Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nditije:"Umunywanyi wa Uprona iri mu Mizero y’Abarundi azoja muri Reta (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Nditije:"Umunywanyi wa Uprona iri mu Mizero y’Abarundi azoja muri Reta (...)

Nditije:"Umunywanyi wa Uprona iri mu Mizero y’Abarundi azoja muri Reta azofatirwa ibihano"

vendredi 14 Myandagaro 2015

Charles Nditije umwe mu barongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,avuga ko ata munywanyi n’umwe wo mu mugambwe Uprona uri mu runani Amizero y’Abarundi, azoja mu nzego za Reta.

Inyuma yaho hari amakuru avuga ko hari abanywanyi biwe bitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka,Charles Nditije avuga ko uwuzoja mu nzego za Reta ava ku ruhande rwiwe azofatirwa ibihano bihambaye.

Charles Nditije avuga kandi ko ibiganiro vyihutirwa arivyo bikenewe kugira bitorere ibibazo vya politike biri mu Burundi,harimwo ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu,hamwe n’ikibazo c’abazoja mu nzego za Reta.

Mwomenya ko abanywanyi ba Agathon Rwasa basangiye kurongora Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,akaba yatowe kandi kuba icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka bamaze kwitaba ibikorwa vy’inama nshingamateka.


Van Naris Mugisha

Messages

  • TWEBWE TURAZI INGENE TWAKOZE KUGIRA NGO TURONKE ARYA MAJWI IGIHE TWAKORA IJORO N’UMURANGO WEWE YARI YIBEREYE I BUJUMBURA NTA COTUMA RERO TUREKA KUJA MU BIBANZA TWAKOREYE NAYO IBIGANIRO VYOVYO VYOSHOBORA KUBA ARIKO TWAMAZE KUJA MURI RETA. IKINDI NACO IVYA MANDA NTACO BITUBWIYE KUKO RETA NTIGIZWE N’UMUKURU W’IGIHUGU GUSA KIRA NONEHO ICO KIBANZA NTICODUKWIRA. NDATEYE AKAMO ABADASIGANA BOSE TUJE MU NZEGO KUKO NTA NYISHU IZOVA MU KUGARARIZA NO MU KUDADAZA

  • naje hiyo abakunda uburundi bazoguma babukorera

  • vyobavyiza mubafatiye ibihano kuko ntakuntu bodohoka kwibanga mwarimwapfunditse.

  • Hayya azofatirwa ibihano nande se!? Ahubwo ko ari wowe uzofayirwa ibihano!? Umugambwe ni akasho!

  • Iyo reta izoba yisunze ibwirizwa nshingiro?Reta ihari niyihutire kuganira ntishire inda imbere.Uburundi bugeze mumayirabiri naboyijamwo ntibazi iyo baja.

  • Iyo reta izoba yisunze ibwirizwa nshingiro?Reta ihari niyihutire kuganira ntishire inda imbere.Uburundi bugeze mumayirabiri naboyijamwo ntibazi iyo baja.

  • nditije komera uratweretse yuk udashir inda imbere !! ukomere kwibanga turi inyuma yawe urekane n.ico gihemu rwasa !!!!!

  • reka sha kuduhenda nditije..twebwe mu gihe tuzi ingene twaraye incuro zitari zike tudasinziriye turondera amajwi ntitworeka kuja mu bibanza vyacu.ahubwo mutama rwasa narabe uko yobafuta muri mizero

  • turabazi mwese muba mukorera inda zanyu mukitwaza abanyagihugu bamara gupfa mugakoresha imivyimba yabo iciraro mujabukirako muja kuzuza ayo mada yanyu. ubu abanyagihugu duceneye utuzanira amahoro tukabona uko tubandanya ibikorwa vyacu. naho abatabagura igihugu non non non!!

  • turabazi mwese muba mukorera inda zanyu mukitwaza abanyagihugu bamara gupfa mugakoresha imivyimba yabo iciraro mujabukirako muja kuzuza ayo mada yanyu. ubu abanyagihugu duceneye utuzanira amahoro tukabona uko tubandanya ibikorwa vyacu. naho abatabagura igihugu non non non!!

  • nimba bikunaniye reka ababishoboye babikore.

  • njewe nzoyijamo nakare wewe warariye amaleta atarimake reka natwe turonke akanya ko gukorera igihugu, uriko araduhenda cane.

  • BASHA NGO BURYA MUBUZIMA UMWE WESE AKORA IVYO ABONA BIMWOROHEREZA HAMA JE NKAGIRANTI ABARUNDI TURIZERA YUKO BANSUMIRE INDA MWABIBONEYE AHO BATINYUKA GUHENDA ABARUNDI NGO MAMA WANJE NGO BATUMWE NABANYAGIHUGU NGO BAJE KUBASERUKIRA ALORS BATUMWEYO NINDA MBI ZABO NAMABIBAKOREYE ZA GATUMBA MUKWARARIKA INZIRAKARENGANE ASHA EJOBUNDI AHO BUKERA HABA AMATORA ATEGUWE MUMUCO ADAKUMIRA UBU TWARAMAZE KUBONA NEZA YUKO DUKWIYE KUZOTORA RURYA RUNANI RWAPFUNDIKIRIWE MURI ETHIOPIA KUKO RWORWO RWAREREKANYE NEZA YUKO ABARUHURIKIYEMWO ATARI BA MPEMA ZUZUYE NKABARAHO BAHAYE BAJA MURI KETA ITANEMEWE HABA MUBURUNDI EKA NO MUMAKUNGU! MBE BURYA IYO LETA IZOKORESHA AMAHERA IKUYE HEHE ? BIRATANGAJE GOSE KUBONA ABANTI LES SOIENT DISANT INTELLECTUELS MAIS QUI PENSENT COE DES TONNEAUX VIDES VS PENSENT CE GOUVERNMENT AURA LA CREDIBILITE?

  • uyo nditije turamuzi kuva mubihumbibiriri 2010 benabatutsi benewabo bamuhenze gwasa ngwemamawe ngwamatora yibwe baca bemeza kobatajamurireta gwasa acajanago ngobarikumwe bukeye basimbira murireta gwasa apfanubukene nukwangara nabo barikobarahembwa rwasa oyeee!naho ntakwera nawe abobatutsi urabasubirije munkoko komera nkankurunziza nabagumyabanga

  • uwo nditije ntakunda uburundi na barundi kutaza muri reta si ko kumara ibibazo bihaze uburuni ahubwo abanyepolitike bo murundi barateyisoni ivyo bakora nivyo buvuga .uburundi nagahugu katoyi kabananire gutwara. birateyisoni nibikebuke bave inyuma ya bazungu baza barahendesha udufafanga ibihugu vyibi hangange nka rete zunz,ubumwe z,america zifise amabillion zabantu ntaryane zifise ariko ubundi bufise abantu barenga gato imillioni umunani .america ifise imigabwe itarenga ibiri .mubrundi nimigabwe hafi ijana yemwe ntimubona kwara kamaramaza erega barundi amakungu yaratwenga

  • Igihambaye ni ico kibanza, erega politique ni uko ikinwa, aho ubonye ko ataco uhakura urahava ukaja ahandi. Bose ni uko, kuva kumukuru w’igihugu gushika kuri nyumba kumi, hamwe iyo haba ata mpembo (ibibanza ntituba tubiniganira). Mbega muko wanka igiti, kandi uwo akikwankisha ata kindi akwemereye, wobitumwa n’iki? Indahiro mbi ntirwaza munda, uwutarahiye nabi ntasumira umwana, indya y’umugayo iribwa n’umugabo. Uburorero buruzuye bw’abantu twagira ngo bakorera abarundi ariko bakorera inda zabo. Ayo macenga yo muri politique tuyasanga kuri benshi, ehe uturorero dukeyi: Nduwimana, ntiyabaye umuprona, François Bizimana, ntiyabaye umufrodebu n’umuCNDD; Festus Ntanyungu, Mutabazi, Nzojibwami, Ndayizamba, Anicet Niyongabo,... abo ba Révérien, Nyamitwe, Rwasa, n’abandi. Nzoze mbona abadashira imbere inda, barazwa ishinga n’ineza y’abarundi babanje kwigiza inyuma iyabo!

  • Nyakubahwa Igirubuntu iya igihugu cari gifise abantu nkawe amaho muburundi yobaye akarorero nibindi bihugu nayo uwokwishinga ICO gitama mbona ngaho nta ninkondoyitabi yovamwo
    Ikihari mutama raba win hire ureke kudadaza hanyuma ukore akazi nkabandi nayo ivyo bihano niwe birindiriye urakagogwa .amafranga warujuje abandi batagira icepfo caruguru nawe ura rekuyumutwe nguravuga

  • charlers nditije niki urwo rugugu!kirimwo ABAGABO!

  • mbarize nditije kwavuga ntazoja muri reta yatowe nabagihu azoja mu reta iyihe twebwe abarundi nabarundkazi twatoye itsari kumutima nareke kutuburagiza mwiterambere rya demokarsi.ewe nditije nabo murikumwe ibihayebiba muzobibazwa mumeko ya sentare rubamba ya bamba abahutu ubu ntayikiriho demokasi yaraje muburuni ni tso gitumwivugira ivyosatse mugakora ivyo mwiyunviriye vyose we nditije mubari muriyo sentare wa mubambere ariko umsi kubera utakibamba abahutu .biriko bira kugaruko sha gumyumutima nkuruzinzaa nu mudemocrate . ntazobikora

  • WW WITWA IGIRUBUNTU UBAYE UWA MBERE ICIYUMVIRO UTANZE KU BWENGE NUMVISE WOBA UFISE IYABA NARG IMANA NOKUGEZE UMUKURU WIMIGAMBWE YOSE KWISI JE NITWA NADEL NIKIWA DAR ES SALAMA TANZANIA NIMEKUPENDA KWA USHAULI WAKO ASANTE

  • Agathon Rwasa Uragaba! Bagira Baguhende Nka 2010 Basigare Barironkera Ibibanza Muri Reta Nawe Wahunze.Nditije Uramuraba Neza Ashobora Kuba Agomba Ko Uprona Ariyo Itwara,mbe Icatumye bagiri Uprona 2 Urazi Cobagomvye?????Sindumunya Poritike Ariko Ndumuhanuzi,atagihindutse Uburundi Bugiye Gusamburwa Nabobwubatse!

  • Mbega ivyobihano ninde azobitanga? Iyoni indoto kurimwebwe. niryashavu....... ....riherera.........uwomugambwe wo utazotsinda narimwe bowizigitirako iki?

  • Ewe nditije uratwengeje!Amase yakera ntagihoma urutaro!ivyo Rwasa mwamugize 2010 ubu nivyo mushaka?kkkkk

  • TURAMUKEJE GWASA NUMUGABO NUMUSHINGANTAHE

  • MUTAMA NDITIJE,NDAKWEMERA UBUTWARI BWAW!RWASA KO ATAGIY MU MATORA IZONTEB BAMUHAY YICAYEMWO YAZEMEY GUTE?" UHAGAZ MUR RESTAURANT BAKAKUZA ISAHANI Y’INDYA NGO FUNGURA URAHEZA UKABABWIRA UTI MURIHENZ SIJEW!UZIRIY NAHO URISHURA!IVYO NIVYO RWASA ARINDIRIYE!RWASA NTAVUG KO YARI MUR"AMIZERO Y’ABARUNDI".JEW NIBAZA KO YIBAJIJ KO ARI MUR"AMIS-ZERO Y’ABARUNDI ARI NACOGITUMA YAFASH IRYA NGINGO!MUTAMA NDITIJ IMANA IKUZIGAME

  • Karori Nditije y,ahemukiye Abaporona

  • Haaa? Mbe Ndashimir Agathon Be Abobbuza Aband Kwinjr Mur Let Nibamw Bashak Muburund Kohama Hasesek Amaras Turiyamirij Abobs Bashak Kugarkana Akajagar Mugihug Cac

  • Mwese numva ntanyungu muzobikuramwo ubukene nayandi mahano nivyo bazoduhemba kuja muri leta canke kureka nico kimwe bose bashira inda zabo gusa mukanure barundi mubone kure mureke guhendwa mushirimbere amoko yanyu ahubwo mushirimbere ibizobatezimbere abo muvga ko mushigkiye uyumuns muzosubira kubabona 2020 baje kurondera amajwi.

  • Politique Y’iburundi Umwe Wese Ahiga Inyungu Ziwe,ewe MANA Charles na Rwasa baratandukanye? tabara uburundi!!

  • Hatowe urunani Rwasa narungike les membres de sa coallition.Et Aucun Tutsi manifestant n’est allé voter. Nditije en reconnaissant nta muporona wiwe yatoye Hatoye abo kwa Rwasa

  • BUNGE MKEE MTULIE ILI USAJIRI WA VYAMA UWE NASHERIA ZA DEMOCRAS NZURI,SIYO KUSEMA AMIZERO,AMAYO HAYAZURIKANI,KISEREKAR,

  • je ndavy ivyiyunviro vy abarundi muracari kure caneeee ntibesh abantu bavuga ngaha boba batazi igihe tugezemwo.......iki gihe bana b uburundi sica bahutu cank abatutsi wapiiiiii.....ntabumw buhari hagati.....ya bahutu ck abatutsi ntimuzokuihende.......ubu nukugurishanya gussa ... .n umukino ....nkumwe wa Yuda agurisha umwana w Imana nkuko inkuru histoire zimwe zitubgira.....

  • unva ndabibire ibanga about batama bari imbere yanyu Bose ibiganza vyabo ntivyera kandi ntugire NGO ntibabizi!!ara batutsi....arabahutu.....wapiii....nico gituma reka bibacange...basubiranemwo.....ikimbabaza nuko bakwegera uburundi bgejo tukaba mu nzara.....ivyo kuishimira ubgoko shaka uvyihoze ....kuko urihenda ....urakurikirana neza urabe......nawe bokurya....ikindi uraraba neza uwakuimye ico ukenye ....nuwo ...munzu yawe ntuje ..kure rero ...NGO ushime ibadashimika......

  • NUMWUNVIKANEMUREKEGUSABANA AMANANIZAYONZIRA IRAHSE

  • Kuja Muri Leta Idakwije Amategeko Siwo Muti.Ahubwo Ibiganiro Bihurikiyemwo Bose Nivyo Bikenewe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.