Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nsengiyumva Minani Félicien yoba yasabiwe kwirukanwa muri CNDD (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Nsengiyumva Minani Félicien yoba yasabiwe kwirukanwa muri CNDD (...)

Nsengiyumva Minani Félicien yoba yasabiwe kwirukanwa muri CNDD FDD

lundi 2 Ntwarante 2015, par Egide N

Amakuru ataremezwa n’abatwara umugambwe CNDD FDD mu gihugu ca Norvège, ariko yemezwa na bamwe mu bagumyabanga ba CNDD FDD muri ico gihugu, avuga ko hoba hari umugambi wo kwirukana muri uwo mugambwe Nsengiyumva Minani Félicien, uwo nawe akaba ari uwaririmvye ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD.

Umuririmvyi Nsengiyumva Minani Félicien benshi bazi kw’izina rya Marechal Femi de j’Abat yoba agiye kwirukanya vuba mu mugambwe CNDD FDD. Naho impamvu yo kumwirukana ku ngingo yoba idahurizwako na benshi, itaramenyekana, hari abavuga ko yoba agira azire ivyo aheruka gushikiriza ko adashigikira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu gihe yoshaka kwitoza ubugira gatatu.

Nk’uko amakuru dufise abitumenyesha, ingingo yo kwirukana muri CNDD FDD umuririmvyi Nsengiyumva Minani Félicien benshi bazi kw’izina rya Marechal Femi de j’Abat, yasabwe n’uburongozi bwa CNDD FDD i Bujumbura, ikaba izofatirwa mu gihugu ca Norvège aho uwo mugumyabanga asanzwe aba, akazoba ari mu nama y’abanyamugambwe ba CNDD FDD baba muri ico gihugu bazoba bariko barabira hamwe ico boterera mu matora. Iyo nama itegekanijwe kw’igenekerezo rya 14 Ntwarante 2015.

JPEG - 78 ko
NSENGIYUMVA MINANI Félicien mw’ikoraniro ry’umugambwe CNDD FDD mu ntara ya Bujumbura rural muri Nyandagaro 2014

Mu gihe yokwirukanwa muri CNDD FDD nk’uko bivugwa, Nsengiyumva Minani Félicien azoba akurikiye umukenguzamateka Richard Nimbesha aherutse nawe nyene kwirukanywa muri uwo mugambwe hamwe no mu kazi yahora akoramwo muri CNTB, ivyo bikaba vyabaye inyuma y’aho yiyamirije nawe nyene ikiringo kigira gatatu ca Petero Nkurunziza.

Mu makuru ikinyamakuru IGIHE cashoboye gutororokanya, bivugwa ko umugumyabanga Ndayishimiye Japhet Legentil yahora arongoye uwo mugambwe muri ico gihugu, ubu akaba arongoye AIDBU (Action Internationale de la Diaspora Burundaise) ko ariwe yasabwe n’abipfuza ko umuririmvyi Nsengiyumva Minani Félicien yokwirukanwa mu mugambwe CNDD FDD, kuvyumvisha abandi bagumyabanga bo muri Norvège muri iyo nama, bakabona kubishira mu ngiro. Turacagerageza kurondera abatwara umugambwe CNDD FDD muri Norvège hamwe na Ndayishimiye Japhet Legentil kugira bagire ico bavuga kuri ayo makuru.

Tubibutse ko ubutumwa ikinyamakuru IGIHE cakuye ku rubuga rwa Facebook rwa Nsengiyumva Minani Félicien benshi bazi kw’izina rya Marechal Femi de j’Abat buvuga buti : "Uburundi bwacu bwiza bw’ejo uko jewe ndabubona, n’uko ata murundi n’umwe yotwara igihugu ngo arenze imyaka cumi ari ku butegetsi nubwo yoba yatwaye neza, kuko hariho abandi bene Burundi babishoboye nabo nyene bakwiye guhabwa ayo mahirwe. Bitabaye uko kubwanje, Uburundi ntabwo azoba ari umurima rusangi, kandi ako koba ari akarenganyo."

Uwo yaririmvye ururirimbo ruhayagiza umugambwe CNDD FDD avuga ko mu kudashigikira ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, yizera ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi bavuga rumwe, kandi ko ata murundi n’umwe akunda igihugu ciwe hamwe n’Abarundi bagenzi we yobica iruhande, adashaka guta igihugu mu manga. Nsengiyumva Minani Félicien akamenyesha ko ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha bitubahirijwe mu bijanye n’ibiringo bibiri gusa vy’umukuru w’igihugu, ku bwiwe bizoba vyerekanye ko igihugu c’Uburundi atari umurima rusangi, ako nako kakazoba ari akarenganyo uwo muririmvyi avuga ko adashobora gushigikira, ahubwo agahanura avuga ati : "Uwobirengako nawe, yoba arenze akarimbi gashobora kumurenza urugo."


Egide Nduwimana

Messages

  • jewe nizere ko inkuru zica ngaha zose zitaba arizukuri , kko mbona izubaka atari ikirenga . kuki ubu gusambura bifise ikibanza kinini gusumba kwubaka ??

  • Ndakwibarize wewe wiyita Desire! Erega uruhara rw’abamenyeshamakuru si ukwubaka igihugu. Ivyo ni akazi ka Reta. Umumenyeshamakuru ico ajejwe ni ukumenyesha amakuru y’ivyabaye, yaba vyiza canke bibi. Reta niyo ikwiye gukora vyiza kugira abe arivyo bivugwa gusa, none itabikoze abamenyeshamkuru boca bareka kuvuga ibihari? Hama wavuze uti wizere ko amakuru aca ngaha aba atari ayukuri??? Ni ayahe umaze gusanga atari ayukuri? Nashaka ahubwo gutera intege abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IGIHE (Aristide, Floxella, Egide hamwe n’abandi bose). Mukora akazi keza kandi muzi. Turabizera, Imana ibandanye kubakomeza. Abo nabo bavuga mubihoze. Ni abashaka gusiga umwiza. Ivyiza bidahari ntibiba bihari. Ubu butegetsi bwarushe, sitwe tuzobona amatora arageze

  • Wewe Desire, uvuzukuri, kukojewe ndaziko mubihugu bitandukanye hariyo abarundi bamaze guterimbere bishimishije sindumva uwomwanditsi arazwinshinga nokugira avuge ayomaterambere yabo! Ahubwo aturonderera ibibavyabagendeye nabi! Bisigurako ivyo Desire yavuze arukuri.

  • Igihe.bi muri abambere mutanga amakuru yokwizerwa kandi mu Kirundi c’iwacu. Kubwanje mwari mukwiriye kuronka umudari w’abamenyeshamakuru bakora neza akazi kabo. ( Bime amatwi ) !

  • iyo ubunye gusambura rero arivyo biza imbere na wewe uca ubona ko hgezeko haba ihinduka ryubutegetsi kandi na wewe urabifisemwo uruhara. ingo dukore rero buhinduke haze kubaka ubwa mbere. abo bamenyeshamakuru nabo nuko nukuri nuko tudafise uko twobashimira baritanga cane gose ku ku mwanya ku mwanya izina ryikimenyeshamakuru cabo rirababereye cane. kimwe nobifuriza nuko Imana yobazigama kandi ikabarinda igihuhusi iyo kiva hose

  • Hariho umumenyeshamakuru yambwiye ati: Mbe reeta ikoze ivyiza hari inkuru wumvamwo? Ni nk’umuvyeyi akoreye neza urugo. Nico ijejwe. Ngo ariko ikoze nabi niho haca haduka amakuru yo gukebura kugira haboneke umuti. Yongera arantwenza ati mukurondera amakuru urondera ivyabaye bidasanzwe. Ati akarorero imbwa iriye umuntu ntakivugwa. Ati ariko umuntu ariye imbwa inkuru ica iba nyamukuru.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.