IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga na Karuzi: Abakuru b’imitumba babiri barakuwe mu kazi

Muyinga na Karuzi: Abakuru b’imitumba babiri barakuwe mu kazi

mercredi 9 Nzero 2013

Inyuma y’ivyo bagirizwa abakuru b’imitumba Murehe na Kanyange yo mu ntara za Muyinga na Karuzi barahagaritswe mu mabanga yabo.Nkuko amakuru ava mu banyagihugu abivuga umwe muribo yari umukuru w’umugambwe ku mutumba uwundi nawe akaba icegera c’umukuru w’umugambwe ku mutumba nyene, bose bakaba bari mu mugambwe CNDD-FDD.

Nkuko musitanteri wa komine Buhinyuza yo mu ntara ya Muyinga abivuga ngo yagiriza uwo mukuru w’umutumba wa Murehe azwi kw’izina rya Nzeyimana Richard kuba akorana n’imigwi y’abasuma ubu akaba apfungiwe muri komisariya y’igipolisi muri iyo ntara nyene.Nkuko amakuru atangwa na musitanteri wa komine Buhinyuza abandanya abivuga ,ngo uyo mukuru w’umutumba yahora yiba amakinga n’impene mu mihana afatanije n’abandi basuma ati:«abanyagihugu bahora baguma basaba ko yobogozwa mu mabanga yiwe agahanwa ariko bamwe mu bategetsi bo hejuru ntibavyemere.»

Mu ntara ya Karuzi naho,umukuru w’umutumba Kayange azwi kw’izina rya Bukuru Fridolin nawe yakuwe mu mabanga yiwe na musitanteri wa komine Buhiga akaba yagirizwa kuba yari afise inzu apfungiramwo abantu uko yigombeye,ivyo bikaba vyatumye hari abantu bahitamwo guhungira mu gihugu ca Tanzaniya no mu makomine amwe amwe yo mu ntara ya Makamba nk’uko musitanteri wa komine Buhiga abandanya abivuga,yaratangisha kandi ihadabu iri hagati y’ibihumbi 70 n’ibihumbi 100.

Musitanteri akaba amusaba gusubiza amafaranga yari yakoreshejwe mu kubumbisha amatafari ku mutumba atwara.Asaba kandi abanyagihugu bari baranyazwe n’uwo mukuru w’umutumba kubimenyesha kugirango basubizwe ivyabo.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.