Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Nismo", isaha nshasha ikorana n’imodokari kandi irimwo internet - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > "Nismo", isaha nshasha ikorana n’imodokari kandi irimwo internet

"Nismo", isaha nshasha ikorana n’imodokari kandi irimwo internet

jeudi 12 Nyakanga 2013

Isaha irimwo umuhora wa internet kandi ikorana n’imodokari yasohowe n’ishirahamwe rikora imiduga NISSAN. Iyo saha bakaba bayise “Nismo”. Yerekana ibijanye n’umuduga hamwe n’umudereva ariko aratwara imodokari.

Ishirahamwe rikora imiduga ry’abayapani, NISSAN, ryasohoye isaha nshasha yitwa “Nismo”. Iyo saha ikaba yerekana ibintu bimwe bimwe vy’umuduga umudereva aba ariko aratwara. Ivyo bigaca mu buhinga bwa Bleutooth. “Nismo” irimwo internet, umuntu ashobora kuja kuri facebook, twitter n’izindi mbuga ngurukanabumenyi z’ihuriro (réseau sociaux).

Iyo saha yerekana uko imodokari iriko irakoresha igitoro bivanye n’umuvuduko iriko. Iranerekana igihe caho imodokari ibwirizwa kujanwa gusuzumwa. Sivyo gusa, iyo saha “Nismo” irerekana n’ivuduka ry’umurindi w’amaraso vy’umudereva ariko aratwara umuduga hamwe n’umuvuduko ubwnko bwiwe buriko burakorako.

Iyo saha ikaba yarekanywe mw’ihayanishwa ry’imiduga ryabereye i Francfort. Nkuko iryo ishirahamwe NISSAN ribivuga, iyo saha bayikoreye cane cane abadereva bagira amahiganwa yo kwiruka n’imiduga. Kugeza ubu ariko, Nismo ikaba ikiriko irakorwako ubushashatsi kandi ntibarayiha abantu ngo bayigure.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.