IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musenyeri Banshimiyubusa : « Ibintu ntibishobora kuguma uko bimeze ubu (...)

Musenyeri Banshimiyubusa : « Ibintu ntibishobora kuguma uko bimeze ubu »

mardi 8 Ntwarante 2016, par egide

Inama nkuru y’abepisikopi ba Ekereziya Gaturika mu Burundi imenyesha ko inzira y’ibiganiro hagati y’abanyeporitike babona kure ariyo nyene izotorera umuti ibibazo biri mu Burundi. Kubw’iyo nama nkuru y’abepisikopi, uwufise vyinshi kandi ashinzwe vyinshi, azobazwa vyinshi.

Inyuma y’inama yahuje abepisikopi ba Ekereziya Gaturika mu Burundi, Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa arongoye iyo nama yamenyesheje mw’itangazo yasohoye ko ata yindi nzira izoshikana abarundi ku mahoro arama atari iy’ibiganiro bidakumira.
Muri iryo tangazo, Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa yamenyesheje ko ibiriko biraba mu Burundi bizobazwa ubutegetsi buhari, akibutsa ko intwaro y’igikenye ataho yoshikana Uburundi n’abarundi.

« Uburyo nyabwo bw’ugushikira uburongozi hamwe n’ukubisikanya ku ntwaro bukwiye kuba ubuhe? Ubw’uko abanyagihugu boza baraja mu matora akozwe mu nduru canke mu gitsure c’umugambwe umwe wihitiramwo imperekeza zawo? Abarundi boba bagiye gihitamwo gusubira mu ntwaro y’umugambwe umwe wica ugakiza? Ico tubona n’uko ibintu bidashobora kuguma uko bimeze ubu», Musenyeri Banshimiyubusa Gerevasi akamenyesha ko naho abategetsi b’Uburundi ataco badakora kugira bumvishe abarundi n’amakungu ko ibintu vyifashe neza cane, atawohisha ko hari ukutumvikana hagati y’abanyeporitike. Abandanya agira ati : « Igiteye ubwoba kurusha, n’uko ivyo vyose biriko bisasira indava ubwicanyi bubandanya bukorwa, bigasasira indava inyuruzwa ry’abantu bahaye batora ibinogo bahambwemwo, bigasasira indava ukwiteranya ku babanyi no ku makungu.».

JPEG - 22.9 ko
Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa arongoye inama nkuru y’abepisikopi ya Ekereziya Gaturika mu Burundi

Uwo arongoye inama nkuru y’abepisikopi akabaza ati : « None iyo nzira ni iy’umunyeporitike yemera Imana, agakunda igihugu yobandanya ashira imbere. Inyishu nyayo kandi irama y’ico kibazo, nta handi izova atari mu biganiro hagati y’abanyeporitike babona kure.»


IGIHE

Messages

  • Narekure Ibikofero Nka Shetani Amashikanwa Yabuze Mwisengero None Kirimwo Kuvuza Induru Toka

  • Kuvugisha Umunwa? Ambara Gisoda Urase Canke Bakurase Wibaza Ko Nkurunziza Atinya,komusara Mwifitiye Viza Jewe Nikarangamuntu Mfise Ntiturikumwe!

  • AVUZE UKURI ABANYABWENGE NIBAHURE BAGANIRE BAREKE KUJA GUHENDA ABO BONYAGIHUGU BATAZI GUTANDUKANYA ANAa NGO IBIGANIRO BIRAREVYE MBERE NGOMUVYOBASABA HARIMWO NOGUKURAMWO IBIRINGO MWIBWIRIZWA NSHINGIRO NON ABO WAMVA HARAKENGE BIFITIYE.NANJE MERE NKAWE NTA PRESIDENT NKUR AKIJIJWE!

  • bavyeyi ,bandanya mubereka inzira baba abashaka ubutegetsi canke ababufise muberekeko ibiriko biraba vyose biva kuri se kibi

  • abasenze mwamye mushigikiye abagumutsi ntatwaro nimwe kwisi idahana amakosa izorama kuko muburundi igihe akagageso ka kudeta katoranduranwa nimizi naho tuva ntaho tuja kuko naho hotwara bandi ingeso ya kudeta muburundi irabandanya none rero ico nohanura abatari mwico kibi ccazingamitse uburundi kuva bwikukira nibakirwe mubiganiro abari murako kabi kamakudeta bahanwe niho iyongeso yoranduranwa nimizi muburundi ataruko muburundi turacafise ingorane kuko uwadashinye uwari kubutegetsi wese azokora uko kuko kudeta nibiganiro vyasasiwe indava inda mwabasenyeri muvuga ijambo ryimana hanura ntagihugu kidahana kidakurikiza ammategeko kibaho soma ijambo ry’Imana umutu wese agabiye umwami yama ahanwa canke agahunga simbona abantu basuzugura umutegetsi uku tubibona ko bosasirwa indava badasavye nikigogwe simbabesha tuzokwama murivyo gushika yesu aje niba mubwira abantu ukuri nubu abagomeye Imana bagiye guhanwa atakigogwe ubwami ninkubundi ubwami butahana burasenwa

  • nyakubahwamusenyeri,konkurunzizayerekwakandaripasiterinahowomusigurira,wavugako,avugananimana, akavugananimana.abantubirigwabafu

  • abobantu batagira ico bibanga, bariko baratuka abakozi b, imana, ntibazi gaolika icarico! izo ni incabwenge zihambaye zitavuga irisunitswe n, umuyaga. zivuga ijambo zabanje kwiyumvira. muregera president bagaza, azobabwira abobantu abaribo

  • Ahaaa! Mwabonye Bwa Bugabo Bwihisha Inyuma Yijambo Imana Bukarya Ubutunzi Bwabanyagihugu Imvugo Zabwo! Mutama Peter Murondere Uwamutumye Iryo Jambo Nimba Ariwe Arenguke Kwisigura Hakiri Kare. Iyo Mana Baserukira Niyihe? Niyo Yabibatumye Ngo Nserukira? Uwogaturirirako Iyo Nkofero.

  • abanabo barinyegeza inyuma yamadini kumbe arabanyaporike, ibibavuze vyose ntavyiMana mbonyemwo. vyose vyuzuyemwo poritike gusa, mbega ubu niho babonye ibinoga rusangi? boba bibagiye ibinogo vyokuva 72?. hoho ko atacobavuze kubirirwa baratera zagerenade mubanyagihugu?. ababagabo nibambure ayomakanzu bincire muri poritike kumugaragaro, kuko ivyiMana birabananiye...aba nibagateranya

  • Ubwo Bugabo Ni Ubupoliticiens. Muragabe! Bwigize Ubumana Mugutera Ubwoba Abantu Ngo Imana Yarabutumye? Bahuriyehe? Uwo Ni Umurimo Mwitumo. Nibashinge Imigambwe Tubabone Apana Kwiyorobeka Mubantu. Biha Amazina Atabakwiriye Nico Gituma Nko Kwiyita Nyenubweranda! Nibara Pe.

  • Igihe bica Ndadaye iyonama yabepisikopi k’ataco yavuze shetani yarayigaruriy iyo namankuru yabepisikopi.

  • uwo Musenyeri ivyo yayagura birahuye neza n’izina ryiwe ry’ikirundi abamushima n’ukonyene kand’uwo amamuko yiwe iroma aho kuva kera abatakora nkabo babamba bacuritse abandi bakabah’intare zishonje abandi bakabaturira babona izo n’izo nvugo zabo nivyo bikorwa bakora aragakizwa abo sibo babambishije umwana w’imana babuze ico bamwagiriza bakamwagiriza ngo yatey’umdurumbanyo mw’isoko yo m’urusengero abo ni aba Sekibi

  • Kwatatomoye Neza?Aho yagomvye kuvuga iki?nabo bagomba gukina poritike yindani? nibakure iyo mitamana hoho nabo bareke guhenda abanyagihugu ngo barakijijwe hama bashikire cnared iyiri numva bavuga kumwe ntatandukaniro mbona izo mpuzu bwabundi zirabanyegeza kandi subwambere babivuga.

  • Aho Avuziki Iyombwa Nyakuvuzwa Amasase Nubuhiri Katorika Niyo Yafash Iyamber Mukugumura Abantu Babitangaza Bariko Batumwanya Ngo Bagye Mumisa Politiq Ntamuvugra Mana Ayivangamwo Nibambure Ayo Makofero Baje Kurubuga Rwa Politique Barek Kwihisha Inyuma Yijambo Ryimana Turazi Ko Arabanye Politique Ba Opposition

  • IMANA iBAZIGAME MUVUGIRE ABARUNDI BARASHIZE ,SHETANI YARATWINJIRANYE .

  • Abobasenyeri Nababono Hakuvuga Amajambo Yoguhumuriz Abarund Bakokez Ingwano Twarabahinyuy

  • Komera nyakubahwa musenyeri uvuze ijambo ryiza kanatsinda ekereziya gatorika ifise uruhara rukomeye mwisinywa rya masezerano yarusha nomukunywanisha abarundi nomuguteza imbere igihugu ahubwo nimuve hasi muvugire inzira karengane ziriko zirazira ibigabitanyo vya nkurumbi nakarwi kiwe igihe bagaza agumukiye nimwe mwafashe iyambere mugutabara abarundi baribazingamitswe nubuja bwiwe nubu iryojambo murabe mwarigumije kumuzirikanyi mutabare abarundi kuko barushe muzoba mukoze kandi turizerako bitazobananira kuko iyomusenga irabumva

  • Ivyo avuga ntibisa nuko bakora nabo nibanyakibi mubandi, kibameraniye nabi na Zebiya kwatavuze ati reka tugabire ko avuga ngo uwashinzwe vyishi azobazwa vyinshi we abantu bicishije mumigumuko yaee name Zebiya yarikugahanga kande?? Kobigira intama nano aramabingira.

  • Uwo museyeri ngo nihabe mubiganiro vy’ icambwenge? Ntagira umutima wo kubivuga, mbe incabwenge zisumba bene igihugu ni bande, aho yashaka kuzana incabwenge ko ari abasenyeri, nobwira ngo bize menshi, aho abandi babomora babaziza ubwoko bwabo bitwaza U na I, agarukanye ako musenyeri Ntuyahaga yahora ahezagira inkoho zo kugandagura abahutu, uwo musenyeri akwiye kuja imbere y’ murukiko agasigura incabwenge ashakàkuvuga, ahubwo bakure iyo nkofero aje muri CNARED canke aje mukibira agwanire abatutsi.

  • muratubesha,ntavyiyumviro mbona muvyo nasomye vyose ,murabihagarika birateyisoni. Ivyobandika vyose ntanyungu irimwo kuko mutabikurikirana ,ibitutsi ,kutubaha,ibiterasoni ,vyose mwabirekuye kuki nyamakuru cacu igihe tuzogiheba.

  • Imana iguhezagire musenyeri bwira NKURUBI winyegeza mw’ijabo ryimana ngo ni Pastor. mbega Abarundi banone Barabone canke Nkurubi yabasohomeye Jondama Abatutsi abica ku mugaragaro hama abahutu ababica habarunda mubinogo kugira abamuyoboka batabimenya

  • Mana,ntaco Mfise Novuga Ariko Abatyozabandi Baharire.Mwabantu Mugira Ico Muvuz Kumakuru Abayatanzw Nimwikebuk Mwihane Kukimana Yobarandura.Bakozi Natwe Turashigikiy Cane Ko Ibiganiro Ariyo Nzira Yonyene Yogutora Umuti Wibibazo Biri Mugihugu. Président,menya Ko Haganira Afitaniy Amatati Kugira Atore Umuti.Aho Nshatse Kuvuga Komwoganira Nabadya Bafashibigwanisho Mbere Bafisuruhara Muri Kudeta Yo Kuwa Cumi Nagatatu Kuko Nibo Ahanini Mufitaniy Ingorane.Ndangij Mvuga Ko Hamwe Mutokwemera Kuganira N’uguharira Ntankeka Imana Izokwaka Imigisha Yawe Iyihuwundi.Nkumusenz Fatakanya Museng Mana,ntaco Mfise Novuga Ariko Abatyozabandi Baharire.Mwabantu Mugira Ico Muvuz Kumakuru Abayatanzw Nimwikebuk Mwihane Kukimana Yobarandura.Bakozi Natwe Turashigikiy Cane Ko Ibiganiro Ariyo Nzira Yonyene Yogutora Umuti Wibibazo Biri Mugihugu. Président,menya Ko Haganira Afitaniy Amatati Kugira Atore Umuti.Aho Nshatse Kuvuga Komwoganira Nabadya Bafashibigwanisho Mbere Bafisuruhara Muri Kudeta Yo Kuwa Cumi Nagatatu Kuko Nibo Ahanini Mufitaniy Ingorane.Ndangij Mvuga Ko Hamwe Mutokwemera Kuganira N’uguharira Ntankeka Imana Izokwaka Imigisha Yawe Iyihuwundi.Nkumusenz Fatakanya Museng Muhishuze.

  • Abanye politique babay benshi kweri mugomba muzan intambar yamadini muburundi? Nkaho uvuziki musenye? Abantu baguye mukayanza kwazebiya uremeye kubabazwa? Kuberik wewe utokwemera zebiya ngo muganire sumurundi nkawe? Murabe neza sha mumenyeko aba christu banyu beshi bemera leta namwe nimuje mukiroberi murwane

  • Ndateye Ivyatsi abanditse bose batuka abo bakozi b’Imana ,izomburakimazi ataco zibanga ububi buri mumitima yazo bugaragaza ko bayoboka umwishikira kwa shetani ariwe nkurumbi,rero umuco numuzimagiza ntaho bihurira ,izombunuza ataco zimariye ziribagira ko na nkurumbi atarubahuka gutuka abo bakozi b’Imana ,iyo mikoma yimisega imenyeko iki "n’umusazi arubaha nyina

  • Eka hariho abantu sekibi yamaze kwigarurira imitima yabo abo bantu batuka abo basenyeri ndabibarize ,ikibi bavuze n’ikihe mwababajwe nuko bavuze ko hoba ibiganiro bidakumira yemwe shetani yarabigaruriye pe

  • Ngaho ngo Kagame niwe uteza ibibazo u Burundi ra???...uyu se nawe akoreshwa nawe?!...Nkurunziza ategereza kumva inama z’incabwenge nk’izi!!!akareka ibijuju ngo Nyamitwe cangwa abo nabonye batanga commentaires z’abantu sans education ni morale nka joyce or Kagabo

  • MWABANTU MWIYEGURIYE SHETANI MUBABAJWE NUKO BABABUZA GUKORA IKIBI ,MURIBESHA NAHO IKIBI COGANZA IMISI ,ARIKO IHEREZO UKURI KUZOTSINDA

  • Aba batukana nkaho batabona ko nkurunziza yabataye mumwobo n u burundi yabuhemukiye nonehobavuga nkabatagirumutwe wo kwiyumvira ivyo bavuga bibagira ko uburundi atari ubwa nkurunziza arubwabarundi bose. Kwubaka kuri nkurunziza n ugutinzira nokwiteranya nImana bibukeko uwiyumvira iciyumviro gitandukanye n ucumgambwe cndd nawe ko ari umurundi kandi azoguma ari umurundi kandi umuntu akunda kuvuga ko ababantu bibutsa ubutegetsi kwigarura ko ataribeza, jewe nibazako adakunda na perezida yitako ar uwiwe. ashobora kuzomenya koyavuze, imvugo zigoramye, nabona ibibazo bishitse mumayirabiri

  • Wewe Uvuga Kobasenga Bakumvigwa Urimwo Urabesha. Aho Bagasengeye Ko Mbona Atagihinduka! Ahubwo Ivyo Gusenga Ni Biveho Dukore Gusa. Nk Iryo Jambo Ryuzuye Politike Wumva Imana Yorishima? Arijew Ntwara Twoca Dukinana. Barasubiriye Bashaka Kwonona Amatora Ubu Rero Bavyibagiye? Na Magi Yarasezerewe Namwe Komeza Muzobibona. Na Maprobu Mwashaka Vyaranse None Mwifuza Iki Ubu Naho? Ahubwo Muzohava Mushinga Imigwi Igwana? Nimwihangane. Iyo Mana Yo Hanze Mukorera Ntiyumva Mukwiye Kugaruka Kuri Ya Mana Yacu Y Uburundi Yumva Ikirundi Kiranga Ahandiho Tuzohona.

  • Ariko niki kinyamakuru kuberiki mureka abantu bagatuka gutya

  • JOYCE mbonerakunya uti MUSENYERI nimbwa,none se uwu mutama namashure afise abaye imbwa so wawe rukoti yoca aba iki?

  • mubisanzw uwujj w gusnga nab asnga ivya politiqu abihb

  • IMANA YO MWIJURU IBABARIRE ABO BA DD KUKO NTIBAZE IMANA IYARIYO BO BEMERA IMANA Y’IKUZIMU MURIBUKA KO BATAGIRA BUBAHA BUBAHA RUSUFERI IMANA YO MWIJURU DUSENGA YO MWIJURU IZOBIKORA IBINTU BIHINDUKE SENGA MWIZERA IMANA YO MWIJURU

  • Emwe,nzosubira mwisengero aruko asavye ikigongwe!uyu n’umwanya wo guca ivutu abarundi hari hagezeko abarundi biyunga!erega arasubije ibintu ibuti?iyo mvugo siy’abarongozi!ndumiwe kabisa!ahubwo yovuga ikimubabaje adakikirije.

  • nukuri ibibintu ababatipe bashikirije sibintu vyubaka ahubwo bisasirindava ikibi, bigaha inguvu abahungabanya umutekano. rabanamwe amaraporo ya ONI yagiriza urwanda korufasha abahungabanya umutekano muburundi ababasenyeri bo barabihaka bakavungo nukwiteranya kubabanyi. nibemereko babaye abavugizi burwanda na cnared, ivyiMana wapi kabisa vyabananiye pe. ibi ntahobitaniye nivyayamboneshakure yabafaransa tv3

  • Abo Nabanyacubahiro,kand Ivyo Bashikirije Barabitohoj.Iciza Nuko Ibiganiro Bidakumira Vyobaho Ubu Bwa Vuba Ahandi Ho Tuzokwibuka Kwipfuka Bwakeye,kuko Mbona Urwaruka Rwo burundi Bwejo Ruguma Rushira

  • Abo Nabanyacubahiro,kand Ivyo Bashikirije Barabitohoj.Iciza Nuko Ibiganiro Bidakumira Vyobaho Ubu Bwa Vuba Ahandi Ho Tuzokwibuka Kwipfuka Bwakeye,kuko Mbona Urwaruka Rwo burundi Bwejo Ruguma Rushira

  • Reke Imana y’Uburundi n’abarundi yigaragaze. Mwrinde icitwa inabi cose. Umwe wese agaragaze Ingabirano Imana yamuhaye mugisata ajejwe. Twirinde kwinjiriranira. Dusabe Imana itwongerereze Ubwenge n’Ubwitonzi nka Salomo.

  • Abajejwe Umutekano Nobasaba Ko Botangura Kuja Baragenzura Ibigo Bibamwo Ubwo Bugabo Kuko Bushobora Kuja Busaha Indaro Bamwe Batera Umutekano Muke Mu Gisagara. Muravyiboneye Ko Ari Abaoposant. Ikindi Bwobwo Burahakana Ko Urwanda Rudafasha Mu Guhungabanya Umutekano. N Akamaramaza! Ico Nosaba Kandi Bomufata Ubutungane Bukamubaza Intumbero Afise Ahandiho Muzosanga Bafise N Abagwanyi Bibera Mubigo Vyabo. Mubacunge Mubatangatange Ishavu Riri Kubwica Bwose Muzokwumva Bwishwe N Imitima. Yaba Kudeta Yarabwankiy Yaba Maprobu Yaranse Ibitero Bagize Ku Makambi Vyabasize Mwimvune Nagwa Gwaruka Ruriko Rurabaherako Rwishikana Rwitahira. Haahaahaa

  • Turiyamirize abikika mumadini bagaca baba abanye politique ntakungene bokwitwa kwarabakorera imana bajivanga nugucafuza abandi mbega kitwese turi aba abakirisu tukaba tuva mumigambwe itandukanye busigurako dukora amakosa canke nibavuge umugambwe umwumwe wese wigirire idini turabe abo bazosigarana jewe nohanurako batoza barivanga muvya politique, ahubwo boza barasengera igihugu kugirango namakungu aboneko abarundi turumwe ariko bagatangura ayo macakubiri arabakozi bimana tuzobiyamiriza kandi bizoshoboka nokwa papa ntibibaze ko bitokunda kotujayo gusigura akajagari abo bakozi bimana bariko barazana mugihugu.

  • Nibara Biratangajekubona Abakozibimana Baryoza Ubutegetsi Abenegihugubitoreye Icotubonanukwabobantubofatwa Bagashikirizwa Ubutegetsi !

  • MBEYEMWE KAGANE ARABONAKO AZOKWIGONDERA UBURUNDI CANKE ABO BARIHANZE BARABONAKO BAZOGERA MUBURUNDI KUBWIBIRWANISHO BIBUKEKO UWUFIMBUGITA NUWUBA AYIFASHE IKIRINDI KUBURUNDI HEBE

  • Nago mba ngiricoshikirije kwi ryo tangazo ryasohowe nareta, nukuri iyu butegetsi bwa maze kwononekara, na babugize baca bamera nkabacanganikiwe mumutwe, burya barya bacozi muvyo bashikirije harububi burimwo? Uburundi bwacu bwagiye guhumana, uwerekanye umuti w,Icogarukana umwumvikana namahoro mugihugu, ahinduka umwansi wa bo. iyo niyo ngorane nabonye ngaha mugihugu cacu,kuba bavuga ngo bata yu murongo ahubwo nibo batayu murongo kuko nti bakimenya nico bubaha, indero ya bo yagiye mubitugu ahokujimbere. Abobantu uko nababanye nta musi bifuza kwigihugu cacu cobamwamahoro, harinigihe nibaza kwarubumenyi buke bafise, muntahure neza, sukuvuga kobatize arashobora kubafise amadigiri, agahabwa ubushirangaji bwumutekano nawe yigiye kurima hamwe nubworozi, Uwo ntacuzomuvanamwo kuko ikiri mumutwe nukucimikorobeko kumisozi. nico gituma iyo hagize uwerekana icomara ingorane zuburundi, bamera nkabacanganikirwa, ntihabe hakibaho kwiyumvira icumuntu ya shikirije. Iyu rumuntu wiyumvira urayungurura icavuzwe ugatahura nicatunye abobantu bashikiriza itangazo rihanura reta, aho niho biguhuburyo bwo kumenya kuri mukuri canke utari mukuri. Uburundi bugeze ahobworongorwa Nu wi Mana yi sigiye amavuta, kuko uravye ivya biyita ngo nabategetsi,usanga atavyo bamenyaaaa,kurongora nirindi banga. Bakozi b,Imana ni mukomere ukwo kuri kwanyu Imana ikwongereko 100/100 nkuko Saromo yongewe ubwenge bwogutunganiriza abenigihugu, Murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.