Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muruta : Nta gushihana bapfa imigambwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muruta : Nta gushihana bapfa imigambwe

Muruta : Nta gushihana bapfa imigambwe

samedi 27 Mukakaro 2013

Muri Komine Muruta mu ntara ya Kayanza, abanyagihugu baremeza ko babanye neza mu budasa bw’imigambwe baturukamwo. Ivyo bigaca bituma abanyagihugu bitabira neza ibikorwa vyabo vya minsi yose, kandi ndetse bagaca babasha n’ugukora ibikorwa vyabo bibateza imbere kuko amahoro ariho muri komine yabo.

Abanyagihugu bo muri iyo komine bavuga ko aho guta umwanya bariko barashihana, bafashe intumbero yo kwiyamiriza ibibatandukanya, maze bijukira ibikorwa vy’iterambere rusangi mu kwubaka amavuriro, amashure n’ibindi. Abo banyagihugu bo muri komine ya Muruta, baremeza ko ivyo bikorwa rusangi bijamwo abantu bose, atanumwe asigaye inyuma, kandi bikajamwo abahurikiye mu migambwe yose itandukanye.

Barnabé Mpitarusuma wo mu gisagara ca Kayanza asanzwe ari mu mugambwe CNDD-FDD, avuga ko ashimishwa n’umubano mwiza bafitaniye n’abari muyindi migambwe. Mpitarusuma abandanya avuga ko bafise ukuntu bama bahurira mu bunywero abo babana bose kandi mu budasa bwabo, bwije abandanya avuga ko baherekezanya, canke bagafashanya mu kwunguruzanya ku mapikipiki, gushika babonye ko atawusigaye mu ngorane. Mpitabakana abandanya avuga ko abanywanyi bari mu yindi migambwe atari CNDD-FDD uri kubitegetsi, bagira amanama yabo atangorane n’imwe kandi bataburagizwa mu bikorwa vyabo vya politike.

Abanyagihugu rero bo muri komine Muruta mu ntara ya Kayanza baremeza ko atamishamirano ihabera hagati y’abagumyabanga n’abandi bari mu yindi migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, ivyo rero bikaba bibaha kwiyumva neza na rirya mu zindi ntara bama bumva bivurwa ko abanyagihugu bama bariko barashihana bapfa imigambwe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.