Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Musaga : Aba JRR bariko barabana ku kajisho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Musaga : Aba JRR bariko barabana ku kajisho

Musaga : Aba JRR bariko barabana ku kajisho

dimanche 27 Ndamukiza 2014

Abahurikiye mu muhari w’urwaruka rwa JRR bo mu mugambwe UPRONA mu gisagara ca Bujumbura bazindutse barabana ay’ingwe muri komine ya Musaga, abo nabo bagapfa ko hoba hagira hashirweho inzego zishasha.

Nk’uko bamwe muba JRR bavuganye n’ikinyamakuru IGIHE babimenyesheje, ayo matora ariko atunganywa n’uwitwa Abel Gashatsi asanzwe ari umunyamabanga wa kabiri mu mugambwe UPRONA ibaba rya Konsiriya Nibigira ryemewe n’ubutegetsi. Abo ba JRR bakavuga ko badashobora kwemera ko izo nzego zishirwaho n’wo Gashatsi, mu gihe hakiri impari mu mugambwe wabo, ndetse nawe akaba ari mubafatiwe ibihano n’umugambwe UPRONA.

Umugambwe UPRONA rero umaze igihe ufise indyane mw’itunganywa ryawo, aho ndetse uyo mugambwe ubu utagira n’umukuru wawo yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, uwuhari avuga ko awuserukira imbere y’amategeko, ariko ko atari umukuru w’umugambwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.