Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muyinga : Imbonerakure zagirizwa gukubita abatowe n’abanyagihugu zatawe muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muyinga : Imbonerakure zagirizwa gukubita abatowe n’abanyagihugu zatawe muri (...)

Muyinga : Imbonerakure zagirizwa gukubita abatowe n’abanyagihugu zatawe muri yompi

jeudi 13 Munyonyo 2014

Inyuma y’ukumvirizwa n’icariho c’umushikirizamanza kizigenza mu ntara ya Muyinga, imbonerakure zine za CNDD FDD zagirizwa gukubita abajenama ba komine Muyinga zinjijwe kuri uwu wa gatatu mw’ibohero rikuru rya Muyinga.

Abo bahurikiye mu muhari w’urwaruka w’umugambwe uri ku butegetsi, bakaba babanje kuzanwa kumviririzwa mu biro vy’igendereza i Bujumbura, bakaba baciye basubizwa i Muyinga, aho bumvirijwe na Ernest Nduwimana icariho c’umushikirizamanza mukuru mu ntara ya Muyinga. Abo bari mu mbonerakure rero bakaba bagirizwa icaha co gukubita bagakomeretsa umuntu, aho ico caha gihanwa n’amategeko, kigahanwa n’ingingo yo mu gitabo mpanavyaha y’220.
Iyo nayo, itegekanya ko uwagiriwe n’ico caha ahanishwa umunyororo wo kuva ku myaka ibiri kugeza kw’icumi, n’ihadabu ry’amafaranga ava ku bihumbi 50 kugeza ku bihumbi 100.

Mukamenya ko umukuru wa zone ya Cumba Shabani Nimubona asanzwe ariwe arongoye Imbonerakure aho i Muyinga yari yavuzwemwo ko ari mu bakubise abo batowe n’abanyagihugu kugira babaserukire mu bajenama ba komine, ndetse akanagirizwa ko amaze gushika ahariko hakubitirwa abo bajenama ba komine ya Muyinga ko aho gusukamwo mabisi ahubwo yashizemwo agapiripiri, akaba yaciye arekurwa, ariko amakuru ava mu butungane, akavuga ko nawe nyene azoguma agirwako amatohoza hagize ikizomwagira akaba azohanwa nk’abandi.

Abo bajenama bakubiswe bakaba bagirijwe ko bayoboka CNDD FDD Nyakuri ya Manasse Nzobonimpa, bakagirizwa kandi ko boba bacuditse na ADC Ikibiri.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.