IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nigeria : Barack Obama arashimira abakuru b’igihugu babisikanije mu (...)

Nigeria : Barack Obama arashimira abakuru b’igihugu babisikanije mu mutekano

jeudi 2 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika yashimiye umukuru w’igihugu mushasha wa Nigeria hamwe na mugenzi we babisikanije ku burongozi mu mwumvikano ntangere.

Umukuru w’igihugu ca Amerika Barack Obama yarahamagaye kuri terephone mugenzi we mushasha w’igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari, hamwe n’uwahora arongoye ico gihugu Goodluck Jonathan, mu butumwa yabahaye kukaba kwari ugushimira abo bategetsi uko ari babiri, uburongozi bwiza abo bagabo babiri bagaragaje, nk’uko bimenyeshwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.

JPEG - 38.5 ko
Barack Obama umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika

Umukuru w’igihugu Barack Obama yari yashimye kandi ukungene amategeko agenga intwaro rusangi yubahirijwe, ari nabwo bwa mbere, habaye ukubisikanya ku butegetsi biciye mu mwumvikano. Muri kahise k’ico gihugu, aho hari hamaze gutembagazwa ubutegetsi incuro zitandatu zose kuva ico gihugu cikukira mu mwaka w’1960.

Susan Rice, umuhanuzi ajejwe ibibazo vy’umutekano w’igihugu n’uwa Barack Obama, ku ruhande rwiwe nawe nyene yashimye iyo ntambwe itazigera yibagirwa mu gihugu ca Nigeria no muri Afrika yose. Agira ati : "Umukuru w’igihugu Jonathan yigenjeje koko nk’umugabo, ashira imbere inyungu za Nigeria hejuru ya vyose."

Général Buhari akaba yaronse amajwi 54 kw’ijana, atsinda Good Luck Jonathan yahora ku butegetsi.


Floxella Karire

Messages

  • Mbega uwo we yafashe igihugu c’Uburundi nkaho umengo n’itongo ry’indagi yasigiwe na se na nyina ntiyokanura ayo maso ngo yugurur ayo matwi akumva ivyabandi bkora bshimwa mumakungu? Heheeee! Umuhendehende uhenda amavyi bitajanMbega uwo we yafashe igihugu c’Uburundi nkaho umengo n’itongo ry’indagi yasigiwe na se na nyina ntiyokanura ayo maso ngo yugurur ayo matwi akumva ivyabandi bkora bshimwa mumakungu? Heheeee! Umuhendehende uhenda amavyi bitajana!

  • NUkuri ivyabaye muri nigeria vyoduha icirwa,ese natwebwe muburundi vyogenda uko,imana yoba ikozecanee.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.