Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngagara : Ibifungurwa birazimvye mw’isoko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ngagara : Ibifungurwa birazimvye mw’isoko

Ngagara : Ibifungurwa birazimvye mw’isoko

samedi 5 Ndamukiza 2014

Mw ‘isoko ya Ngagara ibidandazwa birazimvye, cane cane ibiribwa ivyo navyo bigatumwa n’uko iki kiringo, ari ic’uguteragira.

Mu gihe c’uguteragira, ibiribwa birazimba cane kuko vyinshi usanga biva mu ntara za ruguru, izo nazo zikaba ziri mu gihe c’iteragira. Ariko rero ibizimvye cane muri iyo soko, akaba ari amasaka n’ingano. Ayo nayo, akaba akoreshwa cane mu kwenga inzoga, mu ntara z’Umugamba. Ku muceri n’ibiharage navyo, abadandaza n’abasumyi, bose barizeye ko buca bimanuka mu mwero wavyo, muri uku kwezi kwa Ndamukiza na Rusama.

Tukabamenyesha ko umuceri uri ku mafaranga 1300 gushika ku 2000 bivanye n’ubwoko bwawo, mu gihe ibiharage muri iyo soko ya Ngagara biri ku mafaranga 1000 gushika ku 1500 navyo nyene bivanye n’ubwoko bwavyo, eka ndetse ingano n’amasaka avyo, bikaba bizimvye ndetse bitanaboneka ku bwinshi muri nya soko.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.