IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Inzoga y’ikibarube iragisibije

Ngozi : Inzoga y’ikibarube iragisibije

samedi 25 Nzero 2014

Inzoga yitwa ikibarube iragisibije mu ntara ya Ngozi, aho iyo nzoga icibonekeza muri amwe mu makomine y’iyo ntara iri mu Buraruko bw’Uburundi.

Abanyagihugu rero bakavuga ko iyo nzoga yoba ishigikiwe na bamwe mu bakuru b’imitumba kuko batumva ingene vyokwankwa ko ituzwa muri iyo ntara, na rirya idandarizwa aho abo barongoye inzego zo hasi babona. Abanyagihugu bakavuga ko iyo nzoga igisibije kuko n’ivyo bimbuye biherera mu masoko kugira abayinywa baje kuyigura.

Tukaba twobamenyesha ko abajejwe intwaro n’umutekano muri iyo ntara bavuga ko bagiye guhagurukira iyo nzoga yitwa ikibarube, kuko nayo nyene iri mu nzoga zihungabanya umutekano w’abanyagihugu, igasiga imiryango itandukanye mu bukene budasanzwe, mu gihe hari abajana umwimbu wabo mu masoko kugira bashobore kwama bihereza iyo nyobwa itemewe n’amategeko.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abo banyagihugu bo mu ntara ya Ngozi ni bamenye ko ivyo biyoga bitemewe n’amategeko vyinshi bitera ya ngwara y’igisukari. N’ukuraba rero ntibazomare itunga ry’umuryango bongere babure n’amagara yabo kubera izo nzoga. Abajejwe intwaro n’igipolisi boraba bagahagurukira ico kibazo kuko izo nzoga zituma umutekano uhungabana, ubunebwe bukagwira tutibagiye n’ingo zisambuka kubera ubuhumbu buturutse kw’izo nzoga.

  • None Leta yafashe iyihe ngigo kugira ngo gituzwe?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.