Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muyinga : Victor Burikukiye araremesha kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Muyinga : Victor Burikukiye araremesha kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa (...)

Muyinga : Victor Burikukiye araremesha kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro

dimanche 19 Nzero 2014

Icegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, Victor BURIKUKIYE araremesha abanywanyi ba CNDD FDD ku bimaze iminsi bivugwa kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro, aho amenyesha ko ababijejwe bariko barakora, kandi ko ibizovamwo vuba bizomenyekana. Victor Burikukiye yibukije ko n’aho ibizohinyanyurwa vyoshika bigatera izindi mpari, ko bazokwikora ku banyagihugu ari nabo bazokwemeza canke bagahakana iryo bwirizwa shingiro.

JPEG - 32.3 ko
Victor Burikukiye, icegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD

Umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Muyinga waruguruye icese ingoro y’umugambwe ya mbere ku rwego rwa komine, ingoro yubatswe ku buryo bw’amafaranga 25 412 000 y’amarundi. Komine Gashoho iri mu ntara ya Muyinga niyo yabereye urumuri izindi komine indwi zigize intara ya Muyinga, mu kwubaka iyo ngoro. Mu birori vyo kuyinjira, umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Muyinga, Pascal Hakizimana yaragarutse ku bibazo bihanze iyo ntara nk’ubusuma bwo mu mazu, amatati y’amatongo n’ayandi matungo, hamwe n’ingeso yo guharika yimonogoje muri iyo ntara.

JPEG - 34.2 ko
Pascal Hakizimana, umukuru w’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Muyinga

Kuri ivyo bibazo vy’amatati y’amatongo vyibonekeza muri iyo ntara, Victor Burikukiye, icegera ca mbere c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, asanzwe ari n’imvukira yo mu ntara ya Muyinga yasavye abanyagihugu kwijukira kuvyara ku rugero, bavyare abo bashobora kurera, kandi batandukanye imvyaro.
Mu gihe abarundi biteze ishirwaho ry’umurwi w’ukuri n’ukurekuriranira (CVR : Commission Vérité et Réconciliation), Victor Burikukiye yahamagariye abanyagihugu bo mu ntara ya Muyinga kuzovuga ukuri bazi kuvyabaye, umuntu afise ivyo azi azokivuge kugira ukuri kumenyekane, bagibire mu ntumbero y’uguharanira ukurekuriranira n’ugusubiza hamwe, kugira n’abazovuka bazomenye ukuri.

Mwomenya ko iyo ngoro ya mbere y’umugambwe CNDD FDD ku rwego rwa komine mu ntara ya Muyinga yubatswe muri komine Gashoho, zone Gisanze, umutumba Musasa, intara ya Muyinga.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.