Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Musitanteri wa komine Nyakabiga, umudasigana ari mu mashami yose ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Musitanteri wa komine Nyakabiga, umudasigana ari mu mashami yose ya (...)

Musitanteri wa komine Nyakabiga, umudasigana ari mu mashami yose ya UPRONA

jeudi 20 Ruhuhuma 2014

Abantu baja mu migambwe, hari aho usanga bakora ibikorwa biberekana ko bakomeye, bakunda umugambwe. Hari n’ahandi bakora bironderera inyungu mu kwitaba amakoraniro aberekana ko ari abakunzi b’uwo mugambwe. Iyo ari uwironderera inyungu, ni hamwe usanga ahindura ku mwanya ku mwanya, ava muri iri shami yinjira mu rindi, ava mu mugambwe aja mu wundi.

Mu makoraniro no mu manza zitandukanye zimaze iminsi zitunganywa n’amwe mu mashami y’umugambwe w’abadasigana UPRONA, bamwe mu bategetsi bari mu nzego z’igihugu bakomoka muri UPRONA, vyaribonekeje ko bari mu mashami yose, bikaboneka ko batagira aho bahagaze. Nk’uko bivugwa n’abahinga mu vyaporitike, abanyeporitike bafise ibiti mu nzego z’igihugu bakora ivyo, kenshi baba batinya gutakaza ibibanza, bagasaba uwimye. Mu vy’ukuri iyo umuntu adashobora kwerekana aho ahagaze, aba ata rukundo afitiye umugambwe, ahubwo aba afise inyungu aronderayo, zituma aba ntambira uwimye.

Bamwe mu ndongozi za UPRONA irongowe na Karori Nditije

Ku wa 9 Ruhuhuma aho Abadasigana bashigikiye Karori Nditije na Evariste Ngayimpenda bariko barigina ko basubiye kwinjira mu ngoro yabo ku Mugumya, umushingamateka Niyoyankana Bonaventure amenyesheje ko atariwe yorongora UPRONA mw’ikete yari yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, musitanteri wa komine ya Nyakabiga Eric Nkurunziza yari yitavye ivyo birori, aho abo badasigana wabona ko bafise umunezero wo kuba batsinze akarwi bagiriza ko gakoreshwa na CNDD FDD mu kubasamburira umugambwe.

Inyuma y’iminsi itanashika indwi gusa, kuwa 15 Ruhuhuma, Eric Nkurunziza yari mu badasigana bari baje kwakira icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu wo mw’ishami rya UPRONA irongowe na Concilie Nibigira. Muri ivyo birori, uwo musitanteri akaba yari yicaye mu bagize inzego zishigikiye Conciliya Nibigira ku burongozi bw’umugambwe UPRONA. Ariko rero icibonekeza, n’uko uwo musitanteri muri izo manza yagerageza akaja aho ata bantu benshi baza baramubona.

Igihe abo ku ruhande rwa Nditije bari binjiye aho ku Mugumya, Eric Nkurunziza yahagaze inyuma mu Badasigana, akaba yagiye kuboneka neza ariko aramutsa Jean Claude Ndihokubwayo, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine yaheruka gutanga imihoho. Bakaba bompi bamaranye akanya bayaga, mu kavura kariko karagwa. Muri urwo rubanza, uwo musitanteri wa komine Nyakabiga, Eric Nkurunziza vyaraboneka ko akanyamuneza nawe agasangiye n’abadasigana bose bari bahejeje kwiyunga, n’aho bitabujije ko inyuma y’indwi imwe gusa aboneka muri birori vy’irindi shami rya UPRONA irongowe na Concilie Nibigira.

Eric Nkurunziza ahagaze inyuma ya bose yambaye ishati yera amaja i buryo

Igihe n’aho Abadasigana bashigikiye Concilie Nibigira, Gaston Sindimwo na Bonaventure Niyoyankana bariko barakeza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu nyubakwa ya Pyramid Center, Eric Nkurunziza yari yicaye amaja inyuma y’abandi bose, ndetse n’abamenyeshamakuru bakaba bamubonye naho nyene ibirori bigira bihere, ari uko bariko baririmba indirimbo yo gusezerana.
Iyo ngendo rero y’abanyeporitike bameze uko, ikaba yakunda kwibonekeza mu bihe vy’amatora, kuko hari abaca bahungira mu migambwe babona ifise abanywanyi, bagata iyabo mu gihe baba babona ataco izoronka mu matora. Ivyo kandi nk’uko bivugwa n’abahinga muvya poritike, ni ingendo y’ababa bajanywe n’amaronko atari urukundo bakunda imigambwe. Mwene abo banyeporitike rero, bakaba barwiriye mu bihugu bitaratera imbere, aho usanga ikigoyi kibica bigacika.

Mu mugambwe UPRONA, muri bamwe twavuganye bari ku ruhande rwa Concilie Nibigira canke abari mu ruhande rwa Nditije, bose baremeza ko iyo ngendo igayitse, bagasaba ko umwe wese yokwerekana uruhande ahagazemwo, atari ugutambatamba mu mashami yose ava aha aja hariya. Bavuga ko umunsi ingorane ziri muri uyo mugambwe zohera, aberekanye iyo ngendo, bashobora gutakaza ivyubahiro bafise.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.