Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Niyoyankana Bonaventure asubijwe uburongozi bw’umugambwe abadasigana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Niyoyankana Bonaventure asubijwe uburongozi bw’umugambwe abadasigana (...)

Niyoyankana Bonaventure asubijwe uburongozi bw’umugambwe abadasigana bamwiyamiriza

jeudi 30 Nzero 2014

Ku ngoro y’umugambwe w’abadasigana UPRONA "Ku Mugumya" hazindukiye abashingamateka n’abakenguzamateka baturuka muri uwo mugambwe, hamwe n’abaporisi benshi. Amakuru nayo ava mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu no mu mugambwe UPRONA, akamenyesha ko uburongozi bw’uwo mugambwe w’Abadasigana bugira busubizwe Bonaventure Niyoyankana yahoze arongoye uwo mugambwe.

Umukuru w’umugambwe UPRONA Karori Nditije, akaba yamenyesheje ko ingingo yo gusubiza uburongozi Niyoyankana ari ingingo yo kwanka ko uwo mugambwe wiyunga, iyo ngendo bakaba bayiyamiriza mu mugambwe wa Rwagasore, kuko bavuga ko CNDD FDD ishaka guhamba uwo mugambwe, canke umugambwe uri ku butegetsi ukaba ushaka guha uburongozi umuntu batwarira mu kwaha kwabo. Karori Nditije agatangazwa n’ingene umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yama yihindukiza mw’ijambo, mu gihe izo nzego nyene zihari ubu, yari yazemeje mu mwaka w’2012, ko ari inzego zihari zikurikije amategeko.

Abo badasigana rero igihe bari bavuye gushikiriza urwandiko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu bamusaba kutabasamburira umugambwe, bakaba bavuze ko batangazwa n’ingene Edouard Nduwimana yoshikiriza umugambwe Niyoyankana. Bagira bati :’’Ntawutanga ico atagaba, umugambwe ni uw’abadasigana, abo nabo bari mu ntara zose, mu makomine yose, no ku mitumba yose’’.

JPEG - 27.4 ko
Bonaventure Niyoyankana

Ukwo kunyinyurana kwatanguye mu gatondo ko kuri uwu wa kane igenekerezo rya 30 Nzero hagati ya UPRONA n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, abatari bake bakavuga ko atakindi kugamije atari ukubazivya, narirya abarongoye umugambwe baheruka gushikiriza ko ikiringo kigira kabiri c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kizorangirana n’umwaka w’2015, atakindi kiringo arekuriwe kuzitoza, ndetse n’ukwanka zimwe mu ngingo zigenga integuro y’ibwirizwa nshingiro n’izindi zigenga umurwi wo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB.

Umukuru w’umugambwe UPRONA Karori Nditije hamwe n’umukuru w’umurwi wiyemeje gusubiza umutamana UPRONA, bakaba biyamiriza ico cose coza gisubiza umugambwe Niyoyankana narirya bamwagiriza kuba ari mu kwaha kwa CNDD FDD, ndetse bakaba baciye bamenyesha ko yanakuwe mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA co kimwe na Gaston Sindimwo, kuko bagirizwa guhemukira umugambwe wa Rwagasore, no gukorera inyungu z’umugambwe CNDD FDD. Eka kandi bakavuga ko n’ibindi bihano bagiye kuzobironswa.

Mu nzandiko zasohowe, yaba urwasohowe n’umugambwe rugaterwako umukono na Evariste Ngayimpenda ari kumwe na Karori Nditije, canke urwasohowe n’umurwi w’abashingamateka ba UPRONA, biyamirije ico cose cosubiza inyuma umugambi wotuma ukwiyunga guhebwa. Bakaba basaba Reta gufasha ahubwo n’iyindi migambwe, kugira yiyunge, nk’uko bavyemeranije mu rupapuro rw’inzira bateyeko umukono mu ntara ya Kayanza.

Ico mwomenya rero akaba ari uko, mu gihe iyo ngingo yo kubogoza Karori Nditije yoshirwa mu ngiro kugira Bonaventure Niyoyankana arongore umugambwe UPRONA vy’imfatakibanza, n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza ashobora guca nawe akomborwa hakagaruka Terence Sinunguruza, kuko nawe azoba yashizwe imbere n’abatabifitiye ububasha, mu kurindira ko hatunganwa ico abari inyuma y’ivyo vyose bita : "Ikoraniro kaminuza ryemewe n’amategeko"

Amakete akaba ariko aracanacanako yandikirwa abarongoye igihugu n’inzego zitandukanye z’igihugu, kugira umugambi wabo wo kwiyunga ushigikirwe, aho kinigirwa mu menshi n’ubutegetsi bwa CNDD FDD. Ariko naho biri ukwo, mu gatondo ko kuri uyu munsi, hakaba hari n’abaporisi benshi, abo nabo bikavurwa ko boba bari baje gusohora umushingamateka Karori Nditije mu biro ku nguvu, kugira Niyoyankana Bonaventure ashikire amabanga, n’ayo urwaruka, abashingamateka, abakenguzamateka n’abandi bakaba bari bagavye.


Egide Nduwimana & Aristide Nizigire

Messages

  • ico mwomenya politique ikinwa uko. mwari muzi ko cndd fdd ifyina mpaka imigambwe yose bayifuse. Niyoyankana yaciye aja kugura umukeke ngo agire umusi mukuru

  • Iyindimigambwe uvuzinduru museka ndibuka umutamumwe yagize ati uyumusi numugambwe wanje ejo nuwundi mukirundi bati inkonikubiswe mukeba urayirenzurugo mumaguru masha mwehomuriwe nuwanyu

  • Ivyo ntibishoboka. UPRONA itegerezwa kwerekana ko ata kuyikinirako. Bitabaye uko yoba yisunzuguje canke ikaba iriwe n’imbwa. Ntaho vyabaye. Ako kagabo Niyoyankana muce mugakanira urugakwiye.

  • Ewe gihugu cacu kirababaje mbega imigambwe niyo iteye ingorane ubonye ubukene buri mu barundi aho ico nico giteye ubwoba aba cndd-fdd jewe nibaza ko igihugu cacu cabuze abagitwara jewe nibaza ko hageze ko abarundi bakanura bakikurako abacangero kuko birababaje au lieu yo gutora ama solution yubaka igihugu nukugitabagura gusa emwe uwuramvye arabona, mugabo uprona ntaco yobona.

  • Abandi bakoma induru ngotera iyo sema none ubu murashikiriwe mutanguye kuvuza induru reka uwo rukarisha gwo mumwa ni mukome musose. ikibiri ahocava mumatora mukanka kugifasha murabona cndd-fdd irabigaramye budakeye nakabiri: bacumugani bati: c’est le cheval que tu engraisses qui te tue où shouklani ya punda ni mateke.

  • REKA IVYO BIBE , KUKO HAMWE MWOBABANDANYA MUSHIZE HAMWE N’ABADD IGIHUGU COHAVA KIRWA MUMANGA.......................................

  • Je nama ndababwira yuko ngaho muburundi hazosigara umugambwe umwe gusa waba DD,nutundi dutoduto two mukwaha imbere yuko haba amatora ya 2015,kandinta gisivya .ico mbona cokorwa nuko abanyagihugu bose bovira hasi rimwe bakiyamiriza ubwo butegetsi mugabo nahone ntivyoroshe kuko umukuru wigihugu pasteur nkurunziza yaragabishije uwokwihenda ngo aragiye mwibarabara.uwutishwe azoja mu buroko.ariko ntagutinya kuko wanka kumena amaraso urwanira igihu cawe bwaca imbwa zikayanywera ubusa.

  • Tharcisse witeguye gisesamaraso? Ariko sinzigituma ndinzekugusubizamwo kandi wisabiye abarundibose mumugabwi wokumena amaraso iburundi ngokuko wanka kumena amaraso urwanira igihugu cawe bwaca imbwazikayanywera ubusa! Urazogerageza harinigihe bwobataribwobwambere umena amaraso’.

  • Ewe NIYOYANKANA uratumaramaje abanya Ryansoro!Mugabo na mwene wanyu twahora twemera mu gisoda yahavuye aduhemukira!

  • abarundi ni ukonyene bameze muri kamere zabo umwe wese arondera icokiza inda yiwe akibagira inyungu z’abandi.ikindi aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yaharo asambura imigambwe uprona yoyo yari yamanitse akaguru mw’ikoma bishinyurira ngo n’uko bari munzego none igihe y’abigirira abandi ntibari bazi ko nabo bazoshikirwa koma musosi!!!!!!!!!CNDD FDD iratabura
    none karashize ingani twame mumpari mumigambwe hanyuma tuzofata umwanya wo kurondera iterambere ryari ko abarundi isinzi bashonje ,abandi bariko barashihana .

  • NOne aba prona bakora iki ko basigaye babakina nk akamari ni mube inkwi tuzuzobatasha ..Amen

  • Oyakamuciyemwo kweri! uwaricegera cambere cumukuruwigihugu Busokoza!
    kubona ashirtahasi amabanga yokuba icegera cambere cumukuru wigihugu bisigura uwurihejuru yimigambweyose yomu Burundi agahitamwo kurwanira umugambwe umwerudende!!!

  • ewe niyoyankana naho ayo mahera wayariye nabandi bahemu mwayasangiye ayo muzoyazira sindakubesha aho mwariye indya ivuga ndakubwiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.