Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Murwi : Umukuru w’umugambwe CNDD FDD yagirizwa gushurashuza akigeme ku munsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Murwi : Umukuru w’umugambwe CNDD FDD yagirizwa gushurashuza akigeme ku munsi (...)

Murwi : Umukuru w’umugambwe CNDD FDD yagirizwa gushurashuza akigeme ku munsi mukuru w’abakundana

dimanche 16 Ruhuhuma 2014

Alexis Ntakarutimana umukuru w’umugambwe CNDD FDD muri komine ya Murwi, ari mu minwe y’inyamiramabi ku caha yagirizwa co gushurashuza, ku munsi mukuru w’abakundana, umwana w’umwigeme yiga mu mwaka w’icenda.

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, aho abakiri bato n’abandi bariko bahimbaza umunsi mukuru w’abakundana, iyo ndongozi yo muri CNDD FDD mu ntara ya Cibitoke yahisemwo guhendahenda ako kigeme, aho yafatiwe mw’ihoteri y’i Buganda yagirizwa gushurashuza uwo munyeshure, aca ajanwa mu nyamiramabi kubazwa.

Amakuru dukesha bagenzi bacu bo kw’iradiyo BONESHA, avuga ko uwo mugumyabanga atari irya mbere akora ivyo, ndetse akaba yahora abivugwako, ariko hagira ngo haragize uwushaka kurukura mu kanwa, akamutera ubwoba, abanyagihugu bagapfana ishavu n’agahinda.

Abantu bagasaba ko amategeko yokora, ntibaze bamubone asubiye kwidegemvya intahe itamwokereye. Ivyo bikaba vyotuma ndetse n’abandi bama bikika mu kiza canke bakitwaza ubutegetsi bafise mu kurenga amategeko, boca bisubirako.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mumbaye kure mba nsoroye!Ubusambanyi ni bwo bwa mbere busibije igihugu,mu ngo zose ubu ni amarira kubera abo bafise amahera ntaco bacibanga.Boza barabahana ngira n’ubusuma bwogabanuka.Bibagira ko ubusambanyi ari inkwezi y’imivumo yose.Ni bakomere babafate kandi bahere mu bategetsi kuko ni bo bagisibije,maze bahamvye Bamvuga ako ku Musaga bakabazwe ,abakenyezi tuzobagemurira kuko biri mu vyo twemeye.

  • bazi kubeshera abandi, naho mu gushurashura aribo babizanye mu gihugu.nafatwe ahubwo aze ahereyo. urumva umugabo nk’uyo aja gushurashuza umwana ataye umutamakazi wiwe munzu. mbe yibaza ko umukenyererarugamba wiwe wewe atarakeneye ko basangira umunsi mukuru wabakundana.

  • Erega ubusambanyi buri mukaranga mutima ka ba CNDD ntagitangaje kirimwo

  • we sha kagabo wiyise jaffari,uze wame wibuka ko sakirimikibi yatanze umurozi gupfa.
    "hakuvuga nabi worya nabi."

  • Uworero uzosanga atanguye kuvuga rwararengana? muzemuratwereka ibivyemeza simusiga nkakurya kwa Bavuginyumvira, nubwobitababuza kuvugako barengana mwibukeko Bamvuginyunvira yakomeje guhakana kandi hariho ivyemezo simusiga. Reka ndabasetse harumuntu yafashwe yivyigitoke maze barakimwikoreza akirimunzira ahura nuwumuzi maze aramubaza atintuza niwewe wivye icogitoke? mazenawe aramwishurango NUMVANGONIJEWE!?

  • AHUBWO IVYABA DD VYANANIRANY! UWO NUW NUKO BAMOFASHEA.NIBAKOMEZE NABANDI BAZOBABONA.UMENG ABA CNDD BARABAROZE.NUKUKUNT BIYITABAGUMYA BANGA UWOCIG NEZA BOB BAGIKUYE KUNGESO MBI BAFIS.AHUBWO NGIRAKISHAMBA KARAVYUK.UWO AGIZIMAN AGAFATWA NIBAMUHAN.YAMARA KARUMU DD BAZODUHUM AMASO NGARAHANW BUCE YIDEGEVYE.ICOBAZI NUKURENGANY.

  • Kuko ubutungane bwo mu Burundi butizewe Burongow. n’ abomumugambw uri kubutegetsi mwibaza ko intahe izomwokera?? barayamaz bati :" NTAWURIBWA N’INZOKA NGO Y’ITWARE KW’ISATO"kand ngo "UWUHAGARIKIWE N’INGWE ARAVOMA"

  • ako kayabaga ngo ni agatutsikazi, nukuvugako umuhutu iyo arongoye umututsikazi aca yiyumvamwo ubuhizi bukomeye. umuhutu naho yohabwa isi yose aguma yumva akeneye umututsi iruhande rwiwe. kuki dd atahaye kirya kibanza ibindi bisahiranda vyo mu bahutu bagenzi babo???

  • rindira petero nawe uzumva ngo yarenze concilia

  • Emwe, umu dd atogira ibitagirwa ntiyoba ari we?akabi n’akabibi kose n’akatarabaho, muzokaronderere mu ba dd.je ntanakimwe kikintangaza,mbe ikinyeshamba cokwigenza gute ko bataramenya kubana n’abantu?

  • Nonaho biteze gutwarigihugu?ko bariko bikweger’imivumo!ntibazi ,ivyago abo mubislaël babonye!bakore guhemukir’IMANA n’abavyeyi!!!

  • UGWANKO GABATUTSI BANKA ABAHUTU BANKA BAKUNDA BAZOBAGANZA. KANDI NGAHO UPRONA URIKO IRISHURA AMARASO YABAHUTU NATUTSI NABATWA YISHE. IYOMBA NDUMU DD NOCIYE MFUTA UPRONA MUYINDI MIGAMBWE EREGA NABICANYI GUSA BATUNZWE NOGUSESA AMARASO GUSA

  • Nuko Basambisha Uwomukobwa Hama Ukuri Kukaza Ahabona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.