IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ndava : Indyane zifatiye ku migambwe bazumva ahandi

Ndava : Indyane zifatiye ku migambwe bazumva ahandi

lundi 7 Gitugutu 2013

Ikomine ya Ndava, ni ikomine imwe igize amakomine y’intara ya Mwaro. Iyo komine ariko ikaba itaratera imbere mu bijanye n’iterambere mu gisata c’Ubutunzi. Ariko mu gisata c’imibano, musitanteri w’iyo komine Martin Nkunzimana akaba avuga ko vyifashe neza, kuko abanyamigambwe muri rusangi, bafitaniye imigenderanire myiza.

Musitanteri Nkunzimana akaba amenyesha ko ingorane z’ubukene buhanze ikomine arongoye ziri mu bintu bitamushimisha, ivyo bikaba biva ahanini kw’ibura ry’isi ndimwa, kandi abanyagihugu b’abarundi ahanini, batunzwe n’uburimyi n’ubworozi. Abanyagihugu batagira aho barima, bisigura ko ingorane z’ubutunzi bwabo zica ziba umurengera. Abanyagihugu bo muri iyo komine rero bakaba atakindi bashoboye atari ukurima, mu gihe atamashure y’imyuga ari muri iyo komine ya Ndava. Amashure ahari akaba ari ay’isumbuye ya komine, umunyeshure nawe amunaniye, akaba atarindi saganirizo.

Ku bijanye n’imibano, musitanteri wa komine Ndava amenyesha ko abanyagihugu bari mu migambwe itandukanye babanye neza, si co kimwe n’ahandi aho abanyagihugu baryana bapfa kudahuza ivyiyumviro vya politike. Ingorane zihora zibonekeza rimwe na rimwe zikaba ziba zerekeye amatongo, ifatiye ku kwaga kw’isi n’irwirirana ry’abantu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.