Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muyinga : Abagize inama mpanuzwajambo bakubiswe n’Imbonerakure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muyinga : Abagize inama mpanuzwajambo bakubiswe n’Imbonerakure

Muyinga : Abagize inama mpanuzwajambo bakubiswe n’Imbonerakure

samedi 8 Munyonyo 2014

Icuka ntikimeze neza muri komine ya Muyinga hagati y’abari mu mugambwe CNDD-FDD n’urwaruka rw’Imbonerakure zisanzwe zikomoka muri uyo mugambwe.

Abari mu nama mpanuzwa jambo ya komine Muyinga bakaba barakubiswe n’imbonerakure, abo bakubiswe bakaba bari bavuye mu nama mu kigo citiriwe Musenyeri Nterere. Abo bari mu nama mpanuzwajambo ya komine Muyinga, bakaba bakubiswe igihe bari bahejeje inama, bagira burire imiduga batahe, baja bumva imbonerakure zirabashwaye, zitangura kubakubita.

Igihe abo bari mu nama mpanuzwajambo ya komine bakubitwa, uwutwara imbonerakure muri iyo komine asanzwe anarongoye zone Cumba Nimubona Shabani,akagirizwa ko aho kuza abanguranya, ahubwo nawenyene yashitse akokeza, abo bagize inama mpanuzwajambo ya komine bari kumwe n’umukuru w’abakenyerarugamba bo muri iyo komine, bakaba batabawe n’abaporisi, naho nyene bigoranye. Muri izo Mbonerakure zakoze ivyo, ibihangange bitanu muri izo, bikaba bipfungiwe mu gasho k’inyamiramabi muri komine ya Muyinga.

Icuka kibi rero mu mugambwe CNDD FDD aho i Muyinga kikaba kihamaze iminsi, musitanteri wa komine Muyinga, buramatari w’intara ya Muyinga n’abandi mu bihangange mu mugambwe CNDD FDD aho i Muyinga, bakaba baragiye barabogozwa mu mabanga, ubu naho zone ya Muyinga ikaba ikwije amezi atandatu itagira uyirongoye


Aristide Nizigire

Messages

  • ntangorane nibatikurane nibene mugabumwe barazicobapfa ahubwo ntawobibona.

  • Twaravuze kuva krrs ko umugambwe FDD CNDD Wama na ntaryo.ubashuhurira kubo badasangiyeiivyiyumvirobakicwa,bagskubitwa bagasahurwa,muri CNDd FDD ntibigera babahana canke ngo babahanurebbaca babakingira ikibaba.mbega abo bakubita aba basangiye umugambwe Kandi aribo babatwara,mbwira umunyagihugu nyarucari canke uwutavuga rumwe nabo.akarinyuma karahinda.abo batabashiksnye muri sentare mouzamskungu muzoba mumbarira.kuko uravye bafise ububasha bhrengeye inzego xose mu gihugu vyumvjkana ko igihugu womengo kiritwara.

  • Hahhaaaa ahubwo ninkabo bapolice ngobaje kubatabara iyobabareka bakanabavuna amaguru kuko iyo izombonerakure zikubise abo batavuga rumwe nubutegetsi canke abanyagihugu atacobazira ntamupolice ubona nibabahindukirire kuko nibo babaforomye ubu basigaye gukubita umukuru wigihugu nawe hama natwe abanyagihugu duce tubahiga tubomore kuko bazoba babaye zamujeri tubahonye

  • ntivyobaho sha courage mwambonerakure zamurapfonderamwo iyo mihimbiri

  • Barakabona babakubise kuko imbuto uteye niyo imera nibanezereregwe ivyamwa vyamye!!!ariko bahakure icigwa kko barabonyeko ataco bibanga!nk’ugukubita banyakubahwa ntagasoni??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.