Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ndayizeye na Ntibantunganya barashigikiye imyiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ndayizeye na Ntibantunganya barashigikiye imyiyerekano

Ndayizeye na Ntibantunganya barashigikiye imyiyerekano

lundi 4 Rusama 2015

Domosiyano Ndayizeye na Slyvestre Ntibantunganya bahoze barongoye Uburundi bavuga ko amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro vyabonetse bigoranye,ari naco gituma ataworeka gushigikira abari mu myiyerekano.

Mu kiganiro Imvo n’Imvano gica kw’iradiyo BBC ,abo bahoze barongoye igihugu c’Uburundi bose baremeje ko bashigikiye imyiyerekano iriko ikorwa n’abiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Kubwa Domisiyano Ndayizeye, ngo amasezerano ya Arusha yabonetse bigoranye cane rero ni ngombwa ko abanyagihugu baja mw’ibarabara bakayashigikira.
Ku bijanye n’uko abo mu mugambwe CNDD-FDD bavuga ko ikiringo ca mbere kidafatwa nk’ikiringo kuko umukuru w’igihugu yatowe n’abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka,Domisiyano Ndayizeye avuga ko cari ikiringo kuko umukuru w’igihugu yarahiye hanyuma akaba yarafata ingingo kandi zikaja mu ngiro.

Kubwa Ntibantunganya ngo iyo umuntu agiye mw’ibarabara ashira imbere gushigikira amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro,aba ari mu rubanza rwiza rwo gushigikira.
Ntibantunganya yamenyesheje ko hari ibintu nyamukuru bituma abantu baja mw’ibarabara,muri ivyo avuga ko ryari irya mbere hahera imyaka 10 ata bwicanyi bubaye mu gihugu,ryari irya mbere kandi turonka igisirikare n’igipolisi birimwo ubwoko bwose kandi vyizewe na bose,ryari ribaye irya mbere kandi inzego zatowe n’abanyagihugu zimara ikiringo ata nkomanzi ica nyuma ngo nuko ubumwe bwari butanguye kwiyubaka kuko ubwicanyi bufatiye ku moko vyari vyaraheze.

Yaba Ndayizeye canke Ntibantunganya,bose bavuga ko bigoye kwizera ibizova muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro,aho ni mu gihe bavuga ko abagize iyo sentare bashirwaho n’umukuru w’igihugu,hanyuma kandi abakenguzamateka bayituye bose bakaba bava mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD,bakibaza igituma bagiye kuyitura mu gihe umugambwe CNDD-FDD wari wamaze kugena Petero Nkurunziza ngo azowuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.

Domisiyano Ndayizeye agasaba ko ku neza y’igihugu Petero Nkurunziza yoreka ivyo kwitoza ku ncuro ya gatatu naho yobayatwaye ikiringo kimwe hanyuma hakaba impair n’imidugararo.


Van Naris Mugisha

Messages

  • none uwo muntu arondera iki ? petero buyoya yarabivuze ati du point juridique pita ntashobora gusubira kwitoza azoba arenze amategeko, none data wanje buyoya harico umurondera ko nta bu president bwurundi akirondera ivya afise birakwiye nagateka afise pita ntako azopfa aronse eka nabo bashingantahe babiri sibijuju bavuga ico bazi barubashwe none numudamu wiwe ko nzi ko umugabo imana yamuhaye umugore kugira amucomplete umugore niwe umugenzi, niwe muhanuzi mukuru kumugabo wiwe, none ubu umudamu wiwe ntabona ko ategerezwa kuvuga akava hasi. Kuko baca umugani ngo wanka kwamira impene ikiri hafi yamara kugera kure ukabira nkayo.

  • Abobagabo babiri ntibabaho kubintu bariko baragira, gushigikira abatutsi bari mumyiyerekano nuburenganzira bwabo ariko bibagira ningoga nka NTIBA yibagiye umusi uraho wi BUGENDANA bamutera amazirantoke ngo ni President, none ashaka baze bamwongere? Yavuyeho batayamutamitse ubuho aragaba bobo ntibasinziriye, abatutsi bo ntibakina.

  • ciza jean wibuke ijambo umushingantahe RWASA AGATO yashikirije agira ati ikibazo kiri i burundi sicyamoko nicyibwirizwa shingiro namasezerano ya arusha wowe ushaka kuzana ibyamoko uracyari kure nkukwezi niba ushaka kuba ahatari amategeko uzasange Nkurunziza mufashanye kwica abantu 5000000 kugirango muronke amaraso yabarundi Satani yabasavye.abarundi baraciye ubwenge ntiwokongera kubahenda witwaje ibyamoko

  • Ababantu kubabavuzeko bashigikiye iyomwiyerekano ahokuvugako bararikwiye kwi ara bakayaga kugira nimba prezida adakwiyekwitoza bibonekere mubiyago atarimwibarabara ndabakuyeko icizere narindabafitiye.

  • mwese muriko murasenya ivyo mwari mwubatse murutwa na Rwasa, ejo muraba mukubitanira ingumu munteko nkenguza mateka.

  • Ciza Jean sindi umurundi ariko ivyamoko en realite nico kibazo abarundi bafise kweli? Ugomba guhindura ingendo nkumushingantahe ukunda igihugu ukava mumoko kuko ubwoko bumwe ntaho vyashikana u Burundi, je ne suis pas sur a 100% ko abiyerekana bafise ukuri ariko ivyo bavuga vyumvikana neza kurusha explications za Nkurunziza kuko twese turabizi ko yayoboye ibiringo bibiri. Iciza kubarundi Nkurunziza yoreka ikiringo ca gatatu canke yoba afise ukuri agahamagara abariko bariyereka bakicara bakayaga, barayamaze ngo aharabagabo ntihagwa ibara. Naho abariko bariyerekana subwoko. Ciza gira ivyiyumviro vyubaka sha. merci

  • amahera muriko muratanga muri iyo migumuko mufise aho muzayagaruriza ntawobishinga. uzi ukuntu ejo mwariko muripanga kumusaga,buri muntu mumuha 10000frb kugira bakomeze baturire igihugu cacu. murerekanye ko atagukunda igihugu mufise turabahinyuye kumugaragaro.

  • NDASHIMY ICO CIYUMVIRO C,IZO NTWARI.MU MUGAMBWE CNDD_FDD HARIH INCABWENGE NYISHI.NIMBA BASHAKA UMU EPSOI NKA NKURUNZIZA NIBAMURONDERE HANYUMA AMATORA AGEND NEZA NTIDUSUBIR I MTABILA,NDUTA,KARAGO,MTENDELI.,TWIBERE MU MAHORO.NIYISUBIQE KO BIGISHOBOKA SINON AZOMERA NKA BEN ALI.TWESE TUHAGURUKE TUMUTESHENDASHIMY ICO CIYUMVIRO C,IZO NTWARI.MU MUGAMBWE CNDD_FDD HARIH INCABWENGE NYISHI.NIMBA BASHAKA UMU EPSOI NKA NKURUNZIZA NIBAMURONDERE HANYUMA AMATORA AGEND NEZA NTIDUSUBIR I MTABILA,NDUTA,KARAGO,MTENDELI.,TWIBERE MU MAHORO.NIYISUBIQE KO BIGISHOBOKA SINON AZOMERA NKA BEN ALI.TWESE TUHAGURUKE TUMUTESHE.

  • UMURUNDI UMWE WOMUBWOKO BWABATUTSI ARI MUBA DD NIWEYIGEZE KUVUGANGO: KIRITAGIHE BATERA KUDETA PEREZIDA BAGAZA NGO HARIHO ABASIRIKARE BESHI BARIBAMUKUNDA CANE NGOMBERE BARIBASHATSE NOKUVYURA ACADURUVAYE KUBERA KUDETA YARITEWE BAGAZA, ATARIKO ICATUMYE BABIREKA BABWIWEKO ABAHUTU BACABARONKAKARYO KOKUGIRA IVYOBAVUGA HIRYANOHINO MUMAKUNGU NGOKANDI BACABABATAHURA ATIVYORERO VYATUMYE TUCATUBANDANYA GUSHIGIKIRA AMAFUTI YARIHEJEJE GUKORWA ATIVYOVYARATUMYE ABARIGUPHA TUGIYEMUVYOGUHANGANA BADAPHA. ATIRERO ABAVUGAKO ABATUTSI HARIHO UBWENGE DUSUMVYA ABAHUTU NTABUHARI AHUBWO DUFISE KWIHANGANIRANIRA HAGATIYACU UMWEMURITWEBWE ASHOBORA KUGIRA IKINTUKIBABAJE ARIKO TUKIGIRA NKABATABIBONYE. NONEWEWE IVYONTACOVYOKWIGISHA?

  • ABO BAGABO NTAKURI BAFISE NTANUKO BIGEZE BAGIRA AHO GUHUZA BARATERANYA KANDI UWUVUGA NGO NKURUNZIZA BAMUTUMY 5MILLIO ZA BARUNDI NUMUVUGISHWA WIBINYOMA MURAMURABA KO ATARI BABANDI BABASATANISITE IKIBAZO CA BARUNDI BIBUJUMBURA NUKO BABONYE KO MURI PORITIKE YABO NKURUNZIZA ADAHANGARWA .

  • En fait abantu bagishigikiye Pita bariko bina akaheze. Kenyera mugarukane ubwenge niba mubufise ; murondere uwundi mu candidat ahiganwe n’abandi. Mutamufise naho mu déclarer forfait. Ntawuzobahana Kubera mwabuze uwubaserukira mu matora

  • EN Tout Cas Akirinyuma Ya Peter Ntibizi Iyo Twavuye Niyo Tuja.Ahubwo Bikebuke Kuko Ukwibingoma Ntibigoye Hagoye Kuronka Ahuyivugiriza.Ntantambwe Bazodutrana Abo Ba Gumya Banga.

  • Twari tuzi ko mugomba mutubwire ngo: Imana na Yesu na Mpwemu Yera nibo bashigikiye iyo myiyerekano! Nayo Ntibantunganya na Ndayizeye ni abantu ubuntu mbere b, aba nye politike.

  • Inararibonye zirarivumereye.

  • Mbona Bomureka Piere Nkurunziza Kuko Abanyagihugu Nitwe Tuzoca Urubanza Bagirubwoba,bwiki

  • Mbona Bomureka Piere Nkurunziza Kuko Abanyagihugu Nitwe Tuzoca Urubanza Bagirubwoba,bwiki

  • Reka reka! Abo bashingantahe nabo nyene barashaka gusubira ku butegetsi! Ariko rero barambabaje, bibagira ningoga! Kuzibira amabarabara, kwica abantu no guturira amapine niyo nzira babona ibereye yo kwanka Nkurunziza? Nibaje hariya, bashaje muri politike nimba batabona ko ikibazo cahinduye intumbero. Ntibantunganya weee, weho ntiwobagoye, bokize kugutera amazirantoke uguca uta igihugu ugahunga!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.