Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muyinga: Ubutare burabandanya gucukurwa hadakurikijwe amategeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Muyinga: Ubutare burabandanya gucukurwa hadakurikijwe amategeko

Muyinga: Ubutare burabandanya gucukurwa hadakurikijwe amategeko

mercredi 16 Nzero 2013

Kugerageza gucungera icukurwa ry’ubutare kugirango ico gikorwa gikorwe hakurikjwe amategeko ,vyatumye ikigega ca leta kibomboka kuko kuko mu mwaka w’ 2011,habonetse amafaranga arenga umuriyaridi n’imiriyono mirongo icenda,umwaka w’ 2012 haboneka ayarenga umuriyaridi n’imiriyoni amajana ane na mirongo itanu z’amafaranga y’amarundi.

Ariko ngo abanyagihugu barakeneye kubandanya bigishwa kuko hari abagicukura ubutare badakurikije amategeko.

Leta y’u Burundi ikaba yarasavye abacukura ubutare muri iyo ntara ko boja mu mashirahamwe matomato kugira bagwize umwimbu .

Ni muri iyo ntumbero hari hatunganijwe inama muri iyo ntara kugira basabe abacukura ubutare ko bokwisunga amategeko.Abo bacukuura ubutare bakiriye neza iyo nama ariko bakaba bavuga ko imetero 20 basabwa kutarenza ko ari nkeya cane kuko ngo bashobora kwimba imetero zirenga 50 batarabushikira. Ariko ngo baratahura icipfuzo ca leta co gukingira ibidukikije.

JPEG - 44.4 ko

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka afadikanije n’igisata kijejwe gushira mu ngiro ivya fundikiwe mu namampuzamakungu y’akarere k’ibiyaga binini ( CIRGL), baratunganije amanama mu ntara ya Muyinga kugira bigishe abacukura ubutare gukoresha ibikoresho vyemewe n’amategeko.

Izo nama zikaba zatunganijwe cane cane mu makomine ya Gashoho na Giteranyi, ivyo rero ngo bikaba biriko bikorwa mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyafunditswe mu nama ya CIRGL yabereye i Rusaka muri Zambiya kw’igenekerezo rya 15 Kigarama umwaka w’ 2010.

Ibihugu bihurikiye muri CIRGL bikaba ari : u Burundi, RDC, Angola, Centrafrika, Congo Brazzaville, Kenya u Rwanda, Ouganda,Tanzanie, Zambie, Soudan na Soudan du Sud.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.