Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngozi : Impene imwe yoba yaguzwe imiriyoni zitatu z’amarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ngozi : Impene imwe yoba yaguzwe imiriyoni zitatu z’amarundi

Ngozi : Impene imwe yoba yaguzwe imiriyoni zitatu z’amarundi

samedi 5 Gitugutu 2013

Impene zo mu bwoko bw’izikizungu bita alpine 22 zoba zarapfuye ku mpene ijana zari zaguzwe imiriyoni amajana atatu, izo nazo zikaba zaba mu vyerwa vya Ngozi, nk’uko ayo makuru tuyakesha bagenzi bacu b’iradiyo Isanganiro baja barahishikiye.

Muri izo mpene n’izisigaye, ubu zimeze nabi, hamwe atacokorwa mu maguru masha nazo nyene zoshobora gupfa, nk’uko abanyagihugu baba hafi y’ahari izo mpene babivuga. Kuri ico kibazo rero c’izo mpene gisa n’ikirimwo igipfungu c’inshi, umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara ya Ngozi, avuga ko ico kibazo kitamuraba, kuko n’igihe izo mpene zazanwa muri iyo ntara avuga ko atagishijwe inama namba.

Imbere y’uko izo mpene zigurwa, vyari bitegekanijwe ko zari kugurirwa mu gihugu c’Ubufaransa, ariko ntawuzi ukwo vyoba vyarahindutse, kuko izo mpene zoba zaguriwe mu gihugu c’Urwanda. Kuva zishitse mu gihugu c’Uburundi, bivurwa ko zoba zaciye zifatwa n’indwara, gushika naho abahinga bazikurikirana vyoba vyarabagoye gutora ico zirwaye.

Izo mpene rero z’ikizungu zikaba zazanywe bivurwa ko zizoshobora gukamwa amalitiro atandatu canke ane, ariko kugira zitange n’igice c’iritiro bikaba ari ingorane.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.