Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi : Inzoga y’ikibarube iragisibije
Ngozi : Inzoga y’ikibarube iragisibije
samedi 25 Nzero 2014
Inzoga yitwa ikibarube iragisibije mu ntara ya Ngozi, aho iyo nzoga icibonekeza muri amwe mu makomine y’iyo ntara iri mu Buraruko bw’Uburundi.
Abanyagihugu rero bakavuga ko iyo nzoga yoba ishigikiwe na bamwe mu bakuru b’imitumba kuko batumva ingene vyokwankwa ko ituzwa muri iyo ntara, na rirya idandarizwa aho abo barongoye inzego zo hasi babona. Abanyagihugu bakavuga ko iyo nzoga igisibije kuko n’ivyo bimbuye biherera mu masoko kugira abayinywa baje kuyigura.
Tukaba twobamenyesha ko abajejwe intwaro n’umutekano muri iyo ntara bavuga ko bagiye guhagurukira iyo nzoga yitwa ikibarube, kuko nayo nyene iri mu nzoga zihungabanya umutekano w’abanyagihugu, igasiga imiryango itandukanye mu bukene budasanzwe, mu gihe hari abajana umwimbu wabo mu masoko kugira bashobore kwama bihereza iyo nyobwa itemewe n’amategeko.
Aristide Nizigire
Messages
25 Nzero 2014, 15:28, par Mathy
Abo banyagihugu bo mu ntara ya Ngozi ni bamenye ko ivyo biyoga bitemewe n’amategeko vyinshi bitera ya ngwara y’igisukari. N’ukuraba rero ntibazomare itunga ry’umuryango bongere babure n’amagara yabo kubera izo nzoga. Abajejwe intwaro n’igipolisi boraba bagahagurukira ico kibazo kuko izo nzoga zituma umutekano uhungabana, ubunebwe bukagwira tutibagiye n’ingo zisambuka kubera ubuhumbu buturutse kw’izo nzoga.
25 Nzero 2014, 22:01, par Majambere Alaexandre
None Leta yafashe iyihe ngigo kugira ngo gituzwe?