IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ntakirahinduka mw’itunganywa ry’ikivuko ca Bujumbura

Ntakirahinduka mw’itunganywa ry’ikivuko ca Bujumbura

jeudi 10 Nzero 2013

Inyuma y’iminsi cumi iheze ikivuko ca Bujumbura gihawe ishirahamwe Global Ports Service ntakintu gishasha kiboneka ko kiriko kirakorwa mwitunganywa ry’ico kivuko nkuko abatari bake bari bavyiteze

JPEG - 118.9 ko

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Global Ports Service ubu ariryo rifise mu minwe ico kivuko ca Bujumbura amenyesha yuko ubu ikiriko kirakorwa ari ugutunganya gushasha ibisata biri muri iryo shirahamwe mu ntumbero yo gutunganiriza neza abanywanyi babo.

JPEG - 24.9 ko

Mwomenya ko abamenyeshamakuru basavye kugendera ico kivuko ca Bujumbura kugirango bamenyeshe uko ibintu vyifashe ubu, ariko bakaba batemerewe. Abarongozi bashasha b’ ico kivuko bakaba bashikiriza gusa yuko bariko bahindura ukuntu akazi gatunganijwe.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.