IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mwaro : Imvura nyinshi yononye imirima

Mwaro : Imvura nyinshi yononye imirima

vendredi 27 Nyakanga 2013

Imvura nyinshi yarononye imirima y’ibigori n’ibiraya mu ntara ya Mwaro, komine Gisozi, ku munsi w’ejo kuwa kane. Ubu imiryango igera ku majana ane na mirongo itanu iri mu kangaratete, yabuze uko ibikika.

Musitanteri wa komine Gisozi, intara ya Mwaro amenyesha ko iyo mvura nyinshi ivanze n’urubura yaguye ku munsi w’ejo ku muhingamo yahitanye imirima myinshi y’ibigori, ibiraya n’ibiharage.

Imiryango iharurwa mu majana ane na mirongo itanu y’abarimyi yo muri iyo ntara yashikiwe n’ivyo vyago ubu ntigira uwo yokwitura, ikaba isaba abagira neza ko boyigarukira.

Muri iyo ntara, mu bihe vy’imvura, abarimyi barahura kenshi n’ivyo bibazo vyo guhomba bihuye n’iyo mvura itwara ivyo baba barimye. Basaba ko abafundi b’indimo boza barabereka uko baca imikobeko, kandi bigishwe kurimira ku misozi, bazi n’ubuhinga bokoresha kugira ivyo bateye bishobore kurinda imvura nyinshi n’inkukura. Ivyo babisaba mu gihe abanyagihugu bo mu ntara ya Mwaro, n’abarundi benshi muri rusangi batunzwe n’uburimyi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.