Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mutaho: Musitanteri yagirizwa urupfu rw’umunyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Mutaho: Musitanteri yagirizwa urupfu rw’umunyagihugu

Mutaho: Musitanteri yagirizwa urupfu rw’umunyagihugu

lundi 20 Rusama 2013

Musitanteri wa Komine Mutaho Emmanuel de Montfort Ndayiragije, yaratanze imihoho ku bushake bwiwe mu mabanga yo kurongora komine Mutaho nk’uko ayo makuru ava mu mugambwe asanzwe aturukamwo CNDD-FDD, mu gihe abandi bavuga ko ahubwo yabisabwe n’abamukuriye.

Emmanuel de Montfort Ndayiragije yaragirijwe akatari gake n’abanyagihugu arongoye ko abahohotera bimwe bikabije mu minsi iheze, ubu naho, abanyagihugu bakamwagiriza ko ariwe aha ibirwanisho imbonerakure zo mumugambwe CNDD-FDD zaho muri komine Mutaho.

Si ivyo gusa uwahoze ari musitanteri wo muri komine Mutaho yagirijwe n’abanyagihugu kuko avurwa n’ukuba nawe nyene yoba ari mu badandaguye Yohani Butoyi umuvyeyi w’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD aho muri komine Mutaho.
Emmanuel de Montfort Ndayiragije akaba yatanze imihoho inyuma yaho hafatiwe abantu batanu harimwo umukuru w’imbonerakure zaho muri komine Mutaho kumvo z’amatohoza ku rupfu rwa Butoyi Yohani.

Abanyagihugu ba Komine Mutaho rero bakaba baranezerejwe cane n’itanga imihoho rya musitanteri wabo kuko kwubahiriza agateka ka zinamuntu ngo ataco vyamubwira. Abanyagihugu rero bakaba basaba musitanteri mushasha kwubahiriza abo arongoye ndetse ikubagurwa abo banyagihugu bari bamazemwo iminsi rigahagarara.

N’abandi bantu baragize ico bavuga ku bijanye n’itanga imihoho ry’uyo musitanteri, kuko amatohoza azoca yoroha, na cane cane ko iyo aguma ari musitanteri abanyagihugu botinye kumwagiriza. Ubutungane rero bugasabwa gutanga umuco ku vyagirizwa uwahoze ari musitanteri wa komine Mutaho, Emmanuel de Monfort Ndayiragije.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.