IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mwaro : Imisozi yose igiye kuronswa amazi

Mwaro : Imisozi yose igiye kuronswa amazi

dimanche 17 Myandagaro 2014

Umusozi wose w’intara ya mwaro, ugiye kuronswa amazi meza ya rusengo, aho amabomba agera kuri atanu ariyo azubakwa ku musozi wose.

Abanyagihugu bo muri iyo ntara ya Mwaro, bakaba bagiye kuruhuka ubukene bw’amazi meza bari bafise, inyuma y’aho ishirahamwe Croix Rouge ry ’Uburundi ryemereye kugira ico rifashije abo banyagihugu mu kubaronsa amazi meza. Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Mwaro kubera ubukene bw’amazi, bakaba bavoma mu myonga, abandi nabo bagakoresha amazi y’imvura mu gihe ari ku mutasuro wayo. Ubwo bukene bw’amazi bukaba buri mu bituma indwara z’inzoka ziheza zikabangamira abanyagihugu.

Umuhanuzi mukru wa buramatari w’iyo ntara ya Mwaro arashima gose uwo mugambi w’ishirahamwe Croix Rouge. Avuga ko atari abagiraneza beshi bafasha abanyagihugu bo muri iyo ntara mu gisata co kubaronsa amazi meza. Amenyesha ko ayo mabomba y’amazi azofasha rwose abanyagihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Muze muvyemere mubibonye intara ya Mwaro yaragowe muntara zose zibaho!!!!yamironka ibigugu vyabategetsi ndetse gukorera intara yabo nomuhir,iwavyo ntibahakorera reba nkiyo mborerwa ngo ni Prosper.!!!muga mayina uwo wewe nikiraro caba DD.kwa TOPHIRO hatahi mbwebwe ninsiha hama ngazokorerintara namenibanga ico kirofa!!!

  • Yewe manzi we! Uwo naho yoba ari umuvyara wawe, canke mwaratovye utwondo mukiri bato, ubu tumubonamwo abarundi bubashwe, ni urwego. Hari utwo wokwibikira. Ntawubura akanenge, ariko vyose ntibivugwa umwanya wose n’ahariho hose. Ivyo mwoba mwarasangiye niba bitaheze biraba mwebwe gusa, ntibiraba abarundi bose. Noneho, mwene ayo majambo ntababaza we, ababaza wewe. Shiramwo ukwihangana, ntangwara idatora mitende, ntamvura idahita; ntiwihebure!

  • Ntiwihebure mwese muri bamwe mwabinw,amarasomwe aba DD babagiz,ikiraro cokwic,abarundi.ariko kimwe noguhanura nimba wikunda ukunda numuryango wawe uvinyuma yico kirofa bamuhendesha PRIMUS agacahemuka!

  • None ga Manzi ubwo ntasoni ufise??? ko Théophile yaryamye nk’abagabo umuzanye ute mwibi kweli!!!!!!!!! uriya ivyiwe vyarakwije kandi yari yaragerageje abo yasize bareke none ww hari ico barigera bagusaba nk’intererano kugira babeho? ibitakuraba uraba hasi mugabo!!!!!!

  • @Neige ndumva murabakehabwenge mwese umuvyeyi yamuvyaye murundi yarazi kwavyaye nkabandi ntiyarazi kwavyaye abazosesaamaraso ya bene Burundi!mbe wibaza kubwobufraranga DD yirigwirabahendesha aho mwibaza ko mutazoyishura mwa bigugumwe mubona PRIMUS umutim,ukarahuka ukamengnivyo banyoko babatwaririje!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.