Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muyinga : Ukutumvikana kw’abari mu mugambwe CNDD FDD kurabandanya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muyinga : Ukutumvikana kw’abari mu mugambwe CNDD FDD kurabandanya

Muyinga : Ukutumvikana kw’abari mu mugambwe CNDD FDD kurabandanya

lundi 14 Mukakaro 2014

Jean Pierre Ndayisaba yahora arongoye umugambwe CNDD FDD muri komine ya Muyinga yakuwe mu mabanga yiwe, akaba yoba azira indyane zimaze iminsi mu nama mpanuzwajambo ya komine Muyinga.

Jean Pierre Ndayisaba akavuga ko ikete rimukura mu mabanga yo kurongora Abagumyabanga yarironse, ariko ata nsiguro abonamwo. Ariko bikavugwa ko icatumye abogozwa ahanini ari ukutumvikana kumaze iminsi kwibonekeza hagati y’abagize inama mpanuzwajambo ya komine Muyinga na musitanteri w’iyo komine, Evelyne Izobiriza, yaheruka gukurwa n’abagize inama mpanuzwajambo ya komine, ariko agasubizwa mu burongozi n’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana.

Kuva hatanguye kwibonekeza uko kutumvikana mu nama mpanuzwajambo ya komine ya Muyinga, ndetse musitanteri w’iyo komine akabogozwa n’abajenama 11 b’iyo komine kandi bose bava mu mugambwe CNDD FDD, bikaba vyaragaragaye ko uwo mupfasoni nawe ashigikiwe, ndetse aca akura mu mabanga umunyabigenga wa komine, kuri uwu wa 2 Mukakaro. Ingorane z’ibomborabombora mu mabanga ya bamwe bamwe muri iyo komine n’ukutumvikana kwa bamwe mu bagumyabanga ba CNDD FDD bagize iyo nama mpanuzwajambo ya komine Muyinga, kukaba gutuma ibikorwa vy’iterambere ry’iyo komine bidindira.

Mu mugambwe CNDD FDD mu ntara ya Muyinga, bavuga ko ugukura mu mabanga uwo mukuru w’umugambwe ari ibisanzwe, kuko biri mu bikorwa vyo kunagura umugambwe wabo wa CNDD FDD.


Aristide Nizigire

Messages

  • Wewe watanze iyo nkuru tohoza neza, abo bajenama bose si abo muri CNDD FDD harimwo umuporona hamwe n’umu FNL. Kandi uwakombowe ntasubire kubesha ko bamuhoye ubututsi bwiwe kuko mu bamukuye n’abatutsi barimwo. Yahowe rero amakosa yiwe. Muramubaza ivya chantiers za ecoles fondamentrales iyo zigeze. Ntazi namba. yavuze ko batayubatse ari akazi kabo ko abiwe biga mu Rwanda. N’ibindi n’ibindi.

  • Uti yavuze ngo: "yavuze ko batayubatse ari akazi kabo ko abiwe biga mu Rwanda? None yarabeshe? Aba DD buriya murakunda ko Aba Patriotes nyabo bahabwa ijambo? Uwo nyene n’abandi nka we sibo mushira kubutegetsi kubera ko bashiriye? Hahahaaahahaaaa!!!! Burundi waragowe pe!!!

  • CNDD FDD Tsinda!inkona irarara

  • ewe! ibyo tutazabona !! none ko yahawe gutwara komine kandi numva ntabwo ayikunda ga! ubwo se ko yanze ko izamuka, ni kuki agumaho?? ubwo abo bamukombora bigireyo pe!

  • ubundi cdd. fdd bisigura ??? mwarakabije inteko shingamateka yurwanda yitwaga. cnd. haaaaaaaaaaa. mwabakenyezimwe kobarutuku babavumbuye

  • Mbega uwo mugore ngo ni musitanteli atuma abagumyabanga badasubira kwunvikana afise quelles qualités intellectuelles morales zituma basacrifia umugambwe en général? uwo mugore burya yaranswe muri komine, abamushigiye, mutware ahandi ko mwa mupfiriye, ariko umugambwe mugume musenyera k’umugozi umwe

  • "Bizobasoba" uti qualités intellectuelles z’uyo mugore??? ziri propres au leadership ya cndd-fdd (culture de la médiocrité) : yabaye orientée muri ESTA iramunanira, ahungira muri ETCA. mu myaka iheze naho yariko yiga économie muri rya shure rya Njangwa Gilbert Bécaud (UNILAQ), aho ubwenge bwiwe bugera uca uhabona wewe nyene. Ikizwi cane kuri we, elle sait T.B jouer la partie "des jambes en l’air" naho yitwa ngo arubatse, kandi akaba ari umugore w’abo bagabo bose bari muri cndd-fdd. Akaba yarigeze kwandikwa caaane ku kunkuru z’ama "banque lambert". Uca wumva ko ari SHETANI yigendera aha kw’isi. None wumva bokwikura akaboga mu kanwa??? Ahaa !!!

  • BA MUREKA KWIFATIRA MU GAHANGA UMUNTU MUKORESHEJE URUSAKU NONE MURAFISE DES PREUVES TANGIBLES MUZEREKANE !!!KUKI MUVUGA UMUGORE W UMUGABO NKAHO UMENGA NI KABWERA YO KW IBARABARA !!!NTA SONI ABA DD KUKO MURI MU BUSAMBANYI NA BATUTSIKAZI UMUGORE WESE AGIZE ICO AFATA MUMWAGIRIZA IVYO ,,,CECEKA KORESHA AMATEGEKO..FLORIBERT NTUDOHOKE KU MURYANGO ABO BA DD BAVUGA VYINSHI KANDI BARWNISHA IMYAMPI MYINSHI..

  • Hari umugani w’Ikirundi uvuga ngo :"ababipfa ni ababisangiye". None abo ba dd iyo badahengeshanya mu kwicafuza no gucafuzanya, vyogenda gute?

  • ntaco muvuga ayamuhe! nimwifate nk’abantu mumenye ko kwambika urubwa umuntu nkawe atari vyiza. ni mumureke nimumureke ahubwo ntasimbwe n’umutima aho yibereye! mbe mweho burya murabuze ico bobavuga ko? geze ahoooooooo.

  • "mukobwajana" na "laouz", akari ukuri karavugwa, ni mwaba mutari muzi ko ari "mapepe" bahevye, ntimuba muri kino gihugu. Ubusambanyi bwiwe ntibukiri mu kinyegero, bwiyerekanye kuva kera, abamuzi bo baramuzi. Ariko kumwe bavuga bati "imisi y’igisuma ni mirongo ine", naho iyo misi yayirengeje kuva kera, azoteba agaragare umusi umwe. Uwufise umusonga wese amwihanduzako, akira kuba ari umu dd kandi afise ku mufuko, kandi aho nta kubesha kurimwo.

  • burya inkuru zukuri abarundi barazihisha :muntu utazi ukuri kwabay muntara ya cankuzo muba cndd fdd soma witonde amatohoza yakozwe nabantu bakwirikiranira hafi ivyintara ya cankuzo :hari mumezi 7ahez aho reta yahendwa numuntu umwe rudende akagiriza awari buramatari wicogihe ko ariko yagisha abanyagihugu ngo ntibazotore petero nkurunziza aho yaragamije iki:nuko amaze kuba umushingamateka ataco yigeze yitezamwimbere gushikiyisaha,niho yiyumvira gucanishamw bamwebamwe mumugambwe akoresheje ibinyoma bikajana nukwambika ibara abamuhaye ubwo bushingamateka ,ahohose yarondera kwiyongera ubushinga mateka kuko abona manda yambere imujanye ataco yimariye acahenda Nyabenda ko avugukuri aho nabonyene ntibiyumviriye batwaje ishavu baca bagira uko ishavu ritwaye:igitangaj rero kuva bamweguriye ngatware umugambw maze akaronka naya n yarondera ntakintu nakimwe cabandanije gikorw muntara kwar ukurondera amahera hasi hejuru ariko cankuzo nayo isanzw imuz kuk ntamugwiza tunga numw adafitiye ifaranga yitw umushingamateka .none karabaye ingani uwutize ahende uwize?kotuzi ashits cankuzo aboyahaye ubutegets bamubonye bajugumira icavuze kibico nugukund intara?:muntu utazi Angrebert Ngendabanka mumenye kuk ntazogutezimber azogusubizinyuma

  • muvuze ngo bwabundi ntimumuzi ahembwa ayanganiki?kayaronka aja kuzuza izabandi we vyamunaniye nukubaka nagasago ashikiramwo nkabandi,iparcelle zose yarafise izirenga 4 cankuzo mukuzirya yivinyuma kandi yitwa umushingamateka ntagitangaje kirimwo kwambika urubwa abamuhaye ninzigo yaho vyamunaniye akeneye kubirondera kunguvu.woba uri depite ukarungika umuryango wawe kugatumba?emwe abashigikiye ivyuyumviro bigayitse vyiw bakoreshej kwitwaza bibiliya bazoyibona imana yo ntikinishwa mubibi,murazomumbariza muti ko manda yawe igomba iher utize uzocujahe kuriko wigira uwize menshi cane?muga ntiyobura akazi kuk afise akarimi gasosa azobacengetera mpaka ababwire ko yahetse nkurunziza kurugamba, ababwir ko yatwara companyi 4 nawe yifitiye amashure 4 abamuzi baramuzi naheb 1 ubunyonyezi 2 kubeshera abandi 3 ugusambanya abagore babandi 4 areke kwemer ivyadafise .MWIRAMBIRE NKA CNDD FDD YARI :MED BATAZIRA VYUKURI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.