Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri FOCODE basaba ko imboneshakure y’igihugu yoha ijambo n’abatavuga rumwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muri FOCODE basaba ko imboneshakure y’igihugu yoha ijambo n’abatavuga rumwe (...)

Muri FOCODE basaba ko imboneshakure y’igihugu yoha ijambo n’abatavuga rumwe na Leta

dimanche 4 Myandagaro 2013

Leta y’Uburundi n’urwego rw’igihugu CNC (Conseil National de la Communication) rujejwe kugenzura itangazamakuru bari bakwiye kwubahiriza uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro ku rugero rumwe ku mboneshakuru y’igihugu.

Ivyo ni ivyashikirijwe na Pacifique Nininahazwe, umukuru wa FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement), aho yamenyesheje ko rimwe na rimwe imboneshakure y’igihugu umenga ikora imyiyamamazo y’umugambwe uri ku butegetsi.

Yisunze ibwirizwa shingiro ingingo ya 284, akarongo ka gatatu, Pacifique Nininahazwe amenyesha ko umurwi CNC ufise ubushobozi bwo gusaba iyubahirizwa ry’ugushikiriza ivyiyumviro hamwe n’ukwubahiriza ukwo gushikiriza ivyo vyiyumviro ku rugero rumwe.
Mu gihe abona ko imboneshakure y’igihugu yerekana umwanya munini ibikorwa vy’umugambwe uri ku butegetsi nk’uko woba ariwo wonyene uhari mu gihugu, Pacifique Nininahazwe yarandikiye ikete umukuru w’umurwi CNC amusaba ko imboneshakure y’igihugu yokwubahiriza ubwo butandukane bw’ivyiyumviro.

Pacifique Nininahazwe yibutsa ko imboneshakure y’igihugu ikoresha amafaranga ava mu makori y’abanyagihugu, ari naco gituma idakwiye kwigarurirwa n’umuntu, umugambwe canke urwego urwarirwo rwose, na cane cane ko ivyiyumviro bitandukanye irivyo bikomeza intwaro rusangi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.