusa!!!!ba mukaziba iyo mubuze ivyo mudebagura!!ibijuju gusa puu!!

  • Weho niwinigire amakoti wicecekere wahereye kera uvuga ko peter amazegutwara rimwerizima birateyubwoba nisoni nkumuntu nkawe atavugukuri asha barabivuze yuko ubugabo atajunja egokweli barabavumbuye nka Mporona.

  • Nyabenda nasubire kwiga guharura biramugora agende ajanye na karenga Ramadhanatazi guharura abashinga mateka badashika ni 100 nyabenda ibiringo vy’umukuru wigihugu ntashoboye kubiharura .

  • Abarundi turakwiye kwigaya no guterw’isoni no kuba tumaze Dix ans dutwawe nibijuju nkibi. Na east african comunity ari kuvuga yarahakanye ko itokwicarana nibijuju bishir’imida yabyimbere gusa. Muri 10 ans bitwara nta na centimeter nimwe uburundi bwigeze buterimbere ahubwo byose byasubiye inyuma, none raba amatora aregeje bitanguye kuza bikanura amaso ameze nkayi mitubu bivug’ubusa.

  • Benewacu,urubuga rw,ikinyamakuru Igihe ntikihari ngo dutukanireho ahubwo dushikirize ico twiyumvira kunkuru iba yavuzwe.Twikebuke kandi dutsinde ishavu na Porona yatwaye imyaka 40 yarahavuye na cndd fdd izohava abandi baze nuko bose baza basa mu makosa kiretse impumyi canke ikiragi kitumva nibo bonyene bompinyuza.Ntawarazi ko umuhutu yosubiye gupfa yishwe nko muri 72 kandi hatwara abahutu.murakoze

  • Mwese murahumba,ayo nayo mwidedembera,ntawundi mugambwe ushoboye gutwara abarundi atari CNDD-FDD.kuko mwebwe abarundi mwaramaze kwononekara mumitwe,ngira vyatewe nibihe mwabayemwo bitari vyoroshe,none raba nomuvyo mushikiriza mubinyamakuru canke kuma Radio ntibigira umutwe namaguru,CNDD-FDD izobarongoora neza caaane,namwe muguma mukoma induru,muguma muyogooraaa.iyo nyifato yanyu,nivyo muvuga ningaruka yivyo baso na basogokuru banyu bagambaniye igihugu c,uburundi.nobasaba kumenyera kuko nabandi bari baramenyereye,kandi mwoshaka mwokwitonda,mutitonze naho muzokomereka bagenzi,kirimwo ABAGABO bijunja nijambo.ndabasabiye kumana data rugira vyose guhinduka.

  • None kuyu yiyise ngo Mwarimu nyomba urimwarimu wigisha ibisino none nkahuvuziki?urashobora kwifatira abantubanganuku banditse none ivyobavuga kwarukuri ntibavuge?ngurya shobuja bamutumyeko gutanga umuco kubantubirirwabahandagurwa ukobukeye ukobwije bamuhegasopo nabandanya bamucire urukwiye wwenuryutwobaguha uceceke akarinyuma karahinda.

  • Iyofoto yugo rugabo twayihaze kuyibona muyidukure mumaso plz

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.