Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri FNL bariyamiriza urwandiko rwarungitswe n’abiyitirira kuba mu nzego (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muri FNL bariyamiriza urwandiko rwarungitswe n’abiyitirira kuba mu nzego (...)

Muri FNL bariyamiriza urwandiko rwarungitswe n’abiyitirira kuba mu nzego nshingwabikorwa

lundi 19 Myandagaro 2013

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL urongowe na Miburo Emmanuel ariyamiriza umurwi w’abantu 44 barungitse urwandiko basaba ko hotunganywa ikoraniro kaminuza na Rwasa Agathon agatumirwamwo. Jeacques Bigirimana amenyesha ko atazi abo bantu biyitirira kuba bari mu nzego nshingwabikorwa z’umugambwe FNL.

Ugutahuka kwa Rwasa Agathon kwazanye ukutavuga rumwe mu majambo ashikirizwa hagati y’abagize inzego nyobozi z’umugambwe FNL. Inyuma y’iminsi mike gusa agiye ahabona, mu mugambwe FNL baciye bamufatira ingingo ruhasha, bamwirukana burundu muri uwo mugambwe. Insiguro zatanzwe na Emmanuel Miburo aramutswa FNL, n’uko Rwasa yoba adahanuza kandi agafata ingingo z’umugambwe wenyene. Bamwagiriza kandi kuba ariko ahamagarira abanyagihugu kugarariza ubutegetsi buhari.

Mu mpera z’indwi twaraye turangije, hari umurwi w’abantu 44 bavuga ko bari mu rwego nshingwabikorwa mu mugambwe FNL barungikiye urwandiko abarongoye FNL bamenyesha ko ikoraniro ryakuye Rwasa Agathon ku burongozi bwa FNL muri Myandagaro 2012 ritubahirije amategeko, bongera basaba ko hotunganywa irindi koraniro kaminuza ryisunze amategeko, na Rwasa Agathon agatumirwamwo.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL, Jeacques Bigirimana amenyesha ko abo bantu batazwi nk’abari mu nzego nshingwabikorwa z’umugambwe FNL. Kubwa Bigirimana Jeacques, abo bantu bovugana na Rwasa atemera inzego nyobozi z’umugambwe FNL.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.