IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga : Intara iri kw’isonga ku mabi akorerwa abakenyezi

Muyinga : Intara iri kw’isonga ku mabi akorerwa abakenyezi

mercredi 26 Ntwarante 2014

Intara ya Muyinga iri kw’isonga ku mabi akorerwa abakobwa n’abakenyezi. Ivyo bikaba vyemezwa na bamwe mu bari mu mashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi, eka na buramatari w’iyo ntara akaba atabideha.

Amabi akorerwa abakenyezi muri iyo ntara akaba ari nk’ikubagurwa abo bakenyezi bagirirwa mu ngo, guharikwa, kutamenya iyo amatungo y’umuryango aherera n’ibindi, nko kubuzwa uburenganzira bwo kuja aha canke hariya. Ariko rero buramatari w’intara ya Muyinga Ildephonse Ntawunkunda akaba avuga ko ibihano bitegekanijwe kuri abo bose, bahohotera abakenyezi mu ngo. Igisongera ariko kandi gituma n’abo bakenyezi baguma bahohoterwa muri iyo ntara, akaba ari uko abakenyezi benshi, batazi amategeko abagenga, ndetse n’ayagenga ingo n’imiryango.

Haba mu gisata c’intwaro mu ntara ya Muyinga canke ic’ubutungane, aho hose baremeza ko ayo mabi ariho mu bakenyezi. Abakenyezi bo mu ntara ya Muyinga baremeza ko baharikwa, canke amatungo y’umuryango agaherera mw’isoko barorera. Iyo uwo bubakanye naho apfunzwe bivanye n’amabi yakoreye umukenyezi wiwe, abakenyezi bo mu ntara ya Muyinga bavuga ko agarutse mu rugo, basigara barara bararyana, ndetse hakagera naho bamwe mu bagore bata bakomoka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.