Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Niyoyankana Bonaventure yasubije Karori Nditije uburongozi bwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Niyoyankana Bonaventure yasubije Karori Nditije uburongozi bwa (...)

Niyoyankana Bonaventure yasubije Karori Nditije uburongozi bwa UPRONA

vendredi 7 Ruhuhuma 2014

Bonaventure Niyoyankana, ari nawe yari yahawe n’umushikiranganji Edouard Nduwimana uburongozi bw’umugambwe UPRONA, yandikiye ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amumenyesha ko asubije ubwo burongozi Karori Nditije, kandi ko yiyemeje gushigikira ukwiyunga kw’abadasigana b’umugambwe UPRONA.

Mw’ikete Niyoyankana Bonaventure yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana, yamumenyesheje ko ikete nomero 530/127/cab/2014 yandikiye umushingamateka Karori Nditije amumenyesha ko yatswe uburongozi bw’umugambwe UPRONA ryakuweho n’ingingo yafashwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Bonaventure Niyoyankana yamenyesheje umushikiranganji Edouard Nduwimana ko inyuma yo kwumviriza impanuro z’abahinga muvy’uburongozi, n’amategeko yasanze amabanga Edouard Nduwimana yamushinze atakiyashoboye, ariko kumumenyesha ko yubahirije ingingo yafashwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu gusubiza uburongozi bw’umugambwe UPRONA ku mushingamateka Karori Nditije yatowe n’abadasigana b’umugambwe UPRONA.
Bonaventure Niyoyankana, muri iryo kete yateyeko umukono, yamenyesheje ko ivyo yavuze vyose, hamwe n’ivyo yanditse bitagifise agaciro inyuma y’iyo ngingo yo gusubiza umugambwe Karori Nditije.

Yiyemeje ko agiye gukorera hamwe n’abandi badasigana bo ku Mugumya, mu guterera ivyiyumviro n’ugushigikira umugambi abadasigana ba UPRONA bihaye wo kwiyunga ku neza y’umugambwe wabo UPRONA. Iryo kete rya Bonaventure Niyoyankana asubiza umugambwe ryarungikiwe nyenicubahiro umukuru w’igihugu, umukuru w’inama nshingamateka, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, hamwe n’umushingamateka Karori Nditije yasubijwe uburongozi bw’umugambwe UPRONA.

Tukabamenyesha Niyoyankana Bonaventure yandikiye iryo kete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, inyuma yaho Edouard Nduwimana ahereye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru, ko abavuga ko abiyumvira ko Niyoyankana atariwe yari akwiriye kurongora umugambwe UPRONA nk’uko yawumushikirije, ari abatazi amategeko. We akavuga ko yisunze ingingo ya sentare mu gushira mu ngiro ingingo yo guha Bonaventure Niyoyankana na Conciliya Nibigira umugambwe UPRONA. Abatari bake yaba abari mu migambwe iatandukanye, bamwe mu bahoze ari abakuru b’igihugu, bamwe mu bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vyaporitike bakaba bari bateye ivyatsi ingingo ya Edourd Nduwimana umushikiranganji. Bakavuga ko Abadasigana bari bakwiye kurekwa, bakiyunga nk’uko bavuipfuje bonyene, kandi nk’uko bari baravyumvikaniye mu Kayanza.

JPEG - 19 ko
Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

N’aho mw’ikete ryakura Bernard Busokoza rigaterwako umukono n’umukuru w’igihugu ryavuga ko ingingo zafashwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kuri ico kibazo zitagifise agaciro, nticabujije ko abo badasigana baguma biyunze, ndetse abashikiranganji bose bari muri Reta ya Petero Nkurunziza bava muri UPRONA, bakaba baciye batangira imihoho rimwe, ubu naho ba buramatari bakaba batanguye. Amatwi adusumira, akavuga ko uw’i Mwaro yoba yatanze imihoho. Ibi rero bikaba bishitse mu gihe uyu munsi vyavurwa ko hahava hemezwa izina ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu nama nshingamateka.


Egide Nduwimana & Aristide Nizigire

Messages

  • mbeg umugab ahanurwa akumva!l’erreur est humaine me perseverer ds l’erreur est diabolique!

  • Bace bamukura mumugabwe wa UPRONA. HAHAHA Biratwengeje

  • Abaprona bakorane batore iyindi ndongozi ko Nditije nawe basubije umugambwe adakurikije amategeko. Félicitation Niyoyankana ko wemeye guhanurwa.

    Die

  • urisubije ko umutamana Honorable NIYOYANKANA. None NDUWIMANA agira awurongore nu.

  • Uwamize akabuye kabagabo naho yogwa ntagirira!!!! Bonne décision, tubipfurije gufunguka amaso bakagwaniriza hamwe uwo wese yoza abacamwo imigwi ashaka kubasambura!!! Vive la réconciliation, vive le dialogue!!!!!!!

  • NU KUMUSHIRA AHUBWO BURYA UPRONA IRAFISE INCABWENGE TWESE TWARI TURINDIRIYE MBE BUYOYA WUNVA ARAVUGA

  • DD yazanye systeme ya nyakurisation ubu Naho,nirabe ko yoduha president nyakurisation,kuko Peter wewe Mona biriko biramugora,kuko atwarana inzigo n’ishavu. Umuhisi MAndela atowe kugira arongore igihugu yavuze ko ignorans yagize zose azibagiye kugira ashobore Kuba indongonzi nziza, kandi yatwaye neka, n’abazungu barashimye n’ amakungu arashima. Nkurunziza rero ayo macakubiri yiwe ntanahamwe ashobore gushikana abarundi.

  • abo ba dd barimenyereye_UPRONA yarababoneye izuba ni bayubahe/EDOUARD NDUWIMANA umututsi w.ikirofa yahemutse buca kimwagira/abo bahutu bobo baramenyereye nokwica birababereye/nibo baririmvye ngo batera igere ryanyuma none bariko barasambagirika/ mes condoleances au president dd

  • C’est ca la politique. None Edouard ubu naho aza kuvuga iki devant l’opinion nationale et internationale? Il serait bon qu’il demissionne pour ne pas reapparaitre a l’ecran ou se faire entendre dans les medias. Dans la politique, c’est l’intelligence mais pas les maneouvres destrictives. UKURI NTIKUZIKWA NIYO KUZITSWE KUZUKANA UBUKARI NYENE KUKUZIKA NTABA AKIKUZIBUKIRA.

  • Burundi forward!Bigira bigende neza aho intama zazimijwe ziriko zirahubuka...

  • félicition honorable .uratweretse ko utari ndemeye pha gucumita.kd turashimyeko wikebutse ukareka gukoreshwa nabandi kandi tuzineza kobatakurusha ubwenge ahubwo wew wobahanura kuko warabatanze kuja mur gouvernement nabo iyo bari urahazi.so courage naho utagiye kworoherwa kuko bazoca bagutoteza kubabareye kigewugewu.mugabo turinyuma yawe kuko ukuri kwama arikumwe ntikuba 2.

  • IGIKURU NUKO ABANYEPOLITIQUE BOKARANA NEZA BAKADUHA AMAHORO

  • VIVE L.UPRONA/ ABASAMBURA IMIGAMBWE NIBABIVEMWO /NTA NYUNGU NIMWE IVA MUGIKENYE/IMANA IBE HAFI Y.ABARUNDI

  • Mushingantahe bonavanture niyoyankana kungingo ahejeje gufata yogusubiza uburongozi bw,umugambwe uprona umushingamateka karori nditije yabonye kwatota igihugu mumanga nakomere kwibanga yongere akomeze ubwiyunge bwum’UMUGAMBWE wa BADASIGANA UPRONA

  • Nta Mugambwe w’abantu batatu. Amajambo Niyoyankana ashikirije, aruta komoka canke kwimanika.
    Kwifatanya n’abandi, nico gikuru abarundi bose dukeneye. Système NYAKURIZATION yatanguranye Buyoya. Kuko kuva na kera, intwaro ntutsi yarwanya ko abahutu bac’ubwenge kandi ntibaje hamwe. Ni akarorero keza Hon. Bonaventure Niyoyankana yerekanye mu kwisubirako agasubiz’ubutegetsi bw’Umugambwe UPRONA Charles Nditije. Ivyo yagiye avuga n’amakosa yakoze, ese vyofash’abarundi bose kwiyunga ku neza z’igihugu. Gusubira burundu muri gouvernement kw’IMPORONA, ntibavyihutire. Bakwiye kubanza gukemura ibintu vyose bibatandukanya imbere ko baja mu matora y’2015. Na kare, Umugambwe wabo wari ugiy’akagirire. Kwirukira mu nzego no gusubira gutora icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, bavyihoze. Kubera ishari n’inzigo biri mu MPORONA, Niyoyankana na bagenzi be basigaye, bace bigira mu yindi Migambwe

  • Ewe Niyoyankana uramaramaye, mugabo ikibi sukugwa ikibi nukurwa ugaherayo. Nizere ko Edouado Ndawimana yize amategeko akayibagira akayitiranya no gucanishamwo abantu,imigambwe, amashirahamwe........... ko atazogusubira. Nakare igiti ntikigukora mu jisho ka biri. Ico dusaba CNDD FDD nuko yomenya ko n’ivyiyumviro vyabo batavuga rumwe vyokubaka igihugu, niyikurako abo bansumirinda nka ba Eduarudo. Igihugu ni catwese.

  • Ewe Niyoyankana uramaramaye, mugabo ikibi sukugwa ikibi nukurwa ugaherayo. Nizere ko Edouado Ndawimana yize amategeko akayibagira akayitiranya no gucanishamwo abantu,imigambwe, amashirahamwe........... ko atazogusubira. Nakare igiti ntikigukora mu jisho ka biri. Ico dusaba CNDD FDD nuko yomenya ko n’ivyiyumviro vyabo batavuga rumwe vyokubaka igihugu, niyikurako abo bansumirinda nka ba Eduarudo. Igihugu ni catwese.

  • none Niyoyankana yararinze amaraso aseseke? ahubwo akwiye kubanza agakubwita nkinkoni ijana yaratukishije abadasigana ariko koyagarutse ntaco azokosorerwa mumuryanga

  • NOHANURA ABANYAMIGAMBWE CANE CANE UPRONA KO BOSABA IBOGOZWA RYA EDUARD IMBERE YA VYOSE HAMA TUMENYE ABARINYUMA YIWE MUKUMUHA AYANDI MABANGA YAGAHEMBO.

  • none kuva aho twari twasemereye yararindiriye iki?canke UbU hoho abaye iki?nabwire barya bari bamutumye batumeko aba demissionye atagisabwe kuko niwe vyavuyeko yongere cokimwe nuko umutekano wabanyegeye edouard we nyene awugwiza kuneza yigihugu namatgeko yo kwiga n ibihe bikomeye twimirije.nabandi bari bafise ivyiyumviro nkawe bateshwe bate.edouard ico kikubere icigwa ubwire jacque asubize rwasa,minani asubize leonce..eka vyanyakuri vyose abifute tugire imigambwe mike ifise abanywanyi,nawe azoba yiyambitse umutamana nka bonaventure.

  • mbeg bababigz nabo baciy biyumvir iki k ahinduy kand aribo bamwishiriye nawe akab abihunduts hahhahhaha nagakin barik barakin

  • oya bacumugani bati tromper un trompeur c’est un double plaisir harya ntawuhenduwahenze. wamusesanguzi natubwire ubu ibikwirikira

  • Mushingantahe NIYOYANKANA urisubije ubushingantahe nukuri ! uranse ko CNDD-FDD ikugira igikoropesho, ikiraro curwanko, uranse kuba imbwa yabo, uranse kugendera mu kwaha kwa NDUWIMANA Eduard, akira umukono kuko urabogoye umuryango wawe kandi ubu ugiye kuryama umutima utekanye, ndagushimiye kandi ko usubije umutamana Umugambwe wa RWAGASORE, urawusubije agateka CNDD-FDD yagomba kuwunyaga, urakubahwa kandi ndakwifurije ko Imana yo kuja imbere ikakurinda abansi !

  • Umudari w’ikimaramare wambaye umututsi yitwa NDUWIMANA Eduard, umudari w’iteka wambaye umututsi NIYOYANKANA Bonaventure.

  • Ehe ibindi 4 mutari muzi: (1)Mw’ikete umutama PETERO BUYOYA yarungitse mw’ibanga rikomeye cane arirungikira NIYOYANKANA amumenyeshako atazamara amezi ane akironogOye UPRONA byatumye aca agira ubwoba ararekura uwo musaraba w’uburongozi. (2) JAKAYA MRISHO KIKWETE yanse kubonana n’intumwa zoherejwe na NKURU ibyo nabyo byateye ubwoba NKURU. (3) aba diplomates bahaye ubuhungiro Nditije na Busokoza babariye Niyoyankana na NKURU ko umuriro bariko baratsa uzabaturira kuko kuwuzimya byobyo ntibarikubishobora (4) Umusaza KAGAME PAUL abicishije mu bajejwe iperereza ryo hanze y’igihugu yahaye 24heurs Niyoyankana kuba yatanze imihoho ningoga naningoga kandi akaguma muri UPRONA murumvako rero PETERO NKURUNZIZA agifite ikorosi rikomeye rya politike none asigaye mw’izinga hagati wenyine. AKARINYUMA KARAHINDA MBANDOGA RUDAHIGWA

  • IPRONA OYE!!!!!!!!IPRONA TERIMBERE!!!!!! IPRONA UMUGAMBWE WA BASOKURU NA BA SOKURUZA NAHO WABAMARIYE KWICUMU kuva 1959’, 1972,1993 NDATAYE CNDD FDD UBU NGIYE MURI IPRONA KUKO NABAGABOPEEE MUKOMERE MUFISE INGUVU ZIDASANZWE

  • natanze iciyumviro ariko mwacanse!!nibaza ko harimo ivyiyumviro vyubaka.

  • Ubona hoza haraboneka abagabo nkabo mugihugu ngira vyozosubira muburyo.

  • ntibibaho, nduwimana narabe akinjure, kuko uwo yariko ashigikira mumakosa, aramuhindutse, muga na niyoyankana ntibamuhe amabanga vuba, nibabanze bamuhane kubona amashure afise hama agakoreshwa nkuko? oya ntibibaho, ntibibaho

  • None vyukuri Edward Nduwimana ubu yiyumva gute?Ntabonako ivyo yemeza Bonnaventure atabuerongozi yashaka ahubwo kwari ukumuhekereza uburongozi?Bimwe ahakana ko ariwe acamwo ibice imi gambwe ubu yovyiregura imbere y’abanyagihugu?Twagomba dusabe bazamutumire kuma Radio aze atange umuco kuvyo yagirizwa cane cane kukiganiro Kabizi gica kuri RPA kugiera natwe tudatuye mu Burundi tuje tumwumve ingene yisigura.Ndangije nshimira Imana yoyo idukunda kandi izi amarira y’abarundi kandi tukizera ko izatwishura

  • Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA ni amaramare(acomeke) kuko yagiye guha umugambwe uwutawukeneye mbaye nka wa wundi "Nyawirarika yabuze impembo n’ingero."

  • Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA ni amaramare(acomeke) kuko yagiye guha umugambwe uwutawukeneye mbaye nka wa wundi "Nyawirarika yabuze impembo n’ingero."

  • Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA ni amaramare(acomeke) kuko yagiye guha umugambwe uwutawukeneye mbaye nka wa wundi "Nyawirarika yabuze impembo n’ingero."

  • Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA ni amaramare(acomeke) kuko yagiye guha umugambwe uwutawukeneye mbaye nka wa wundi "Nyawirarika yabuze impembo n’ingero."

  • Amatwi ansumira avugako uyu mugabo Eduard Nduwimana yamaze gukinjura but not officially ikibazo nyamukuru yibaza ni aho aja yabuze n’umwonga yokwirwamwo hahahaha

  • jewe ndakunda umutama NDITIJE birenze numugabo abushitse adatinya urugamba Adatamikwa ijambo kdi ndipfuza cyane koyotorwa akabandanya arongoye uprona

  • Ariko ayomajambo agaragaza ubugome bwishi muriko murakoresha mubicishije muma comments iyomugiye kuryama canke mwicaye mubagenzi, kukazi nahandi ntimwibazako womengo ntahomutaniye na ....................hu? (zi) namwe nimwumve umuntu arashobora kuvugango umushikiranganji ko yarikwiye kwiyahura!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!???????????????????? nkuwoyandika gurtyo wosanga yozokwiyambika ivyera ngonumuntu ashobora kugirira ineza abarundi birababaje kubona abantu bashaka gutosora abandi wewe amaso yaramaze guhuma agaheriheri.

  • Niyoyankana ahengereye rukamvye aciye akwepa!!!! Muga, jew ntivyantangaje ndamuzi yarabaye Doyen wa ISA (Institut Supérieur d’Agriculture i Gitega). Ahinduka nka ...... http://www.youtube.com/watch?v=KMT1FLzEn9I

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.