Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri Sahwanya Frodebu bati Pacras Cimpaye yironkeye akazi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Muri Sahwanya Frodebu bati Pacras Cimpaye yironkeye akazi

Muri Sahwanya Frodebu bati Pacras Cimpaye yironkeye akazi

vendredi 1er Ntwarante 2013

Mu mugambwe Sahwanya Frodebu, bavuga ko igenwa ry’uwahoze ari umuvugizi wawo Pacras Cimpaye kuba umunyamabanga w’uwuserukira Uburundi i Teran ataryo bazi. Bavuga yuko ahubwo ari akazi yironkeye.

Uwahoze avugira umugambwe Sahwanya Frodebu Pancras Cimpaye, yaraye agenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu kuwa 28 Ruhuhuma, kuba umunyamabanga wa mbere mu buserukizi bw’Uburundi i Teran mu gihugu ca Irani.

Mu mugambwe akomokamwo Sahwanya Frodebu, bavuga ko ivyo ari ivyiwe. Nk’uko bimenyeshwa n’icegera c’umukuru w’uwo mugambwe Ferederiko Bamvuginyumvira, ngo Pancras Cimpaye yaronse akazi yari amaze imisi yironderera. Avuga ko ivyo atawe vyotangaza kuko uwo Pancras asigaye yigirira ivyiwe no mu mugambwe batazi.

Ferederiko Bamvuginyumvira, yibutsa ko Pancras Cimpaye n’igihe yatahuka ava mu buhungiro, yaje mu mugambwe aturukamwo atavyo bazi. Yemeza ko yaje yiyumvikaniye n’ubutegetsi, kanatsinda ngo amaze gushika, mu mugambwe ntibigeze bamenya ivyo arimwo.


Jean Michel Ndayikengurutse

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.